IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatohoza ashitse niyo yotuza ingeso y’abana b’abigeme bashurashuzwa

Amatohoza ashitse niyo yotuza ingeso y’abana b’abigeme bashurashuzwa

samedi 28 Nyakanga 2013

Igipolisi cogira ishaka kikagira amatohoza ku bantu bose, hamwe n’ibibanza bikekwako urudandazwa rw’abana. Ivyo bivugwa mu gihe bimaze kwibonekeza ko hari urudandazwa rw’abana bakiri bato b’abigeme bajanwa mu bushurashuzi, abandi bakajanwa mu makungu abavyeyi babo ata n’umwe abizi. muri urwo rudandazwa, abari mu mashirahamwe ahanira agateka k’abana bamenyesha ko harimwo n’abantu b’abakuru.

Mu gihe hamaze imisi havugwa cane ikibazo c’urudandazwa rw’abana b’abigeme, abakurikiranira hafi ico kibazo bemeza ko hari abakuru bamwe bamwe bafise ububasha n’amafranga, hamwe n’inzego z’igipolisi zikika mu kiza zigakingira ikibaba abo babikora. Ibibanza bikwekwa ko vyoba ari icumbi ry’izo nkozi z’ikibi mu gisagara ca Bujumbura ni muri karitiye Asiatike, mu Gatumba, mu Kamenge, Ngagara Q1, hamwe n’inzu iri impande y’aho bita ku Mase. Hari kandi n’amahoteri usanga yakira abagabo n’utwo twana tw’utwigeme, ugasanga mbere umupolisi abibonye, aho gushengeza abo bagabo, ahubwo akamusaba igiturire, bigaherera mu kanywababo.
Hari n’abana bagendera mu miduga benshi bita "Lit mobile, igitanda ngendanwa". Iyo miduga rero, nk’uko bimenyeshwa na David Ninganza, umukuru w’isihirahamwe riharanira agateka k’abana SOJPAE (Solidarité de la Jeunesse Chrétienne pour la Paix, l’Enfance et l ’Education), usanga ifise ibiyo vy’irabura ku buryo ibiriko bikorerwa imbere bitaboneka, ari naho kenshi haca habera ubuhumbu.

Nk’uko bibandanywa bimenyeshwa na David Ninganza, abo bigeme bakoreshwa ivyo akenshi usanga ari bamwe biga mu mashure y’abigenga, hagati y’umwaka w’indwi, n’umwaka w’icumi. Hagati y’amagenekerezo ya 27 gushika igenekerezo rya 10 z’ukwezi niho iyo ngeso ikunda kwigaragaza cane, ivyo bigatumwa n’uko abo bigeme baba bariko barirukanwa kw’ishure (abataba barariha amafaranga y’ishure), aho guca bataha muhira, bagaca baja mu buhumbu. Ntitwokwibagira uwundi murwi w’abakwegerwa mu buhumbu n’ababanyi babo, canke bagatwarwa n’abaranzi (les commissionnaires), cane cane mu bisagara vya Rumonge, Bujumbura, Ngozi na Gitega.

David Ninganza, umukuru wa SOJPAE (Solidarité de la Jeunesse Chrétienne pour la Paix, l’Enfance et l ’Education) araterera inyishu y’ivyokorwa. Amenyesha ko kugira bituzwe ari uko hoba amatohoza akomeye, bagasaka aho hose hoba hakekwa ko hakorerwa iyo ngeso. Abandanya asaba ko ubushikiranganji bw’amashure yisumbuye ko bwofata ingingo zikwiye kugira ntihasubire kwibonekeza abanyeshure bambaye umwambaro w’ishure biyerereza mu masaha y’ishure.


Floxella Karire

Messages

  • Izonzu zikorerwa ubwo bukozi bwikibi nuko zokwugarwa, benezo bagachirirwumukenke. Canke bakahanwa naho harimwo abobategetse bibitabanga, Ndazi ko hakiriho abategetsi bagifise ibanga baribakwiye guhaguruka bagahasha abobamenja bashurashuza ibibondo. uwufashwe nawe agacirirwigihano cogutanga, ihadabu canke amande, yi miriyoni 700 FB ni gifungo cimyaka 45 canke 35 Porice nawe yakinigiye abakora ayo mabi nawe agakurwa mwiyo yakazi yiwe, na mande ya miriyoni 3 nikifungo cimyaka 10 year, mweninzu,nawe nyene agashengezwa agahabwa igihano kimubereye.niho nabafise iyo ngeso bazohinduka. abana nabo batwawe hanze nibaronderwe bagarukanwe mubavyeyi babo. murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.