IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike: Ntituzokwemera ibizova mu (...)

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike: Ntituzokwemera ibizova mu matora

mardi 21 Mukakaro 2015

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike amenyesha ko atazokwemera Petero Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu kuva inyuma y’igenekerezo rya 26 Myandagaro.

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye ku bijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu,ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe FORSC Vital Nshimirimana,avuga ko ateye ivyatsi amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku nguvu kandi atembagaza amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro.

Muri iryo tangazo ayo mashirahamwe avuga ko ayo matora aje guhonyanga intwaro rusangi,kandi itarekurira umukuru w’igihugu n’umwe kwitoza ibiringo birenga bibiri kuva kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2000.

Amashirahamwe yishinze guhagarika ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko atazokwigera yemera inzego zose zizova mu matora atunganijwe mu gihe hakiri ihohoterwa kandi atitabwe na bose.

Ayo mashirahamwe arangiza asaba gushira inguvu hamwe mu maguru masha kugira batore inyishu iciye ku ntwaro rusangi mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • wew urareka kumuyoboka ubundi bwo wamwera

  • kweri ndabashimiye komera kumuheto mutama nimwedusigaranye

  • None Ko Mwama Muvuga Amasigara Cicaro Ntimwumwa Ko Ushashaka Kumarisha Abarundi Batobato Batize Nyarutsa Ibikorwa Kugira Abakira Bakire Abapfa Bapfe Hakuguma Bakuramwo Umyumye Kubera Ikiringo Cagatatu.

  • JEWE NDABASHIGIKIYE NIMUKOMERE KUKO ABA D D FD D BARIGUTANGA UWUNDI MUKANDIDA.KUGIRAHABE INTWARORUSANGI KANDI NIHODEMUKARASI YOCIYITSIMBATARA.

  • Rekamvugishe ukuri,Wewe Vital tuvugishije ukuri wewe urimubarundi batigeze biyumvamwo prezida Nkurunziza kuvayaramutswa u Burundi, none kuguma utwibutsa kutazomwemera harikibazo biduteye ubwo nuburenganzira bwawe. Ikibabaje nuko wewe nabomurikumwe mwabonye kobidatosheje kugumarimwebwegusa mutamwemera mugashaka kubihatirira kubandi ngobamwanke kunguvu zanyu, mukongera mukagenda mubihugu bitandukanye mukababwirango hagarika akantukose mwahoramuha abarundi ngokukobarakunda umukuru wigihugu Nkurunziza, noneraba barabumviye barabikoze, ariko igitangazacabaye nuko hahagaritse kudufasha ibihugu 7 tukacatwunguka bindibihugu 14 vyiyemeza kutufasha. Twaraje ntutuzosubirayo namburaribwabimenye bimenye.

  • Komera mutama vital abatari imbonerakure turakwemera ramba ramba mutama udatamikwa ijambo nka rwagasore.

  • Imana ivuze ko mudatinya?mugabo vitari mukamutega2 kandi atanico abamariye nkumuntu avuga ivyoyifondeye ntanivy ’Imana azi naho mwamufashe nkuwuvugiswha n’Imana kand aruwikinyoma,gte? abamwumvirije barishwe nubuhungiro ghama

  • Mwebwe muzopfa muboroga gutyo nyene

  • Azoba Umukuru Wa Nyamitwe Na Nduwimana

  • Ahubwo Nimunyaruce Mugarukire Uburundi Musabe N,amakungu Abafashe Dushobore Kuba Mugihugu C,ubahiriza Harusha Ibwirizwa Nshingiro N,ayandi Mategeko Nayahandi Tugiye Kubahogute?

  • ugorushasti ugomba koturumwesha amasoro

  • raba mutume mumwica kuko urya mugabo yarasaz kand yaraguts!niw az gutwar wenyen?

  • Non ko ayo mashirahamwe atazemera intwaro ya petero nkurunziza,nko mugihe yoba yaraye yizewe n’abanyagihugu bakamutora,ayo mashirahamwe azoca ava mu burundi? nibareke amatora yaraye abaye, baramwemej adutware, baramubogoje naho aveko vyose bizova mu matora tumaze kumenya icayavuyemwo

  • MBEGA ABOMUTAMWEMERA MWISHIMIKIJE IKI?IVYOMUDEDEMBA ,NDYANGO MWATAYE UMUTWE! MWE NIMWE MWIZE AMATEGEKO GUSUMBA ABANDI? ABENEGIHUGU BAMUTOYE NITW TUZOVA HASI TUBARWANYE GUKO MUHARANIRA INYUNGU ZANYU BIVANYE N’UBUFARANGA ABABAFASHA BABAHENDESHA. MWIBAZA KABANYAGIHUGU DUSINZIRIYE?AHUBWO TUZOBAHAGURUKIRA KUMWE N’AMAKUNGU ABASHIGIKIYE MUGUTERA UMUTEKANO MUKE MUGIHUGU. NTAKOMUTAGIZE MURONDERA INTWARO NFATAKIBAZA MUKUDENDEKERANYA IBINYOMA ARIKO ABENEGIHUGU NIBOBACAMANZA BABICISHIJE MUMATORA.BURYA MWE NTANISONI MUFIS! MBE MUBONA MWOHENDA ABARUNDI MUKABASHOBORA KUMENGO MWARATAYE UMUTWE MUTAKIMENYA N’IVYOMUVUGA! MWEBWE MWAGIYE HAMWE NA OPPOSITIO NGOMURONDERE INTWARO Z’AGAHOTORO ARIKO VYARANSE GUKO ABENEGIHUGU TWARABONYE KATAMIGAMBI MYIZA MUFITIYE UBURUNDI N’ABARUNDI KIRETSE KUBUGURISHA KUBWINDA ZANYU.NIMUTESHWE MUTE .MURAZOHENDANE HAGATI YANYU KUMWE N’ABABAFASHA NAYO ABARUNDI ISINZI ATACIZA TUBAZEYEKO MUTUREKE TWIYUBAKIRE IGIHUGU CACU. BANDANYA MUSAMBURA UBWIGENGE BW’IGIHUGU CACU MUGABO SINZI KOMUZOBISHIKAKO.

  • Ntabutegetsi Butava Ku Mana Kandi Azabatwara Kandi Imyaka Itanu Izohera

  • Ntuzovyemera nka nde ?

    Umunwa muremure gusa puu!!!! Erega Uburundi nti bugizwe na vitali gusa .

    Imana ikugarukire kuko ubandanya guta umurongo . Urumva ukarushwa n umunyamahaanga gukunda i GIHUGU ?

  • Urareka kumwemwera. Ubundi se ko mwahenzwe nkurunziza Uzi ko arise azotsinda amatora? Kandi niyayatsinda nabyo ntaco. ESE ko uvuga ari uko AMERIKA ivuze? Ni kugira ubibagize ko mwabahenze bakabaha amaheta yabo mukayirira mubahenda ngo murakora revolution; manifestation yaranse;cout d etat irababanira; intambara yo babatoje intoke; inzibacuho iranka; amatora mwarwanya mutera ana grenade mu banyagihugu munababuza gusinzira n amasasu yanyu ya nijoro biranka; rinda gato AMERIKA ntuyizi CIA izabatutsa amahera yabo VITAL we nabo muri kmwe. Ese ko ubundi NGO ata vyicaro vya politiki muharanira uvuga ivyo nkande n utuyoya rurabona ko mugomba ihonyabwoko mu Burundi n intambara. Nkurunziza azabatwara kandi rindira atsinde ubundi abakosore mwicuze. Muzirabira amahoro n amaraso y abanyagihugu mwatumye aseseka ko ahona.

  • WA sha kura amajambo yu bu baby ngaho ntarusoni ugira ugira ngo mu gihugu cuburundi niwuhaba we nyene shaka nawe uhunge Namba utahunze urabeko azobura abatwara Kandi wew utayemeye twe tuzayemera

  • Ntawo twemera ikiringo ciwe caheze nagende kurima ingozi. Twamuhaze komera mutama vital

  • erega abatutsi nikobavuga ntibere kwa intwarozabahutu mugaboturi kumwe twese turiabarundi azotwa ra mumaramare nayomokoyanyu ukomugana ahugumawasama

  • kura ayo manwa ngaho ninde yagusavye ngo umwemere ko abatutsi uvugira ataco bagutore

  • mureke abatware kandi azobatwara murorera abavyanka muburyo ataribwo azobavugutira umuti nkuko yabibabwiye.

  • Peter twamutoye kandi turamwemera,abo batamwemera mwitonde turabona iyo mugana,ntimwibaze ngo ni ndadaye,kuri pustch manqué mwaradutunguye tuguma turi calmes,ntimwibaze ngo hamwe mwokwihenda hakagira ico aba ,muce mwibaza,nimba kuri ndadaye vyagenze ukuraho,ibaze ubu,imana niyo izoca urumbanza,ubu twese turi abacunzi b’igihugu na perezida wacu,mukihenda,abamugwanya bose ,ntaco mvuze.......

  • Mwishinga mushira Abana b’igihugu mu rumogi,mw’ibarabara no mw’ishamba mwibazako hari ico bizovamwo!Reka sha twarabahinyuye,

  • AYomashiramwe tuyari inyuma.nivyo turaziKo imvugakuri zamazibizira mugabo hagupfira mubinyoma wopfira mukuri!Kandi urekakurwanira umweko wanyoko icumury,aso rikagenda ubona!!

  • jewe ngomba mbaze vital mbe vita aho ww wiravye ubona usumba isinzi ryabenegihu bamutoye?ntiwibona tu bubanza ubaze umutima nama imbere yukuvuga rindira gato hew umwemere ntumwemere azobatwara tu ubwonubwoba kuvyomwakoze ihane mugabo!!

  • Vital, Pacifique, Please. Claver. Mwibuke amajambo mwavuga murungika ibibondo mw’ibarabara kwiyahurira ku nkoho na za lacrymogènes. Mwababwira ko imisi basigaje ari mike ugereranije niyo bamaze kugira Nkurunziza abe yahenutse. Ubu rero korosha ubwenge mu menye ko vyabatekurukanye. Ehe reba, manifestations vyaranse, coup d’état iranka, amatora yose araheze, none ubonako mushoboye iki? Ubu naho mugira mubarohe mu ntambara. Kandi mu vy’ukuri murazi ko kuyitsinda bidakunda. None ubu mwirukiye mu bihuha bitagira mvura. Mwibaziki? Ingwano ntikunda. Kandi nimba mwavuga ko abarundi benshi babumva, si vyo. Raba taux de participation aux élections. None muri 70% mwebwe mwanka 3 ème mandat? Abarundi ntituri ibijuju. Ubwenge mwakoresheje muguhenda Rwasa, ni burya nyene. Teshwa mute. Igihugu ntikikiri mu nda y’ibinywamaraso. Uko mwagize Ngeze, niko mushaka kugira Rwasa na ba Léonard na ba Niyombare. Abo bahutu b’ibihemu batazi iyo bavuye. Teshwa mute.

  • Sinarinziko hakiri abarundi bakunda kuvuga gusa ubahamagariy ibikorwa bikabananira uwo ni kaka bone nanje nti amatora yareye yeretse abarundi bamwebamwe kwataco bamaze mbabajwe nabahutu bamwebamwe baguma bishinga abatutsi abo ntakindi atarukubata murudubi

  • yewe abapfuye nibenshi bamubuza kwitoza,ubu rero arinze atorwa n’abanyagihugu ni mwinumire kuko bilan yanyu iri muri negatif kuko azobatwara mukanuye abandi muvuga gusa. nine ko sentare ya EAC yavyemeye ko afise uburenganzira bwo kwitoza, indorererezi za EAC zose zikaba zamaze kuvugako amatora yagenze neza,kandi aribo babanyi bacu mwumva ivyomurimo bitariguteturuka.

  • yewe abapfuye nibenshi bamubuza kwitoza,ubu rero arinze atorwa n’abanyagihugu ni mwinumire kuko bilan yanyu iri muri negatif kuko azobatwara mukanuye abandi muvuga gusa. nine ko sentare ya EAC yavyemeye ko afise uburenganzira bwo kwitoza, indorererezi za EAC zose zikaba zamaze kuvugako amatora yagenze neza,kandi aribo babanyi bacu mwumva ivyomurimo bitariguteturuka.

  • AYAMASHIRAHAMWE BAVUGA NGO NTANYUNGU ZA POLITIQUE ARIKO AKABANDANYAHINYUZABARUNDI BATOYE,MWOSIGURIRA?NAMBA YITIRIGWA IVYO BAVUGA BARI? NOHO ABARUNDI TWARAMUTOYE.NATWARE TWIRONKERAMAHORO.BARUNDI NTAMUNYAMAHANGAZOBAHAMAHO ATARITWEBWENYENE TUYARONEYE,KUKO NABONYENE BISHAKIRINYUNGU ZABO.

  • AMASHYIRAHAMWE ATWIKA ABANTU KUMANYWA YI IHANGU NIYO MWATEGERREZA KO A CONFIRMER LE.PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE!?

  • uwo yiyita nzeyi nawe umuti wogufata sha ba witondera ivyisi kandi buraca bugaca aayandi

  • Ayomashirahamwe Ivyavuganivyo Kukomwibwirizwashingirontawurekuriwekurenza Ibiringobibiri Azobagombakurihonyanga

  • Urashaka ureke kumwemera nakare ntiwamutoye! Twebwe isinzi ry,abarundi twamwitoreye izuba riva tuzomwemera tugireko tumuyoboke! Namwe muzopfa muyerera nka Kayini

  • Twarabonye koko ko mutaharanira ivyicaro vya politique, hanyuma mugashaka gutembagaza ubutegetsi ,mukaba abambete muri coup d’ état yabananiye izuba ryaka, ahubwo sinzi igituma ubutungane butarakurengutsa imbere y’ intahe.

  • uwikoreye ibihunda arumva ariko uwikoreye urupfu ntiyumva!mbega yemw umuntu avuga ko aseng’Imana yo mw’ijuru koko arakomantaza umutima kugeza naho akengera isi yose?haaa!emw ivy’ubu nivyo kwitonderwa pe!!!

  • Amaraso y,abahutu batwitse nimipine niyo ari kumuvugisha . Yarahahamutse kubera gutwikisha benshi none asigaye aruka ngo aravuze.. Nkurunziza yatowe nabanyagihugu kandi bazomwumva. Naho uyu mugabo nakomeze yangare aho yihishe mu RWANDA. Gusa bizarangira Rukarabankaba KAGAME abiyiciye dore ko iyo bigeze kukunywa amaraso atavangura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.