IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano yo gufashanya mu gisata c’ubutare n’agataka abandanya gushirwako (...)

Amasezerano yo gufashanya mu gisata c’ubutare n’agataka abandanya gushirwako imikono

mardi 26 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Kavakure, yahaye umubonano Quentin Korff wo mw’ishirahamwe ryo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, rikora ivyuma vy’umuyagankuba, hamwe na Hans Ola Haalvelsrud wo mw’ishirahamwe Jacbson Electro Goup wo mu gihugu ca Norvege.

Muri iyo mibonano yose, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, akaba yamenyesheje ko abo bashitsi bose bayaze ku bijanye n’irwizwa ry’umuyagankuba mu Burundi. Kuva aho igihugu c’Uburundi cugururiye ubuserukizi i Oslo mu gihugu ca Norvege, biragaragara ko abarwizatunga bo muri ico gihugu bariko baraza ku bwinshi mu Burundi.

Umushikiranganji Kavakure akaba yabandanije ashikiriza ko imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu yifashe neza, ari naco gituma abarwizatunga bose mva makungu bahawe ikaze. Aha tukabamenyesha ko, umushikiranganji yemeza ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Afrika y’Epfo yifashe neza, ndetse amasezerano yo gufashanya mu gisata c’Ubudandaji akaba yarashizweko ibikumu hagati y’ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri, abarwizatunga bakaba bahawe ikaze.

Amashirahamwe atandukanye, akaba ariko arabandanya gushira imikono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi nayo, nk’uko amakuru ava mu bushikiranganji bw’imigenderanire abimenyesha. Hakaba hari amasezerano aheruka gushirwako umukono hagati y’igihugu n’amashirahamwe yo mu gihugu ca Bresil ariyo ZEST na WEG, aho azokora mu gisata c’ubutare n’agataka. Ayo mashirahamwe n’ayandi yose, akaba ahawe ikaze mu gufashanya na Reta y’Uburundi kugabanya ingorane ziri mu gisata c’Ubutare n’agataka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.