Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe PAM na FAO agiye gushira inguvu hamwe mu gukinga (...)
Amashirahamwe PAM na FAO agiye gushira inguvu hamwe mu gukinga impanuka
jeudi 24 Nzero 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe infungurwa kw’isi PAM hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba uburimyi n’ubworozi FAO ngo agiye gukorerahamwe mu mugambi wo kwagura imihora gushika ku mitumba.
Ayo mashirahamwe azoshira inguvu hamwe mu mugambi w’igihugu wo kwegera abanyagihugu mu ntumbro yo gukinga no kugabanya impanuka kuva ku rwego rwo hejuru gushika ku mitumba.Ivyo bikaba vyafundikiwe mu ruganda rwari rwatunganijwe na FAO rifadikanije na PAM mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene bo kinga bakongera bakagabanya impanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe canke ibindi.
Izo mpanuka rero ngo zikaba zibangamira uburimyi ndetse n’ibifungurwa kuko bituma umwimbu ugabanuka,nk’uko bishikirizwa na Fabien Ndayishimiye arongoye uwo mugambi wo kurwanya impanuka ku rwego rw’igihugu.
Marie Van Naris