IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FOCODE: Antime Baranshakaje, akarorero mu gukingira akaranga

FOCODE: Antime Baranshakaje, akarorero mu gukingira akaranga

dimanche 26 Nzero 2014

Ishirahamwe FOCODE ryaratanze agashimwe k’uyu mwaka ku witanze kuruta abandi mu gikingira akara ku Burundi. Ako gashimwe kakaba kegukiye umutama afise 79 yitwa Antime Baranshakaje. Uyu akaba ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.

JPEG - 234.3 ko
Antime Baranshakaje, umutimbo w’inararibonye yahawe agashimwe na FOCODE muri uyu mwaka

Ako gashimwe kagira umunani katanzwe n’ishirahamwe FOCODE kakaba katanzwe kuri uyu wa 25 Nzero uyu mwaka ku civugo kigira giti : ‘’Twese hamwe duteze imbere akaranga k’Uburundi". Ako gashimwe kahawe umutamba w’umutimbo Antime Baranshakaje. Niwe yatowe nk’akarorero ku ruta abandi uyu mwaka mu gukingira akaranga, na cane cane ingoma. Pacifique Ninahazwe arongoye FOCODE, ari nawe anayiserukira imbere y’amategeko, avuga ko vyabagoye cane kugira bashobore gutora uwitanze kuruta abandi muri ico gisata, kuko amazina yatanzwe kugira avemwo uworonswa ako gashimwe yari ayo abantu bakomeye mu gisata co gukingira akaranga, ndetse bakoze birashimwa.

JPEG - 179.1 ko
Pacifique Nininihazwe, umukuru wa FOCODE hamwe na Antime Baranshakaje

Muri abo, akaba yaravuze nk’umuhisi Patiri Jean Baptiste Ntahokaja, Patiri Adriyano Ntabona, umupfasoni Lyduine Nyamushirwa, umwigisha muri kaminuza Emile Mworoha, umwigisha muri kaminuza Denis Bukuru, Antime Baranshakaje n’abandi.
Mw’ijambo ryiwe, Pacifique Nininahazwe akaba yasavye Reta y’Uburundi gushigikira akaranga k’Uburundi na rirya igihugu cinjiye mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, hakaba hari amakenga ko akaranga k’Uburundi gashobora kuzozimangana na rirya abarundi ari bake mu karere, mu gihe ibindi bihugu usanga biri ku miriyoni zigera kuri 20 z’abanyagihugu, abarundi nabo, ari imiriyoni icenda gusa. Reta y’Uburundi rero, igahamagarirwa kwerekana ishaka mu gukingira akaranga, ihereye mu bushikiranganji bwegukira akaranga, aho usanga uko abagize Reta bahinduka, usanga igisata c’imico n’akaranga gica gihinduka, kikava muri ubu bushikiranganji kija mu bundi.

Kuri ivyo, bagasaba umukuru w’igihugu ko hoba umushikiranganji ajejwe akaranga n’imico y’abarundi gusa, ico gisata kikareka kwama gifatanye n’ibindi bisata.
Abatari bake rero bakaba barashimye ico ciyumviro, ndetse n’uwari ahejeje kuronka ako gashimwe akaba yasavye nyakubahwa umukuru w’igihugu, ko yokora ibishoboka vyose, akaranga k’Uburundi kakubahirizwa, kuko biboneka ko atagikozwe imico y’abanyamahanga ishobora kurusha inguvu iy’igihugu, gutyo abarundi bakabaho nk’abatagira imico n’akaranga.

Antime Baranshakaje agasaba abarundi gushigikira akaranga, ndetse ntibaze batinye n’abo batera ubwoba, kuko nawe nyene yigeze guhakwa kuzira ko yanse gukora ivyo bamwe bipfuza.

JPEG - 226.9 ko
Antime Baranshakaje ariko avuza ingoma mu kwigina ako gashimwe ka FOCODE k’umwaka w’2014

Ku bwa Jean Marie Vianney Rugerinyange, umuyobozi w’imico kama mu bushikiranganji bw’ikino, urwaruka n’imico kama yari yaserukiye Reta muri ivyo birori, yarashimiye bimwe bivuye ku mutima FOCODE ku bikorwa iryo shirahamwe rirangura haba mu gisata c’indero, aho ryubatse ishure, ndetse no mu birori, abateramishije abatumire bakaba bari abanyeshure biga kw’ishure ryubatswe na FOCODE Lycee Etoile de l’Espoire. Rugerinyange akaba kandi atibagiye gukeza uwari ahejeje kuronswa agashimwe, aho nawe nyene yavuze ko Antime Baranshamaje yateye imbuto imera, imbuto y’umuvugangoma, imbuto yerekana akaranga k’Uburundi mu makungu.

JPEG - 230.7 ko
Umunani bamaze guhabwa agashimwe gatangwa na FOCODE uko umwaka utashe

Ivyo birori vyo guha agashimwe Antime Barashamaje bikaba vyari vyatewe iteka n’abanyacubahiro batandukanye, harimwo bamwe mu bahoze ari ivyegera vy’abakuru b’igihugu nka Anatole Kanyenkiko, Yves Sahinguvu, abakuru b’imigambwe nka Karori Nditije wa UPRONA, Agaton Rwasa wa FNL, Chauvineau Mugwengezo wa UPD Zigamibanga, n’intumwa zari zaserukiye FRODEBU, CNDD FDD, eka na bamwe mu bashingamateka n’abakenguza, bamwe mu bigeze kuba abashikiranganji, n’abarongoye amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike bakaba bari bahishikiye.


NIZIGIRE Aristide & INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • NDABISHIMYE CANE,HARIHAKWIYE KOMUSHIRA IMIRISHO
    YOSE,YOSE N’ICATUMA IVUZWA N’IBIHE YUWO MUTAMA ANTIME BARANSHAKAJE KURI ZA CD, IVYUMA VYA CINEMA,HARYA KWIBARABARA MUGIHETA HARI PANARTE NTOYA CANE MUKAHASHIRA
    ICAAPA KININI.
    ZIZOHORE ZIVUGA NO
    KURI NOEL NA PASIKA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.