IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC : "Itegeko rigenga imyiyerekano Edouard Nduwimana yarigize icibare (...)

FORSC : "Itegeko rigenga imyiyerekano Edouard Nduwimana yarigize icibare ciwe’’

mardi 20 Nzero 2015

Amashirahamwe ataho yegamiye mu Burundi, amenyesha ko yakuye icigwa mu myiyerekano iherutse gutumwako n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri iyo myiyerekano yabaye kuri uyu wa gatandatu uheze yari yitwabwe ndetse n’umukuru w’igihugu, mu majambo yagiye aravugwa bikaboneka ko amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike yatunzwe agatoke. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko mu botungwa agatoke batarimwo, kuko atabirwanisho batunze, ndetse atan’iciyumviro c’indwano umwe mu bo bari kumwe muri ayo mashirahamwe afise. Ariko agatangazwa n’ingene bo, imyiyerekano yose bagiye barategura kandi bayimenyesheje yaburabujwe, ndetse rimwe rimwe ikitwa imigumuko, canke umushikiranganji Edouard Nduwimana akayibuza atakintu nakimwe cisunzwe, ariko Imbonerakure za CNDD FDD canke abashigikiwe n’umushikiranganji, bakaba bagira imyiyerekano, bacungerewe, ndetse nko mu mugambwe uri ku butegetsi ho, bagashwara n’imitumba yose bari mu myiyerekano.

Muri urwo runani ruhurikiyemwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bakavuga ko mu myiyerekano yabaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nzero bahakuye inyigisho zitatu. Ubwa mbere, Vital Nshimirimana avuga ko kubona umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaritavye iyo myiyerekano, vyaberetse ko bwabundi nawene amaze gutahura ko uko ashikiriza ivyiyumviro bidahagije, imyiyerekano ikenewe.

Ubwa kabiri, abarundi n’amakungu bakaba baratahuye ko bwabundi itegeko rigenga imyiyerekano umushikiranganji arisoma uko ashatse, akaba yarigize nk’akibare kiwe. Abari bamenyereye rero kwama barinda kumusaba impusha, bashatse bakava inyuma, mu gihe abagira imyiyerekano kenshi atakibakakaje, ari ba soma mbike biwe. Ubwa nyuma, iyo myiyerekano, aho yabaye nka hose, ikaba yaciye ihindukira ukwiyamamaza kw’abari muri CNDD FDD, aho uwateye igihugu kugeza ubu ataravugwa, ariko bamwe nk’abari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, bakaba bamaze guhagarikwa.

Mukamenya ko muri urwo runani bamenyesha ko n’urubanza bari baritwariye Juma Saidi umukuru w’igisagara ca Bujumbura igihe yabuza imyiyerekano yo gushigikira Petero Karaveri Mbonimpa, rusa n’urwabitswe n’abacamanza bo muri sentare ica imanza za Reta, ariko bakavuga ko inyuma y’amezi hafi indwi, batazoruheba, bazorubandanya, n’aho uwaburanira Saidi Juma we yerekana ko ivyo basaba bitagifise agaciro, kuko Mbonimpa Petero Karaveri yarekuwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uyumuhungu’iyatavugiy’abarwanyi ntaburivyabarajejemba mbegantiharagerak’ahamagazimyiyerekano’yokwiyamirizabish’abarwanyi’biwe

  • Emera wubahe inzego FORSC hama uvavanure no kurwanya leta.
    Canke wiyamamaze turabe amajwi woronka!!tekereza wirire imfashanyo mumutekano

  • Emera wubahe inzego FORSC hama uvavanure no kurwanya leta.
    Canke wiyamamaze turabe amajwi woronka!!tekereza wirire imfashanyo mumutekano

  • NONE AREKE KUKI BANKA IZINDI MANIFESTATIONS ???MBE WASANZE ZAJEMO BANGAHE ???,,BITERE BONGERE NGO TUJE MW IBARABARA>>?????BARAHENDA MWEBWE MURI IBIJUJU MUHEJEJ KUVUGA..MBEGA UWUNDI ATARI DD KUKI MWIBAZA KO MWABOSHE ABAHUTU NGO NTIBATORE ABANDI????MBE MWIBAZA KO ARI GUSHIKA RYARI??MUZOTANGARA KUKO NABO UBU BARABONA,,MBE MWITWAJE IKI IYO U RWANDA RUBARENGANA MUBARUSHA VYOSE???

  • Ariko abo bantu birirwa batera ugwamo baraziko iyi reta yitorewe n’ abanyagihugu ,jewe nabahanura kurindira igihe nicagera biyamamaze nibotogwa bazohindure ivyo bintu, ico mwomenya ni uko ibi vyose Ari ingaruka za amabi mwomaze imyaka ni myaka mukorera abantu, rero ivyo mwananiwe gukora mu myaka myinshi mwomaze mutwara, muragira ngo abandi babikore mu mwaka umwe,nimusigeho muribagiye abanyagihugu mwirirwa murica izuba Riva, narahunze nkiri muto ariko narabonye vyinshi ,murakoze

  • @john nyaguhugana nanyoko kumutwe vital niwe yagutumye uhuga ??abahuga ubu bagana gute vital atuma bahuga??abicwa ubu,ni vital ?abafugwa ni vital ???urabaza nyoko ko yaribwabone kuva uburundi bubaho umurundi atarya??atagira aho arara???

  • Nwari, uko biboneka nta bwenge ugira, iyo umuntu asomye ibintu wandika biraboneka ko Uri ikijuju, kitazi gusesengura ivyo gisoma, iyo bakubarira ko izo ngaruka ziva kuvyo mwamaze imyaka mukora , nako kajagari mwirirwa mutera,uzobandanye uravuga ivyo bigambo uzorinda ufya ntaco urageraho.

  • UYUMUNTU NWARI AVUZENABIGOSE! KUKO NTIVYARIBIKENEWE KO ABWIRA UWANDITSE MWIZINA RYITWA JOHN NGO" ARAGAHUNGANA NANYINAWIWE!!! IVYOVUINYENE NDAKUBWIRAKO ARUMUZIGOWIKOREYE WEWE UBWAWE UREMEREYE UZINAGUKWEGERA IMIVUMO IKOMEYE GUSUMBA IYUSHIRA KURABOBA DD

  • yari yarabuze ingene yosubira kuvuga ibimaramare vyari bimurembeje aho yavugira abicanyi agaterwa ivyatsi na bose,...

  • Ba musonera inzego Vital atwagwa numukuru wigihugu. Ubaha umukuru wigihugu mube mureka kuvuga ayamuhe kuko aracadutwara niwe sebarundi kandi adutwaye neza cane. Reka kugora abenegihugu basha bikorere utwabo intambara twarayisezereye uwuzoyitangura izohera iwe iherere iwe ubu si bimwe vya kera abantu bajanwa ku macuniro nkibikoko.
    Reka harageze amatora abamaramaze basha CNDD-FDD bashira Imana imbere reka biyongere intsinzi. Bob nta gasho ndamwipfurije kugumamwo kuko karabishe nasabe ikigongwe aveyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.