Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Umuhungu wa Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley (...)
Amerika: Umuhungu wa Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley Cyrus
mardi 21 Ndamukiza 2015
Patrick Schwarzenegger, umuhungu wa Arnold Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley Cyrus inyuma y’amezi atanu gusa bakundanye.

Miley Cyrus, yamenyekanye cane mw’ireresi yakinye yitwa "Hannah Montana" hamwe na "Lol Usa"mbere no mu ndirimbo nka "We can’t stop" na "Adore you", yatandukanye n’umukunzi wiwe patrick Schwarzenegger, umuhungu wa Arnold Schwarzenegger.

Miley na Patrick bakaba bahisemwo gutandukana inyuma y’amezi atanu gusa bamaze bakundana. Urukundo rwabo rwatanguye gucumbagira bitewe n’amafoto yasohotse mu kwezi guheza yerekana Patrick Schwarzenegger ari kumwe n’uwundi mukobwa mwiza mbere, haranasohoka amakuru avuga ko uwo muhungu yoba yamuciye inyuma Miley Cyrus.
Muri ico gihe, Miley na Patrick baratandukanye mu nyuma barasubirana. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru People avuga ko Miley na Patrick bashimye gutandukana kubera batari bacumvikana, vyongeye ko bataronka umwanya wo kubonana mu gihe Patrick yatanguye kaminuza kure ya Miley, uwo nawe agatwarwa cane n’umuziki wiwe.

Mwomenya ko Big Sean na Ariane Grande, abaririmvyi bakomeye kw’isi baheruka nabo gutandukana inyuma y’amezi 8 bari mu rukundo, nabo nyene bikavugwa n’ikinyamakuru People ko batandukanye kubera umwanya wabo wo kubonana udahura, umwe wese usanga afise ingendo nyinshi, bagiye gukora ibiteramo.

Si abo gusa, Selena Gomez yahoze akundana na Justin Bieber nawe nyene aheruka gutandukana n’umukunzi wiwe Zedd, bikavugwa ko imvo yo gutandukana kwabo ari uko Zedd yasanze Selena Gomez agikunda Justin Bieber, atigeze amwibagira.

Messages
21 Ndamukiza 2015, 22:12, par cecile
ab stard nibbz kwiy dunia! nibk basazan nb bubkany nkabndbs tbnahngah.