IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru arahakana ivyagirizwa RPA

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru arahakana ivyagirizwa RPA

mardi 18 Ntwarante 2014

Inama nkuru y’umutekano iratera ivyatsi ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yagirizwa gusasira indava abahungabanya umutekano, aho bagatanga akarorero k’insamirizi RPA yashikirije amakuru y’ikibiriraho (en direct), ku genekerezo rya 8 Ntwarante, umunsi abanywanyi ba MSD bariko batana mu mitwe n’abaporisi. Mu mashirahamwe y’abamenyeshamakuru bavuga ko ivyakozwe n’insamirizi RPA ata kosa na rimwe ririmwo, ahubwo ko iyo biba bishoboka, kuri urya munsi, ibimenyeshamakuru vyose vyari gukora nka RPA.

Général de Brigade, Ildephonse HABARUREMA yagiriza RPA ko yagumuye abanyagihugu mu gushikiriza ikibiriraho (en direct), intureka zariko zibera mu Kinindo, ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2013, hagati y’abaporisi n’abanywanyi ba MSD, ku ngoro y’uwo mugambwe iri mu Kinindo. Mw’itangazo inama nkuru y’umutekano yasohoye, bavuga ko ayo makuru ata yindi ntumbero yari afise atari ukugumura abanyagihugu, ari nakwo guca basaba ko urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi, ko rwosubiza ku murongo ivyo bimenyeshamakuru.

JPEG - 18.5 ko
Innocent Muhozi arongoye OPB (Observatoire de la Presse Burundaise)

Mu mashirahamwe y’abamenyeshamakuru bariyamiriza ivyo insamirizi RPA yagirizwa. Kubwa Innocent Muhozi, arongoye OPB (Observatoire de la Presse Burundaise), urwego rujejwe guhanurana n’ugukurikirana ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru, avuga ko insamirizi RPA yatanze amakuru y’ivyariko biraba, mu kuyatanga ikibiriraho kugira abanyagihugu bamenye ivyariko birabera mu Kinindo mu gihe ari n’uburenganzira bwabo. Nk’uko muri ayo mashirahamwe babimenyesheje, inama nkuru nkuru y’umutekano yari ikwiye ahubwo guhagurukira izindi nsamirizi zikora ibiruta aho, mbere rimwe na rimwe zishikiriza ibinyoma.


Egide Nduwimana

Messages

  • nimukosore ni le8 ntarante2014 au lieu en 2013 mugomba kk kuba DD uravyukugene bacurikamategeko bobifatiraho ko petero ataraheza ikiringo uzininge womengo igihugu bakigizizitongo ryabase.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.