IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mary Robinson : Imyiteguro y’amatora itegerezwa kuba mu mahoro (...)

Mary Robinson : Imyiteguro y’amatora itegerezwa kuba mu mahoro n’umwumvikano

lundi 2 Ruheshi 2014

Inyuma y’umubonano bahawe n’umukuru w’igihugu, intumwa zidasanzwe zo mu karere k’ibiyaga bigari, izaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, izaserukiye Ubumwe bw’Afrika n’Uburaya, ziyemeje ko ziteguriye gushigikira Uburundi mu gikorwa c’amatora yimirije mu mwaka uza w’2015.

Intumbero y’uwo mubonano wabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri Ruheshi akaba kwari ukuvugana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku kibazo c’amatora yimirije mu mwaka w’2015. Kurabira hamwe ukungene Uburundi bwiteguriye kugira igihe c’amatora kize kigende neza atangorane zihabaye. Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko mu gikorwa co kwitegurira amatora yimirije, abanyeporitike bamaze kuja hamwe, mu kwumvikana inyifato bogira haba imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora, kugira aze abe meza kurusha uyo mu mwaka w’2005 n’2010.

Abo banyeporitike bakaba barashimikiye no ku kungene hokurikizwa amategeko, haba mu gutegura amatora, baha no mu gutegura imyiyamazo yabo. Robinson, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu karere k’ibiyaga bigari akavuga nawe ko imyiteguro y’amatora itegerezwa kuba mu mahoro n’umwumvikano, abadasangiye ivyiyumviro nabo bakirinda gusotorana mu majambo, mu kwirinda kudurumbanya umutekeno ku neza y’igihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Mary Robinson

Reta y’Uburundi ikaba yasavye amakungu, haba mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, haba abazoza baserukira Ubumwe bwa Afrika, haba ibihugu vya Buraya n’abaserukira ibihugu mpuzamakungu ONU, kuza kuraba ingene ibikorwa vyo kwitegurira amatora biriko biragenda. Abipfuza bose kuraba naho ingene imyiteguro y’amatora iriko iragenda, ko boza hakiri kare.

Mwomenya ko abasanzwe bafasha Uburundi bemeye kubandanya gufasha kugira igikorwa c’amatora yimirije mu mwaka w’2015 kize kigende neza kurusha umwaka w’2005 hamwe n’2010. Tukabamenyesha kandi ko abakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari Mary Robinson, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Russell D. FeinGold, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, hamwe na Ambassadeur Aboubaccar Diarra intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.