Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Mu gutora umwigeme mwiza, baranatambuka bari gusa
Amerika: Mu gutora umwigeme mwiza, baranatambuka bari gusa
mardi 18 Ruheshi 2013
Erin Brady niwe yaraye atowe kuba umukobwa mwiza muri Leta zunzubumwe za Amerika, ayo matora akaba yabereye Mu gisagara ca Hollywood. Ivyo birori, bikaba vyari bifashwe mu mugongo na Donald Trump.

Ni umwigeme ateye igomwe, akiri muto kuko afise imyaka mirongo ibiri n’itanu y’amavuko. Araciye ubwenge kuko yashoboye kwishura neza ku bibazo yabajijwe n’abari bagize umurwi wariko uriga abo bigeme bari mu mahiganwa bashika kuri 51. Ikindi naco, ni ukwo ku buhinga ngurukanabumenyi vyerekana ko Brandy yakuriye mu gisagara ibiyayura mutwe vyiraye, bikaba ndetse ari navyo yiyemeje kurwanya.

Erin Brandy yarasanzwe aba mu Buseruko bwa Hampton muri Leta ya Connecticut, ubu rero akaba yaraye aronse inyubakwa azobamwo mu gisagara ca New York, muri iyi minsi azoba ari mu kibanza c’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge. Muri ayo mahiganwa y’ugutora umukobwa mwiza kandi,abo bigeme bose ukwo bari 51, bategerezwa gutambuka bambaye impuzu zirezire, zigufi, eka ndetse baragenda bambaye n’ubusa, inda,amaguru,vyose atagahuzu kariko, mu bisanzwe baba bari gusa, kuko bapfuka amabere n’ibihimba vy’irondoka gusa.

Aristide Nizigire
Messages
18 Ruheshi 2013, 06:47, par kok
Hewe niwacu baze barabigenza uko onye!!!
18 Ruheshi 2013, 07:13, par KOBWA
Mbega udukobwa twiza abarundi mureberehoooo
3 Ndamukiza 2016, 02:18, par Oscar
Niba uwu mwigeme,visage yiwe ihwanye na comportement,ntawuto mufelicita