IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amnesty International: Bategekanya kugira imyiyerekano baboshe (...)

Amnesty International: Bategekanya kugira imyiyerekano baboshe amaboko

vendredi 31 Rusama 2013

Abakenguzamateka mirongo itatu na batandatu b’abarundi barandikiye ikete umukuru w’igihugu bamusaba kudatera umukono ko tegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.

Kubw’abo bakenguzamateka, iryo tegeko ntiryubahiriza amategeko igihugu cateyeko umukono nk’ibwirizwa shingiro n’amasezerano mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu.

Abo bandikiye Kizigenza babandanya bamenyesha ko iryo tegeko rije gutoba amatora yo mu mwaka w’2015, umugambi w’igihugu wo kurwanya ubukene, ivyavuye mu nama yabereye i Geneve hagati ya Leta, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abafasha Uburundi.

Babandanya banegura ingingo y’amande y’umurengera azotangishwa ku bamenyeshamakuru bazokwagirwa n’icaha co kurenga akarimbi mu mwuga. Ingingo ziri muri iryo tegeko ziteye amakenga zikaba ari izibuza umumenyeshamakuru gukora ku bibazo vy’amabanga y’igihugu, inzego zo kwivuna abansi, ubumwe bw’abarundi, n’ibindi. Abo bakenguzamateka bagasaba umukuru w’igihugu kutemeza iryo tegeko ahandi ho isanamu y’igihugu c’Uburundi ikaba izotosekara.

Mu kurangiza tubamenyeshe ko uno musi kuwa gatanu ariho ishirahamwe Amnesty International ryateguye kugira imyiyerekano imbere y’ibiro vy’ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ububirigi, mu ntumbero yo gufata mu mugongo abamenyeshamakuru b’abarundi mu rugamba barimwo rwo gusaba ubwigenge mu mwuga wabo.

Ishirahamwe Amnesty International rikamenyesha ko n’ishirahamwe Reporter Sans Frontières riza kwifadikanya nabo muri iyo myiyerekano iza kumara iminota mirongo ine n’itanu baza kumara baboshe kugira berekane ko iryo tegeko niryatorwa umumenyeshamakuru w’umurundi azoba aboshwe ubuzima bwiwe bwose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.