IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yigenga yasabwe kuvuga imishahara y’abakozi

Amashirahamwe yigenga yasabwe kuvuga imishahara y’abakozi

mercredi 20 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe yigenga akorera mu Burundi yasabwe kurungika amazina y’abakozi bayo, yaba Abarundi canke abanyamahanga. Ayo mashirahamwe yasabwe kandi kuvuga imishahara ihembwa abo bakozi, umwe wese. Ishirahamwe ryose rizovuga izina ry’umukozi, akazi akora, ubwenegihugu bwiwe, igenekerezo yatanguriyeko akazi, hamwe n’umushahara ahembwa.

Mw’ikete ryarungikitswe n’ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori ya Reta, ayo mashirahamwe yasabwe kandi gutanga kopi y’amasezerano ishirahamwe ryose rifitaniye na Reta y’Uburundi.

Nk’uko tubikura muri iryo kete ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016, ayo mashirahamwe yose yigenga azotegerezwa gushikiriza ivyo yasabwe ku wujejwe amatohoza mu kigo OBR, aho akaba ari mu kiringo c’iminsi itarenga cumi n’itanu.

Ishirahamwe rizorenza iyo minsi rikazotangishwa ihadabu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.