IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe arwanya ubuzima buzimvye agiye kwitwarira Reta y’ (...)

Amashirahamwe arwanya ubuzima buzimvye agiye kwitwarira Reta y’ Uburundi

mercredi 11 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amashirahamwe arenga 1300 ari kumwe n’amasendika ahurikiye muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye, agiye kwitwarira Reta y’ Uburundi, kuko ihohotera amategeko y’akazi mu gihugu, kubera agatotezo kakorewe abitavye akamo ko guhagarika akazi.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, ayo mashirahamwe n’amasendika bavuga ko batangazwa n’abakoresha bamwe bamwe bariko baraburabuza abitavye yegereyegere yabaye ku munsi wa kane uheze. Uwa mbere mu bariko bakora iterabwoba, bavuga ko ari umsuhikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa ,aho mbere yandikiye urwandiko inani z’amasendika COSYBU na CSB ko yegereyegere itakurikije amategeko. Bakavuga ko bibatangaza kuko bari bamwandikiye urwandiko rubimumenyesha ,ngo kira noneho amategeko mpuzamakungu araha ubwo burenganzira abagize amasendika.

Muri ayo mashirhamwe batanga uturorero twa bamwe mu giporisi co mw’ibarabara ,abarongoye ibirindiro bateye ubwoba bamwe mu bunguruza abantu . Batanga kandi uturorero two mu Ruziba aho abadandaza bitavye akamo bamaze iminsi ibiri yose babujijwe gukora n’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD. Mu bakozi ba Reta naho nyene ntibasizwe inyuma muri iryo terabwoba nko mu ri mutuelle abakozi barenga 20, muri kaminuza y’ Uburundi abashika indwi barandikiwe amakete , n’ubuyobozi bujejwe ibikorwa aho muri kaminuza , kw’ishure Lycee du lac Tanganyika, muri sendika SYNAPA aho uwuyirongoye amaze igihe atererwa ubwoba, hamwe n’abakozi bahurikiye muri sendika SYMABU batanguye gushwiragizwa bahindurirwa aho bakorera.

Mbere babandanya bavuga ko hari amanama amaze iminsi aguma aba mu ntumbero yo gutera ubwoba abo bose bitavye akamo bari batewe n’ayo amshirahamwe n’amasendika, aho mbere ku munsi w’ejo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yakoranije abatwara abantu n’ibintu, ababwira ko bahemukiye umugambwe uri ku butegetsi mu gukurikira abagumutsi.

Tubamenyeshe kandi ko abo bari muri ayo mashirahamwe basubiye kwandikira ikete umukuru w’igihugu. Ayo mashirahamwe bakagira bati: Tutaronse inyishu mu gihe categekanijwe ,umukuru w’igihugu agahagarika rya tagisi ry’amafaranga miringo ine n’abiri ku munota , akongera agashira igitoro ku mafaranga 1700 kuko no kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse , akongera agahagarika ibihano n’iterabwoba biriko bikorerwa abo bose twadondaguye , tugiye gukora ico cose turekurirwa n’amategeko.

Ku kibazo cerekeye ko Reta yasubiye kugabanya igiciro c’igitoro, ku bw’ayo mashirahamwe n’amasendika, Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, rimwe mu mashirahamwe ari mu rurwo rugamba agira ati: Ntaho barashika kuko Reta y’ Uburundi iguma inunuza umunyagihugu gusa, ni bakigabanure gishike n’iburiburi ku mafaranga 1700 kw’iritiro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.