IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amwe mu mashirahamwe yahagaritse igikorwa c’ukurorera amatora

Amwe mu mashirahamwe yahagaritse igikorwa c’ukurorera amatora

mercredi 24 Ruheshi 2015

Mw’itangazo amashirahamwe abiri asanzwe afashwa n’igihugu c’Ububirigi mu gukurikirana amatora yashize ahabona, avuga ko yahagaritse igikorwa co kuba abarorerezi mu matora y’Uburundi.

Ayo mashirahamwe abiri asanzwe akorana na CNCD-11.11.11 (Centre national de coopération au développement) yavuze ko muri iki gihe amatora yizewe na bose kandi atawe akumira adashoboka mu Burundi. Avuga ko, amatora ariko ategurwa mu gihe amaradiyo yigenga yugawe mu gihugu, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’abamenyeshamakuru basanzwe bakorana na 11.11.11 ubu baterwa ubwoba, kandi abatavuga rumwe na Reta nabo, badashobora kwiyamamaza.

Ayo mashirahamwe avuga ko ashobora gusubira mu gikorwa cayo c’amatora, mu gihe ikirangamisi c’amatora cokwumvikanwako na bose. Amatora rero akaba ategekanijwe kuri uyu wa 29 Ruheshi, ariko hakaba harwiriye ibitero vy’abantu batera amagrenade mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Ivyanditswe Nimana Biregereje.Nukwo Nabavyerekwa Bavyerekwa Ugutanduka.Nye Rekaturindire.Abobadagi Nibagende Nakarehotoyabarundi,ntihotoyabobadagi.

  • Non amatora niyabanyamahanga cank niyabarundi ahubwo nashka mpanur abanyamahang bazoz kuyarorera guko amator niyabarundi

  • natwe turabashigikiy nimukomere amatora ntashoka muburundi mugabo le 29 tuzotora 0

  • AYOMASHIRAHAMWE AGIZENEZANTAGUSHIGIKIRA IKINYOMA.NATWE ABANYAGIHUGU.NTI TUZOTORATURANSE

  • MAMAMAMAWE!!!! HAMA NGWATORA AZOGENDA NEZA GUSUMBA AYAMAZE KUBA YOSE PITA NIBA YAHORA YEREKWA IBIGIYEKUBA UBU IPWEMU YIWE YARAVANGIWE NABADAYIMONI UBU IVYAKORA ABITUMWA NASHETANI RERO IYOWINJIWEMWO NIMPWEMU MBI WEWUBWAWE NTUBONA KO UKORESHWA NIMPWEMUMBI ABAGENZI BAWE NIBO BABIBONA RERO NABO URUMVA KO BAGUMA BASEMERERA NTIYUMVE RERO DUHAGURUKIRE1 TUMUSENGERE AYOMADAYIMONI AMUVEMWO AHANDIHO TUGANA HABI ARIKO AZOHAVA TUU

  • Amatora nayabarundi barimugihugu nobwoboba aribatatu abobazohagarara bwuma kubwigihugu cabo.

  • Kelly Na Hitimana Mwanguha Igihecuko Farawoni Nimbonerakureziwe Bafatwa Cageze .Koko Turindire Arikomumenye Kwimana Itabesha. Muzobamumbarira.

  • MWESEMURIHENDAKUBIJANYENAMATORAYACU HARATEVYEKUGERA TUZOZINDUKANKUMWAKUGUTORA AHUMBONGIREKONDARIKA ABEGIHUGUMWESE MUSIDUKANENIYONKAGUTORA ABOMUSHAKAMWESE UWUTAZIKAMATORA AZOBA ARAYABUZE BESHINUMVABIFUZA INTAMBARA BARAYITERA ABAZOYITSINDABARIHO

  • Ni Babireke Kuko Mu Burundi Si Amatora Azoba Ahubwo Ni Akaranda Kazokwimbira Uburundi N’abarundi Icobo.Nayo Abafashe Ingendo Y’igitugu,bibuke Ko Agasozi K’intabarirwa Kahiye Abagabo Babona.Mbe Leta Ya Pays Pauvre Comme Le Nôtre,yitwaje Iki Kugira Itere Akagere Yongere Yifatire Mu Gahanga Abari Bayibeshejeho? Burakeye Tubirabe!

  • MUZOTERE.PITAKUKOARATUBANGAMIYE.AMARASO,ASESECENIMESHI

  • emma
    uyomuntu yavuzengo harageze pita ni mbonerakure ziwe batangure gufatwa urahumba wakijujuwe ahubwo turabarindiriye mutobe amatora hama tubanyukure,mwaraduturiye turihorera mucamwibaza ko twavyibagiye ubusinkakare niryinyo kurindi grenade tere muzobon

  • Mbega Abarundi Ikizodutabara Nigiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.