IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora yimirije, kimwe mu vyayazwe hagati ya Gerevazi Rufyikiri na (...)

Amatora yimirije, kimwe mu vyayazwe hagati ya Gerevazi Rufyikiri na Alexandre De Croo

jeudi 8 Nzero 2015

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri yakiriye icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi akongera akaba n’umsuhikiranganji ajejwe imigenderanire mu vyerekeye iterambere ,ugutumatumanako n’amaposita Alexandre De Croo.

Mu kiganiro yaciye aha abamenyeshamakuru inyuma y’uwo mubonano , Alexandre De Croo , kuri uno wa 8 Nzero, amenyesha ko ahanini mu vyo baganiriye ari ivyerekeye igisata c’amagara y’abantu, indero, uburimyi hamwe n’ivyerekeye amatora Uburundi bwimirije. N’ubwo hari intambwe Uburundi bwateye muri ivyo bisata, Uburundi bufise abanyagihugu bakeneye ico bafungura hamwe no gufashwa mu gisata c’indero.

Abo bategetsi babiri baganiriye kandi ku vyerekeye amatora yimirije mu Burundi, bose bakaba bifuza ko amatora yogenda neza mu mutekano . Mbere bakaba bemeranije ko bagiye kubandanya bahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ibizokorwa inyuma y’ amatora na cane cane n’imfashanyo zisanzwe zitangwa n’ico gihugu mu Burundi na rirya Ububiligi busanzwe buri mu bihugu bifasha cane mu Burundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.