IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yigenga ntahuza n’umurwi CNIDH ku gitigiri c’abantu (...)

Amashirahamwe yigenga ntahuza n’umurwi CNIDH ku gitigiri c’abantu banyurujwe

mercredi 31 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi avuga ko ata munsi wijana hatavuzwe umuntu yanyurujwe mu Burundi, akaburirwa irengero. Ibitigiri ayo mashirahamwe atanga ntibihuye n’ibitangwa n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme).

Kuri wa 30 Myandagaro 2016, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe ababuriwe irengero, umunsi washitse imiryango myinshi yo mu Burundi itazi aho abayo batwawe.
Mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bavuga ko hari imirwi itatu y’abanyuruzwa mu Burundi : abafatwa mw’ijoro, abafatwa ku murango izuba riva, hamwe n’abava muhira bagiye mu mirimo itandukanye, ariko ntibatahe.

Mw’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) bavuga abantu baharurwa mu bihumbi bibiri aribo batazwi irengero ryabo kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, iryo shirahamwe rikamenyesha ko ico gitigiri kibandanya kuduga, kuko ata munsi wijana umuntu atanyurujwe mu Burundi. Mu matohoza ya APRODH bakavuga ko abajejwe umutekano hamwe n’abakorera igendereza batungwa agatoke muri iryo nyuruzwa ry’abantu, ivyiyamirizwa n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme).

JPEG - 24.7 ko
Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH

Umurwi CNIDH uvuga ko abantu 19 aribo bamenyekanye ko baburiwe irengero mu mwaka w’2015, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye uwo murwi ariko akavuga ko no muri uwu mwaka w’2016 hari amakuru yabashikiriye y’abantu baburiwe irengero, iryo shirahamwe rikavuga ko rimwe na rimwe ritaronka ibimenyetso vy’ugutohoza.

JPEG - 115.5 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)

Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko mu matohoza umurwi arongoye wakoze, basanze ata cagiriji na kimwe gifashe gihari, cerekana ko abajewe umutekano canke igendereza boba baranyuruje abantu.


IGIHE

Messages

  • ABAVUZE KWO"IBIJUJU BIRAPFA NTIBIHONA"NTIYIHENZE PE!!UYOMUJERI AGIRA MUKWAHA KWA SATANI NKURUNZIZA MUBONA IVYO ADEDEMBA AFISUBWENGE BUKWIYE CANKE YABWIBAGIRIYE MUKANYINA?IWACU MURI KOMINE NTURUKAMWO ABONZI GUSA BANYURUJWE NIGIPOLISI CIGENDEREZA BARARENGA 100 NONE WE IVYO YABIKUYEHE NYAKUGWA MUMANGA?SHA NUKO ATARABIKOREGWA MUBIWE TWORAVYE KWIVYO YADASHWE YOSUBIRIYE KUBIDAHWA UWO MUJERI WIKIJUJU.

  • baribonekeza uragapfa wihambe uriko udutamba kumuvyimba wa shetani we twebwe impfuvyi nabapfakazi uragagpfa uko uriko uvuga ko atabantu banyurujwe nigisoda nigipolisi, jewe umugabo wanje yatwawe na commandant wi kampi ya camp muha , major pascal minani amukuye munzu ataco amuziza niyisaha ntawurasubira kumukibita ijisho none uriko urahakana ivyo numwana muto abona , ahubwo sinumva nababitura kuko ntaco mumaze kandi abantu benshi barabidogera, rya ayo mahera mugabo umenye ko ivyisi bihera kandi isi izinguruka!!!!!!

  • Uyo murwi cndih ntiwigenga kuko utorwa na cndd-fdd.Bavuze ivyo cndd-fdd iterekwa boca babamanikira imbabura. Umengo siho bari icobajejwe nugukingira ibibanza vyabo sinon baryogoye ibihangange vyaba Généraux dd vyoca bibatuma iperereza icokwirikira ntawukiyobewe. Nibirire bahore ariko Mbonimpa, Pacifique, Rufyiri na Vital ntibazotamikwa ijambo ngo bavyemere.Inyuruzwa mu Burundi riri kugatwe ka SNR et il semble que les gens de la province cibitoke n’ont pas de pitié.

  • Iyokomine ni iyihe?
    Abantu ijana numutumba wose!
    Duhe umuco kuriyonkuru wanditse

  • Har’ico ntaramenya: kuki ikinyamakuru cacu "IGIHE.COM" kitubuza kwandika ibitutsi, ariko abantu bakavyandika, kandi kikabitangaza? reka muge kur’ibi bitutsi abantu bahejeje kwandika batuka Baribonekeza. Uko mukomeza gusohora ibitutsi, niko bikomeza kuboneka ko mufise ico mushaka gushokako, mukaba mupfanye ishavu n’agahinda! Ko mushaka kugereka amabi yose ku butegetsi, none ikitwereka ko mweho ata ruhara mufise mw’inyuruzwa ry’abo bantu n’ikihe? Amajambo y’ibitutsi mwandika arerekana 100% ko mur’abansi b’igihugu.

  • ntamuntu abiz nkabo bari hanze barabibon?

  • Izina niryo muntu ni Baribonekeza,asha nturaye kabiri, rindira, none ko tugufise aho ucaracara hose, tutakupiga

  • JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA MENIBWA

  • JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA JEWE ICOHANURA ABOBARONGOYE AYOMASHIRAHAMWE NIBAHANURE BAREKUVUGA KUMYURUZWA BAMENYE HARUBAJANA ACOYAKOZE UMUNTUWESE AMENYEKO ATAKUJAGANYA WITAYEMURUZI RURAKUMANURA RETNIRE NIYOWONDE USAZE NGONUKO HARABAZIKUVUGA BIBABIKURABA ABAVUGAMUSAZAMUVUGA URAJA KUMUZINGAWINZUKI UTAWEGETSE UREBE UKUNTU ZIKURYA MENIBWA

  • Ndabasavye, abashikiriza ivyiyumviro bose bagire urufpasoni.. ututse umuntu ngo n’ikijuju, wewe uba urigiki? Duhiganire gikiza ugihugu atari ukugisambura kuko kuvyashitse vya kahise, ntanakimwe muhinduramwo. Mwibagire, muhariranire, kuko arivyo vyonyene bizotuma abarundi bose tubana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.