IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika : Umurundikazi yahawe agashimwe na Reta zunzubumwe za (...)

Amerika : Umurundikazi yahawe agashimwe na Reta zunzubumwe za Amerika

mercredi 30 Mukakaro 2014

Umurundikazi asanzwe aba muri Reta zunzubumwe za Amerika yahawe agashimwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Barack Obama, ashirwa mu bantu bazana ihinduka mu gisata c’uburimyi bwa Reta zunzubumwe za Amerika.

Fabiola Nizigiyimana yahawe agashimwe k’uko ateza imbere igiterwa c’irengarenga muri Reta zunzubumwe za Amerika, akaba yatowe mu bantu 15 batewe iteka batumirwa kuri uwu wa kabiri mu birori vyabereye muri Maison Blanche, ahasanzwe hakorera umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika, Barack Obama. Ivyo birori vyatunganjwe mu ntumbero yo gushimira abantu bazana ihinduka mu gisata c’uburimyi muri Reta zunzubumwe za Amerika, abo bantu bakitwa " Ivyizigiro vya kazoza mu burimyi bwa Reta zunzubumwe za Amerika "

JPEG - 55 ko
Fabiola Nizigiyimana yahawe agashimwe k’uko ateza imbere igiterwa c’irengarenga muri Reta zunzubumwe za Amerika

Nk’uko tubikesha insamirizi WBUR isamiranira mu gisagara ca Boston, uwo mupfasoni Fabiola Nizigiyimana, kuva aho ashikiye muri Amerika yaritayeho igiterwa c’irengarenga, arigisha n’abandi banyagihugu barenga 232 b’abarimyi ukuntu borima ico giterwa n’ukuntu bagikinjika.

Mu mwaka w’2013, yaciye ashinga koperative yigishije abo banyagihugu ukuntu boronka umwimbu mwinshi babicishije mu burimyi. Nk’uko uwo mupfasoni w’umurundikazi, Fabiola Nizigiyimana yabandanije yiganira iyo nsamirizi WBUR yo mu gisagara ca Boston, avuga ko akorana cane cane n’amazu y’uburiro (Restaurent), ayo nayo akamufasha mu bijanye n’ubuhinga bwo gutekera izo rengarenga. Kuri we rero, umunezero ni wose kubona ashoboye gukora ikintu kigirira akamaro igihugu camuhaye ubuhungiro.

Tubamenyeshe ko umurundikazi Fabiola Nizigiyimana yavuye mu Burundi mu bihe vy’intambara igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, ahungira mu Rwanda, mu nyuma aja muri Tanzaniya, aho yamaze imyaka cumi. Avuye aho muri Tanzaniya yaciye aja muri Reta zunzubumwe za Amerika.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murakoze kuri iyo nkuru nziza mutugejeje ko. Uyo murundikazi n’aho ari mu buhungiro yahesheje iteka abakenyezi bose bo mw’isi na cane cane abarundikazi bari mu Burundi. Yerekanye ko abarundikazi bashoboye kwiteza imbere mu gihe bari mu mutekano. Abanyapolitiki b’abarundi, nibaharanire amahoro n’umutekano vya bose badakumira, umukenyezi w’umurundikazi nawe yo nkingi y’iterambere ry’igihugu n’urugo, akore ico yarewe.

  • Imana ikomeze kumwongera imbaraga zo gukora iyo mirimo,imwongere nimigisha kuruta!

  • Fabiola Turagukeje Kubona Utubereye Ambassadeur Muri Amerique .Komera Cane.

  • Wow wow!!Uyo murundikazindamukeje kabisa.N’iyirambire mbere akomeze ahagararire igihugu camwibarutse kuko agiteje iteka.

  • iyo nkuru ni nziza ku barundi n,abarundikazi.abantu bakenye batokenye.uwo yari gushobora no kubikorera i burundi!

  • iyo nkuru ni nziza ku barundi n,abarundikazi.abantu bakenye batokenye.uwo yari gushobora no kubikorera i burundi!

  • imana iguhezagire ncuti nziza fabiyora, kubona washoboye kwerekana icushoboye mumaso yabitwa ko bakomeye. Ndagutey ndagukeje, Bigishe no kurima igiterwa cumwumbati naco baze barayihekenya.

  • Fabiola ndagukunze caane gose,ufise ishaka cokimwe numufasha wanje,nawene yitwararika ibikogwa vyurugo nkuko kwawe,niyomba ntari hafi y’urugo nsinjugajuga ngo hari ivyokwononekara,aritwararika ibanga ryiwe nukuri,none nawe ndaguteye intege komerezaho mufasoni,umushingantahe wawe agume agushigikira murirya shaka ufise.turasavye ikinyamakuru igihe muzoduhe umwirondoro wiwe wose,aho yavukiye,izina ryuwobubakanye,abana afise,muzoba mukoze,bizoduter’intege!!.

  • Nivyishimo cane kubarundi apana nkabamwe badutekeje basubiza igihugu inyuma !!!nukomeremuvyeyi

  • Jewe nama ndababwira koAbo baba DD atari abahutu atari abatusi atari nabarundi ???abantu bagaharira .raba umuhutukazi wumurundi wukuri adateye amazi yama afise ivyiyumviro’bimuteza imbere eka nabandi. Nihigarire uwubarira ko abadutwara ubwoko bwabo ???? Abantu barushwa imwenge ’aba bebe

  • Iyo ntambwe irahimbaye cane.
    Nk’uyo mupfasoni niwe yofasha abandi gutera imbere mukubungura ivyiyumviro hakuguma mu vyiyumviro ataho bishika. Vyose birashoboka biva kuntumbero hamwe n’umwete (la determination) tutibagiye kuguma mu neza (rester positif). Nizeyeko azotwereka ingene baziteka bivanye naho umuntu ari.

    Komera mupfasoni!

    umurundikazi.

  • komera sha rwose wagize neza kuko werekanye ko abarundikazi bazi gukora kandi ko harivyo dushoboye gukora.Nkwisabire kimwe gusa :gerageza guhanura babandi biyita Musuhura power bareke kuvuga amatiku gusa baze barandika inkuru kizi zo kwiteza imbere.Komera

  • NIZIGIYIMANA ndagukeje cane kuri ako gashimwe waraye uhawe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika,waraye umenyekanishije UBURUND Imu makungu uraserukiye abarundi bene wanyu mukwerekana ko atari abantu bashoboye indyane za politike gusa ahubwo ko bashobora gukora n’ibindi nk’ibikorwa vy’iterambere.Sagarara utere imbere nk’umuzinga!

  • Umurundikazi ni nyina w’urugo. turamushimiye ko yagumije akaranga.

  • Umurundikazi ni nyina w’urugo. turamushimiye ko yagumije akaranga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.