Amashirahamwe yigenga indwi yiyamirije abasirikare mva makungu mu Burundi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 21 décembre 2015 saa 07:29
Yasomwe : 39681
0 0

Amashirahamwe indwi adaharanira ivyicaro vya politikeakorera mu Burundi yateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza irungikwa ry’abasirikare mvamakungu mu Burundi.
Mu rwandiko rwateweko umukono kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2015 ruja ahabona kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2015,ayo mashirahamwe amenyesha ko ateye ivyatsi inzandiko zose zishigikira inkozi z’ikibi abicanyi batera Uburundi.
Muri urwo rwandiko,ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iryo Ubumwe bwa Afrika n’akarere ka (...)

Amashirahamwe indwi adaharanira ivyicaro vya politikeakorera mu Burundi yateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza irungikwa ry’abasirikare mvamakungu mu Burundi.

Mu rwandiko rwateweko umukono kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2015 ruja ahabona kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2015,ayo mashirahamwe amenyesha ko ateye ivyatsi inzandiko zose zishigikira inkozi z’ikibi abicanyi batera Uburundi.

Muri urwo rwandiko,ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iryo Ubumwe bwa Afrika n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko gushigikira Uburundi mu twigoro two gutsimbataza amahoro,intwaro rusangi mu kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu.

Ayo mashirahamwe asaba ONU,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,iryo Ubumwe bwa Afrika n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kwumvisha igihugu c’Urwanda ngo gihagarike ibikorwa vya politike bituma Uburundi buja mu mutekano muke mu ntumbero yo kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu n’ubwigenge bw’Uburundi.

Uko ari indwi yateye umukono kuri urwo rwandiko,ayo mashirahamwe asaba bamwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwirabira neza ibibera mu Burundi kugira ntihagire ingingo zifatwa kubera ibihuha atari vyo.

Ayo mashirahamwe asaba kandi Reta y’Uburundi gushira inguvu mu biganiro bihuza abarundi,agasaba amakungu gufasha haba mu bijanye n’ubuhinga hamwe n’uburyo umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro bihuza abarundi.

Ayo mashirahamwe arangiza avunira akagohe amakungu kutarwa mu mutego w’iciyumviro co kuzana abasirikare mva makungu mu Burundi kugira ONU ntizohave yagirizwa kugira uruhara mw’ihonyabwoko mu gihugu.

Ayo mashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko ni Ligue IZERE ntiwihebure,CAPES+,PISC Burundi,CNAPDE Burundi,ABA,NTABARIZA SPF na ONELOP Burundi.


Kumenyekanisha

1
Muco 22-12-2015 à 09:39

je sindavyumva. Ayo mashirahamwe ni yaba adaharanira ivyicaro vya politique, abo basirikare baje bohomba iki ?

2
Regis 22-12-2015 à 07:10

Mbegibibazo kuki babahagarika esebabona ibibera muburundi aribyiza mugihe vyananiye nibareke ababishoboye bagarure umutekano kuko birarenze

3
Victoir 21-12-2015 à 17:29

Murababaje ayomashirahamweyosentanarimwe tuzi

4
None ? 21-12-2015 à 17:28

Mwirambire barundi bavukanyi muhurikiye murayomashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politique, mazemureke bamwebiyita ngontibaharanira ivyicaro vya politique ariko baharanira ivyicaro kwa Kagame wu Rwanda nokwa Louis Michael mu Bubiligi.

5
habumugisha 21-12-2015 à 15:08

ahubwo badutegurire yegere yegere yo mugihugu cose twiyamirize abo bagesera bashaka guteza intambara muburundi twebwe abanyagihugu dukunda igihugu.

6
Alex 21-12-2015 à 13:16

Abo n’abansi bu burundi naho boza ntibobuza abantu gupfa , muri 95gushika mu 2000 agume yari mu gihugu cose ntagisirikare kivuye hanze cigeze kiza muburudi , abo bafise iyindi ntumbero atariyo kugarukana utekano

7
Ntibishoboka 21-12-2015 à 11:05

Barundi Mwese,tuvire Hasi Rimwe Twiyamirize Ako Gasuzuguro.Abo Basirikare Mvamakungu Bakeneye Kuza Gushigikira Abagumutse Hamwe N’akarwi Kashatse Guhirika Ubutegetsi Kuwa 13.05.2015. Abo Bashitse Imigumuko Izoca Itangura Hategurwe N’ihirirwa Ry’ubutegetsi Bwitorewe N’abarundi Isinzi.Mbega Ngo Baza Gukora Iki Mu Burundi Kandi Natwe Dufise Igisirikare N’ Igipolici Vya Rutura Bitumwako Mu Burundi No Mumakungu ?Ok

8
kamaro 21-12-2015 à 09:56

neza cane.ayomashirahamwe natumeko imyerekano yokwiyamiriza iryovogerwa nagasuzuguro kaboBAZUNGU binyegeje inyuma yubumwe bwafrica mugushigikirinkozi zibibi. hama abanyagihugu tuzosidukana niyonka tuvyiyamirize. isiyose iramazekumenyako urwanda ruriko ruhungabanyumutekano muburundi ariko ntaco babivugako. tumaze kubonahomuhengamiye...batama hamagazimyerekano hakirikare......

9
BUSHOMBE 21-12-2015 à 09:36

MWANKA MWEMERA BATEGEREZWAKUZA

10
BUSHOMBE 21-12-2015 à 09:31

mwanka mwemera bategerezwa kuza turabe ahububasha bwanyu buri

11
Umuhanuzi 21-12-2015 à 09:27

Ayomashirahamwe Ntayotuzi Ayo Aserukira Imbonerakure Turabizi Niyompavu Mwankako Bazakuraba Ubwicanyi Muriko Mugira Mugihugu Komuvuga Ugwanda Imbibe Zigihu C’uburundi Zicungerewe Nabanyagwanda ?Kotuzi Zicungerewe Nakagwi Kabicanyi Kumugabo Yitwa Piyeri Ivyobigwanisho Bicahehe ?Ayoma Sosiyete Ya Cndd Fdd Nimwereko Ibisaka Vyabashanye !Muzicuza Ivyomwakoze.Ico Udashakako Bakugirira Ntukigirire Abandi Imana Isumba Piyeri Nimbonera Kunya Nigirisi Kitazi Icokijejwe

12
yaya 21-12-2015 à 09:10

Ibi vyaduka ngo nama society civil abo nabakinagizwa ba nkurumbi genda twarabahinyuye mukundagapfa abagiraneza bitange baze gukingira inzirakarengane namwe ngo ntibakaze ico mwomenya co amakungu sibijuju nkamwe barabona ibintu vyose uko buriko biragenda

13
ndibanje 21-12-2015 à 08:52

Ayo si amashirahamwe ya Société civile n’ay’imbonerakure

14
dfhhjkk 21-12-2015 à 08:43

pole sana mbona ayo mashirahamwe na narimwe tuzi mu makungu canke abayobozi bayo pore mwizere inyinshu ko muzaronka

15
Murundi 21-12-2015 à 08:24

Uyonivyabikoresho Vyankurunziza Amazabantu Atacamira Nibaze Ahubwobatevye Turuke Twebabarundi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha