Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe amwe amwe, imigambwe imwe imwe yifatiwe mu gahanga na Juma (...)
Amashirahamwe amwe amwe, imigambwe imwe imwe yifatiwe mu gahanga na Juma Saidi
samedi 17 Nzero 2015
Mu myiyerekano yo gushigikira igisirikare c’Uburundi, mu gisagara ca Bujumbura ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye barimwo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Mw’ijambo ryashikirijwe na Juma Saidi umukuru w’igisagara ca Bujumbura, umwanya umwe akaba yavuga ko ico gitero abakigize bataramenyekana, uwundi mwanya akiyamiriza abari mu migambwe imwe imwe hamwe n’amashirahamwe amwe amwe avuga ko ataho yegamiye mu vya poritike, ariko bibonekako ashaka gushikira ubutegetsi ku nguvu, ndetse akavuga ko ari inyuma y’abateye Uburundi.
Muri iryo jambo rya Juma Saidi, abakunda kuvuga ibitagenda neza muri iyi ntwaro ya CNDD FDD, bakaba basa n’aho aribo yagumye yifatira mu gahanga. Muri ivyo birori kandi vyari birwiriyemwo abatwara amakinga, amapikipiki hamwe n’urwaruka bikaba vyamaze umwanya muto cane, baca baja mu bikorwa rusangi.
Amakomine yose y’igisagara ca Bujumbura yari yahuriye ku cibutso c’ukwikukira kw’Abarundi indirimbo z’ihayagiza umukuru w’igihugu akaba arizo zavyinywe gose, ico cibutso naco kikaba cari gicunzwe bimwe bikomeye n’abasirikare barimwo abaporisi.




Aristide Nizigire
Messages
17 Nzero 2015, 12:06, par Yohani
17 Nzero 2015, 14:02, par Nzojiyobiri
Ivyuburundi nurudubi,kobavugango biyamamaje kubwivyabaye mu cibitoke,batavugababikoze,nuguhumamamaso abarundi ariko vyose bizomenyekana
17 Nzero 2015, 14:14, par C
ivy’uburundi biratwenza pe,biyamirije bande?BURAKEYE UKURI KUZOJA AHABONA,Umugani wawamuririmvye bati "BAZOJUGUJUGUMIRA"bitebebitebuke bizomenyekana abateye abaribo.
Kw’isanganiro uwahoze mugipolisi hama akorerera SNR yishikanye le06/01/2015 afise 2 fusils et motolola ngo simvuga nakimwe ntabonye aba chefs(Adolphe
17 Nzero 2015, 15:57, par tharcisse
Ivyuburundi nakumiro pe!bariko baragira za mitingi ngo bariko biyamirizaabateye uburundi!ni bande bateye?we wokwiyamiriza abo utazi!nibareke guhuma amaso abarundi namakungu kuko birazwi ko zari imbonerakure zari zivuye muri congo,nicogituma badashakakuvuga abateye uburundi abaribo.nubwambere haba ibintu nkivyo kuva uburundi bwabaho!iyo politique irashaje cane bakoresha.nagire agende abarundi turabe ko tworuhuka,bitebe bitebuke ivyo peter ariko arakora nakarwi gato barikumwe bizotinda bije ahabona,hasigaye umwanya muto ijoro rigaca.
17 Nzero 2015, 17:14, par CIZA
ABAHINGA BAZI GUHARURA BAMFASHE DUHARURE ABOBANTU BAJE GUSHIGIKIRA ABATSINZE URUGAMBA.VYUKURI MUGISAGARA KIZIMA CA BUJUMBURA HAJE ABO?
ABA TAXI VELO BANGAHE?ABASODA N’ABAPOLISI BAJEJWE UMUTEKANO W’UMUKURU W’IGIHUGU BANGAHE?ABAJEJWE PROTOCOLE BANGAHE?HAMA ABANYAGIHUGU BASANZWE BANGAHE?SHA CNDD-FDD IRATAHA NUKURI.BASHATSE KWEREKANA INGUVU BASIGARANYE MAIS BIMARAMAJE NUKURI?BARYA BARUTWA NABAMWE BAJA GUSHIGIKIRA MBONIMPA KURI PARQUET.
17 Nzero 2015, 17:56, par Nuwera
Nezacane Imana ibahezagire kubona mufazhumwanya wokwiyamiriza abateye cibitoke kandimukongera mugakeza igisirikare cahagaze magabo kugira abarundi batabangamirwa nabobasi bu Burundi mbere ikivyemezako abasirikare arabogukezwa baremeye urusasu rwariruraswe ngorwice umunyagihugu bararwitega kugira jewe munyagihugu nkire uwutobashima yobatazi gushima! nonegayemwe uwomuntu yoterwakamo ngwajemwibarabara gukeza uwomusirikare akanka yobamezegute? Canke ikibaza mwomuha cobikihe? Abasirikare bu Burundi barateyiteka uburundi vyukuri! Raba hagize abatera u Burundi bakorikikomeye, bangiyegufasha ahovyagoranye kurwegompuzamakungu bakoribikomeye!
17 Nzero 2015, 21:09, par None?
Uwufatamapfoto umukuruwigihugu afatameshi kugira niyabonamwo iyoyapfotoye igahurirana nuko yarikubisingohe akabonekana nkuwusinziriye ayireke kuyikoresha acareba iyibonekaneza abariyo akoresha ariko ngaha ndaziko batihenze bahisemwo iyobafotoye bihurirana nuko akubisingohe icibonekaneko yarihumirije niyobaciye bashirako kandimuvyukuri ndaziko mwicokibanza yaririmwo bahafatiye amafotomeshi. Ntivyoroshe gose ariko kubamutamutoye mucemwongera muvyerekane muvyomukora komumwanka?.
18 Nzero 2015, 00:45, par ndumiwe pe
nukuri ahubwo nukuja kumavi tugasengera uburundi kuko ndabona butera buja mukure ubu isoko bararyivuganye abantu bamariye mumunyororo none ubunaho batanguye kwica abantu bavuga ngo hari abateye uburundi kandi ari ugwaruka rwabo none bene kwica abantu nibo batanguye kuja mwibarabara basha ndumiwe pe nkurunzinza wacu nagatangaza niba atari kuraga
18 Nzero 2015, 01:25, par BODUIN NZIZA
ABANTU BARI BAKWIYE KUREKA KWIGIRA ABACAMANZA?MU BURUNDI NTABUSIMBIRAHAMWE BUGIKENEWE.HARI LETA YATOWE NABANYAGIHUGU KANDI YEMEWE NAMAKUNGU.
18 Nzero 2015, 11:11, par mayukarenova
aba cndd-fdd mubatahure kandi gutwara ningabirano