IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe ane yagirizwa urudandazwa rw’abantu yahagaritswe

Amashirahamwe ane yagirizwa urudandazwa rw’abantu yahagaritswe

samedi 25 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe ane yo mu Burundi yari yavuzwe mu matohoza y’igiporisi c’Uburundi ko akora urudandazwa rw’ukurungika hanze y’igihugu abagore n’abigeme yahagarikiwe ibikorwa vyose. Umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura asaba ayo mashirahamwe yahagaritswe ko yokorana n’igiporisi kugira abo bagore n’abigeme bagarukanwe mu Burundi.

Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni Royal Services, International Recruting Company Services, Burundi Recruting Agency , hamwe na Burundi General Services .

Amatohoza yakozwe n’igiporisi c’Uburundi ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu yerekanye ko abigeme n’abakenyezi 267 aribo bamaze kujanywa hanze biciye mu nzira z’urudandazwa rw’abantu. Abantu indwi bagirizwa urwo rudandazwa bakaba bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA.

Igiporisi c’Uburundi giheruka kwerekana bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa. Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, inyuma y’amatohoza yakozwe n’igiporisi, hafashwe abantu indwi bagizwe n’Abarundi batatu hamwe n’abanya Kenya bane, hamwe n’amashirahamwe 11 akora urwo rudandazwa. Muri ayo mashirahamwe, ane akaba ari ayo mu Burundi, ane yo muri Arabie Saoudite, amashirahamwe abiri yo muri Oman hamwe n’ishirahamwe rimwe ryo muri Kenya. Ayo mu Burundi akaba ariyo yahagarikiwe ibikorwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.