IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Umuhungu wa Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley (...)

Amerika: Umuhungu wa Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley Cyrus

mardi 21 Ndamukiza 2015

Patrick Schwarzenegger, umuhungu wa Arnold Schwarzenegger yatandukanye n’umukunzi wiwe Miley Cyrus inyuma y’amezi atanu gusa bakundanye.

Miley Cyrus, yamenyekanye cane mw’ireresi yakinye yitwa "Hannah Montana" hamwe na "Lol Usa"mbere no mu ndirimbo nka "We can’t stop" na "Adore you", yatandukanye n’umukunzi wiwe patrick Schwarzenegger, umuhungu wa Arnold Schwarzenegger.

Miley na Patrick bakaba bahisemwo gutandukana inyuma y’amezi atanu gusa bamaze bakundana. Urukundo rwabo rwatanguye gucumbagira bitewe n’amafoto yasohotse mu kwezi guheza yerekana Patrick Schwarzenegger ari kumwe n’uwundi mukobwa mwiza mbere, haranasohoka amakuru avuga ko uwo muhungu yoba yamuciye inyuma Miley Cyrus.

Muri ico gihe, Miley na Patrick baratandukanye mu nyuma barasubirana. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru People avuga ko Miley na Patrick bashimye gutandukana kubera batari bacumvikana, vyongeye ko bataronka umwanya wo kubonana mu gihe Patrick yatanguye kaminuza kure ya Miley, uwo nawe agatwarwa cane n’umuziki wiwe.

Patrick Schwarzenegger ari kumwe n'uwundi mukobwa atari Miley

Mwomenya ko Big Sean na Ariane Grande, abaririmvyi bakomeye kw’isi baheruka nabo gutandukana inyuma y’amezi 8 bari mu rukundo, nabo nyene bikavugwa n’ikinyamakuru People ko batandukanye kubera umwanya wabo wo kubonana udahura, umwe wese usanga afise ingendo nyinshi, bagiye gukora ibiteramo.

Si abo gusa, Selena Gomez yahoze akundana na Justin Bieber nawe nyene aheruka gutandukana n’umukunzi wiwe Zedd, bikavugwa ko imvo yo gutandukana kwabo ari uko Zedd yasanze Selena Gomez agikunda Justin Bieber, atigeze amwibagira.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.