Ambas Alexis Ntukamazina,aserukira Uburundi mu Rwanda avuga ko Abarundi bahunze mu gihe c’ amatora bavuga ko batizeye umutekano wabo bakurikiye ibihuha,avuga ko ubu mu Burundi hari umutekano ukwiye ko bakwiye gusubira mu Burundi.
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Amb. Ntukamazina yavuze ko amatora bisunga mu kwerekana izo mpungenge zijanye n’umutekano yamaze guhera ,kandi inzego zatowe zamaze gutangura ibikorwa.
Yavuze ko hari Abarundi bataye igihugu baja kurondera ubuhungiro mu gihugu c’Urwanda kubera impamvu zitandukanye, cane cane bakavuga ikibazo c’umutekano wabo.Avuga ko yibaza ko benshi babonye ko bakurikiye ibihuha, ata mutekano wabo mu vy’ ukuri wari ubangamiwe.
Uwo aserukira Uburundi mu gihugu c’Urwanda yavuze ko umukuru w’ Igihugu yatowe kandi yashikirijwe amabanga ku mugaragararo, inzego zashizweho mu matora ziriko zirakora. Yavuze ko umutekano mu gihugu ku Barundi bose uhari, aca asaba uwutavyemera kwishikira mu Burundi akavyirabira.
Ambas Alexis Ntukamazina yamenyesheje ko ata bantu biruka ku bandi canke bariko bahiga abandi,ko rero kuba hari ikibazo iki canke kiriya, ivyo ari ibisanzwe biba, kandi biba ahantu hose.
Hakenewe ugufashanya kugira abari mu makambi batahe
Ambas Ntukamazina Alexis avuga ko abarundi benshi bari mu Rwanda cane cane abahungiye mu bisagara no mu miryango yabo bamaze gutaha, ariko ikibazo gisigaye ku bahungiye mu makambi asanzwe.
Yavuze ko benshi bamaze gusubira inyuma cane cane abari basigaye mu bisagara no mu miryango mu bice bitandukanye. Amenyesha ko aho bikigoranye cane ari ku bari mu makambi y’ impunzi.
Kubwa ambas Alexis Ntukamazina, kugira abari mu makambi batahe, yibaza ko bizoca hagati y’Urwanda nk’igihugu cabakiriye kandi Uburundi bwashimiye cane, HCR yafashanije na Reta y’Urwanda kubakira no kubashira mu makambi barimwo,hamwe na Reta y’Uburundi.
Ambas Ntukamazina avuga ko ikibazo c’ impunzi kiraje ishinga igihugu c’Uburundi, aho basaba ko bakwiye gutaha kuko amahoro ahari mu Burundi.
Mu Rwanda haharurwa impunzi z’ abarundi zishika ku bihumbi 75 mu makambi y’impunzi n’abandi bari mu miryango yabo.
batahe mubamese muzoheza nabi basha, uburundi umutekano ntawo wosigura igituma abantu baguma bapfa ahantu hari umutekano, temba harageze