Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yishinze kurwanya ikiringo ca gatatu asaba umuhuza (...)
Amashirahamwe yishinze kurwanya ikiringo ca gatatu asaba umuhuza yumvikanyweko na bose
lundi 8 Ruheshi 2015
Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ahuriye mu runani bise «Halte au Troisieme mandat» arashima utwigoro tw’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko mu guterera mu ngorane ziri mu Burundi,zatumwe n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Mw’itangazo ryateweko umukono kuw’Imana igenekerezo rya 7 Ruheshi na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC,amashirahamwe adaharanira inyungu za politike avuga ko ababazwa no kubona inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yabereye i Dar-Es-Salaam ataco yavuze ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,kandi ariryo soko ry’ibibazo biri mu Burundi.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yishinze kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yiyemeje kubandanya imyiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo mu mahoro,akamenyesha ko adashobora kwemera ikintu cose coza gishigikira ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,kuko kwoba ari ugusuzugura abanyagihugu.
Naho biri ukwo,ayo mashirahamwe amenyesha ko ako ari akandi karyo kahawe umukuru w’igihugu ko kubaza umutima n’ubwenge, ku ngaruka mbi ikiringo ca gatatu gishobora kuzanira ubuzima bw’igihugu.

Ku bijanye no kwaka ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD,amashirahamwe yishinze kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,asaba ko vyoba mu muco kandi mu mwanya ukwiye,kandi bigakurikiranwa n’amakungu.
Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike arashima ibiganiro biriko biraba,ariko agasaba ko hogenwa umuhuza yumvikanyweko na bose,horekurwa abapfunzwe bafashwe bari mu myiyerekano,iyugururwa ry’ibinyamakuru vyigenga,hamwe n’ihagarikwa ry’imitahe ihagarika indongozi zidashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Mu kurangiza amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yishinze kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu asaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere gukurikiranira hafi ko ivyo basavye biriko biraja mu ngiro,agasaba ko bokwumvisha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gusokora mu kwitoreza ikiringo ca gatatu.
Messages
8 Ruheshi 2015, 11:48, par KAMWEMWE
ARIKO ABO BIYITA KO BADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE BARATWENZA!UMWANYA WOSE NGO 3EME MANDAT!MBE IYO MANDA IGIRA GATATU YAYIHAWE NANDE?KO TUZI NEZA KO MANDAT ZITANGWA N,ABANYAGIHUGU MUGABO TWEBWE TUKABA TUMAZE KUYIMUHA RIMWE GUSA?TURINDIRIYE KUMWONGERA RIMWE GUSA?AHUBWO BE MUVUGISHA UKURI MURAMUTINYA KUBERA MUZI KO YITOJE ATAWUNDI ABANYAGIHUGU BOTORA.IYABA ATARI UKUMUTINYA NTIMWARI GUKWEGERA ABANTU MWIBARABARA AHUBWO AYO MAHERA MWONONA NGO MUHA ABARI MUMIGUMUKO MWARI KUYAHEREZA ABANYAGIHUGU MUKWIYAMAMAZA MUGACA MUBABWIRA MUTI NTIMUZOTORE PETERO NKURUNZIZA MURATORA TWEBWE MUTI KUKO NTIDUKENEYE KO ADUTWARA.NONE NTAMITWE MUGIRA YO GUKINA POLITIQUE.RERO IKINDI NGO IMBONERAKURE NGO ZIFISE IBIGWANISHO NGO BABIBAKE!EWE NONE KO UZI KO VYATANZWE WEWE WAHAYE IMBONERAKURE ZINGAHE?KUKO NTIWOBIVUGA KO BABIFISE ATANUMWE WAHAYE NA MUGOBORE.AHUBWO REKA GUHUMA AMASO AMAKUNGU KUKO TWARABAHINYUYE BIFISE ABIWANYU.MUGABO HARYA BIZOMARA ABIWANYU NYENE KUKO URUGERERA MUKASO RUGATWARA NYOKO.NO NYENICUBAHIRO NTAROTA ASOKORA.
8 Ruheshi 2015, 12:31, par Hanugwa Wumve
Reka Kurya Umunwa Vita!Vuga Ko Aba Presida Ba E.A.C Ataco Bakoz Kuko Batiny Kubwira Petero Kwakwiy Gusokora Candidature Yiwe Hama Amahoro Akaboneka!Hama Imyiyrekano Nukuyibandanya Mpaka Agondojwe
8 Ruheshi 2015, 15:26, par mukobwajana
NONE UYU PETER YAKOZE IKI KIRIMWO UBWENGE ATARI KUREKA IMVYARO DEMOGRAPHIE IKABA ITURENZE..AMASHURE ATAGIRA ABIGISHA..NA MISERE GUSA..!!ARIKO VYUKURI WE NTUZI KO IGIHUGU KIGENGWA N AMATEGEKO..BUYA IZO MBONERAKURE HOOSE BAVUGA KANDI ZIGIZE IGIPOLISI WE NTAZO UBONA???NONE KO DD YAKOZE NEZA HAKORA PETER WENYENE KUKI ATAWUNDI ??UBWO NTA SONI NO KUVUGA UBUSA..RERO IGIHUGU KIGOMBA KUBA MU MATEGEKO WANKA WAKUNDA....REKA UZORABA..UVUGA NA BWA VUGANEZA N ABANDI BAZIVYE AMASO...
8 Ruheshi 2015, 15:33, par thing twice
mandat ya 3 ashaka kuzoyiha .kk ntakuntu nimba uzik mumatora wotsinda ck witsindwa,ngo wank impanuro zabo kw isi bose .ikindi naco urinze ubona umuntu ashaka kurondera ama milliard 44 akasaba ngo abene gihugu baterer .uyo muntu azokwemer k atsindwa mumatora?ck azoyiba! iyo yar kuba yatej imbere ubutuntu namaher yamator ntitwoyasavy .nabis abandi
8 Ruheshi 2015, 15:52, par Schwarzenegger
Abantubeshi kuva igihangange citwa Carori Kambanda gicukumbuye ibijanye nukuntu ibwirizwashingiro ryi Burundi ripanze ibihangange vyishivyokw’Isi vyaratahuyenezako Kwitoza kwa Nkurunziza atakosharirimwo , kugezanaho babonako hagutora ikosha Nkurunziza ahubwo woritora mwibwirizwashingiro ryu Burundi. Gusa icobariko baribaza nukuntu bazi muburundi harimwo incabwenge nacanecane mwabobavugako Nkurunziza ngoyitoje yobanyuranije namategeko ukuntu batigeze bihakanya kokugira basome ibwirizwashigiro ryigihugucabo kugirabatahure amahinyu aririnwo ngobongere baharanire kuyajuramwo hakirikare, kukonyene namwe murumvako gukuramahinyu arimwibwirizwashingiro sukwaka uburenganzira Nkurunziza bwokwitoza. Ndavugarero nambamudashaka kwihamenyo yabasetsi ndavuga cane cane abobafise impapuro zimpamyabushobozi ziremereye zamakaminuza. Burya kuzurigirisha ibintunkana ukayoborwa namacenga bituma abantubibazako mumutwe utaguranamba, rabankubu Kambanda ubuhangangebwiwe buciye bwiyongera cane, kubera kuvuga atabigamwe ukwo ibwirizwashingiro ryuburundi ripanze.
8 Ruheshi 2015, 16:27, par steve uwiteka
AHO GA VITALI NA BAGENZAWE NTIMURIMYIZA IGONYO ZINGA IMIZIGO MUREKERE ABAHUTU NABO BAHONJE IMYAKA 40 ANS ATAWUBARABA KUMUNWA UBU VYABAHERANYE NDABAKURIRE INKONI KUGISHITSI MWPFUYE MUSUBIRIYE GUKANDAGIZA IKIRENGE VUBA MUNTEBE YUMUKURU WIGIHUGU NABO BADAKWIJE NKIRYA MYAKA MPAKA YESU AGARUKE MWARABIGIJE KURINDA HEBA NTAREKURA NTIMUKORAKO NTIBISHOBOKA MURAZI KWIHUTA KWELI NAKO BIKURIYE MU KIBIRA NAKO MUBAGATEREKO NGO MUSHIGIKIWE NAZA USA NABABILIGI NA KAGAME BARABASUKA TUMA MUCA IYO YACIYE MUKIMWAKE ARIKO MWIBUKE UKO VYAGENZE MUCIBITOKE UBU NAHO NGO MUZOGIKURA MWAYO MA KARITIE MBE INTARA ZOSE KO ZIRINDIRIYE IFIRIMBI NGO BABAHE IMPFUPFU IGIRA KABIRI IMPFUPFU YAMBERE SIMWE MWAYIGIRIYE MUSIC DEMANDEE MUKINDA MUGAR MUFUK MUGIRA AMAGENDERA KUTUNO IGIHUGU NIBIPINGA VYANYU MWAMENYEREYE AMAGABURANYAMA CARABASIZE POLE
8 Ruheshi 2015, 19:39, par julesndayishimiye
nashikirize ntawusomera induruzivuga kandi kananira abagabo ntiyimye
8 Ruheshi 2015, 20:03, par emma
emma
ewe vitari urateye isoni mbe ndakubaze urabonako iyaba imbonerakure zarahawe ibigwanisho ntiziba zarafyese mwese kubibi muzikorera? eheriho vita vugane nabagenzawe mureke kwica muturira imbonerakure zo kubuterere nayahandiho zizobahumira umusintazi
8 Ruheshi 2015, 20:24, par emma
emma
vita wavuze ngo ntimurota muva mwibarabara? hewe ubwonubwenge buke ufise iyaba warize ntuba ushuhurira abana babandi mwibarabara wari gukoresha ingimba ariyo matora, nayo nkurunziza azokwitoza ahubwo niwihangane ntuzohave ugwara umutima.
8 Ruheshi 2015, 20:29, par emma
emma
vita wavuze ngo ntimurota muva mwibarabara? hewe ubwonubwenge buke ufise iyaba warize ntuba ushuhurira abana babandi mwibarabara wari gukoresha ingimba ariyo matora, nayo nkurunziza azokwitoza ahubwo niwihangane ntuzohave ugwara umutima.
8 Ruheshi 2015, 22:07, par gakima
@Emma,uyo ntumubaza abana,c’est un pedophile ,ashurashuza utwana duto tw’udukobwa,rindira nzokurungikira video aho yariko abesha agakobwa,canke utape nshimirimana vital kuri google uzorondere uzobona iyo video uce wumviriza akayazwe,uyo ivy’abana ntumugore c’est de la chaire fraiche !
9 Ruheshi 2015, 07:13, par Rutarati
IGIKORWA KININI NICABARUNDI KUBIJANYE NUKUGARUKANA ICUKA CIZA MUBURUNDI, ABO BAKURU BIBIHUGU ICO BOFASHA NUGUHIMIRIZA NO GUHANURA.