IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika iratewe umutima uhagaze n’ubucuti buri hagati y’Uburundi na (...)

Amerika iratewe umutima uhagaze n’ubucuti buri hagati y’Uburundi na Irani

jeudi 23 Rusama 2013

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku munsi wakabiri igenekerezo rya 21 Rusama 2013, igihe bariko barinjira inyubakwa nshasha igiye gukoreramwo ibisata bitandukanye vy’uburongozi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, yarashirije ibitari bike biteye amakenga igihugu ciwe aserukira mu Burundi.

Umupfasoni Dawn Liberi avuga ko ku bijanye na yanteguro y’itegeko rizogenga umwuga wo kumenyasha amakuru mu Burundi, ari itegeko ritubahiriza intwaro rusangi y’igihugu cose muri rusangi, mu gihe iyo nteguro yiyamirijwe n’abo yega ko ari integuro ije ibakandamiza ndetse ikabatwara ubwigenge bwose bari bafise.

Umupfasoni Liberi amenyesha ko ku ncuro nyinshi yavuganye n’abo vyega, berekanye ataguca hirya no hino ko itegeko ryiza ari iriha ubwisanzure umumenyeshamakuru mu gikorwa ciwe, ndetse ubwo bwisanzure akaba aribwo buha akaryo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike kuronka aho avugira ndetse n’ibindi vyiyumviro bitandukanye bikaronka aho bishikiririzwa. Abandanya ashikiriza ko bamaze n’ugushikiriza Leta icegeranyo c’ibintu biteye impari muri iryo tegeko, vyohinduka.

Leta zunze ubumwe za Amerika kandi ziratewe umutima uhagaze n’ubucuti buri hagati y’Uburundi n’igihugu ca Irani, igihugu cafatiwe ibihano n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bw’igeragezwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda bishira ico gihugu, mu bihugu karuhariwe mw’iterabwoba kw’isi nk’uko bibandanya bishikirizwa na Dawn Liberi. Abandanya amenyesha ko basavye Uburundi kwubahiriza ibihano ishiramwo mpuzamakungu ryafatiye ico gihugu.

Leta zunze ubumwe za Amerika kandi ziratera ivyatsi urupfu rwahitanye abantu batatu mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura inyuma y’igitero cagiriwe imodoka yo mu bwoko bwa coaster, yari yunguruje abantu batashe bava mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.