Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano arwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu akwiye kuja mu (...)
Amasezerano arwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu akwiye kuja mu ngiro
mercredi 31 Mukakaro 2013
Inama nkenguzamateka y’Uburundi nayo yemeje ku munsi w’ejo kuwa gatatu amasezerano ajanye n’amategeko arwanya ibikorwa vyo guhohotera kiremwa muntu no guhungabanya agateka kiwe. Umushikiranganji w’ugufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira Clotilde Niragira yamenyesheje ko ayo masezerano Uburundi bwemeye kwisunga azofasha kwongerereza ubushobozi inzego zirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu nk’umurwi CNIDH (Commission Nationale Independante des Droits de l’Homme) hamwe n’urwego rw’umuhuza w’abarundi.
Uburundi bwemeje kwisunga ayo masezerano yo kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu gihe ivyegeranyo bitari bike vyahora bisohoka vyerekana ko agateka ka zina muntu katubahirijwe, kenshi mbere nk’uko abakubagurwa babimenyesha bikagirizwa abajejwe intwaro canke inzego z’umutekano zitubahiriza akarangamutima k’akazi.
Abanyagihugu bahohotewe kenshi baratinya kwitura inzego z’umutekano ku gutinya ko uwo yabakubaguye yotandukira n’umuryango wabo.
Mu gihe akenshi ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorerwa abanyagihugu bato bato, abo twashoboye kuganira batumenyesheje ko bashima ayo masezeno, ariko bagasaba ko bitogarukira mu nyandiko gusa, ko hojaho ibihano birashe ku batubahiriza agateka ka muntu. Basaba kandi ko uwoba yakubaguye umunyagihugu kubera yitwaje igihagararo ahabwa n’amabanga y’akazi akora, ko yoca abanza guhagarikwa muri ako kazi, gutyo ntatere ubwoba abamwitwarira.
Egide Nduwimana