IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ati : «Mwime amatwi abuzuye amacakubiri »

Ati : «Mwime amatwi abuzuye amacakubiri »

lundi 10 Ruheshi 2013

Mu rugendo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza yagize mu ntara ya Bururi, muri komine ya Rumonge kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruheshi, yasavye abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda, ndetse akaba yarahaye imfashanyo abanyagihugu bo ku Mutambara.

Muri urwo rugendo yari kumwe na bamwe mu bagize Leta y’Uburundi, abashingamateka batowe mu ntara ya Bururi, n’abandi banyacubahiro batandukanye. Abo bose bari kumwe n’abanyagihugu, bakaba barashoboye kugira umushinge w’amashure abiri ku Mutambara muri komine ya Rumonge. Muri urwo rugendo rero icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaronkeyeho akaryo ko gukeza abanyagihugu kuko bitwararika cane ibikorwa rusangi bafashijwe n’abategetsi.

Muri ubwo butumwa kandi yahaye aba nyagihugu, Sinunguruza avuga ko abavyeyi bakwiye gukundisha abana ishure kuko nta terambere na rimwe rishoboka mu gihe ata ncabwenge ziri mu gihugu. Muri urwo rugendo rero, akaba yarahaye imfashanyo imiryango y’abantu bo ku Mutambara igizwe n’itoni zibiri n’igice v’umuceri, aho naho umuryango wese akaba waronka ibiro bitanu vy’umuceri, hakaba haronse ingo 93.

Ku bw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu rero yasavye abanyagihugu guhitamwo icatsi n’ururo, akaba yasavye kutumviriza inama z’abanyamacakubiri, abandanya avuga ko Uburundi bwababaye bihagije bivanye n’amacakubiri y’amoko ahitiye mu gihugu. Asaba abanyagihugu gufatana mu nda nk’abavukanyi kugire urukundo rusasagare mu Rumonge ndetse no gihugu cose.

Ku bijanye n’umutekano, buramatari w’intara ya Bururi umupfasoni Gloriose Nimenya avuga ko umutekano muri Rusangi wifashe neza, ariko akavuga ko bihora bishika rimwe rimwe hakaboneka utugorane tw’umutekano muke mu duce tumwe tumwe tw’iyo ntara. Abandanya avuga ko abantu bose ari ivyabona ko iyo hatari umutekano, ibintu vyose bigenda nabi.

Eka ndetse n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko abanyagihugu bakwiye gufumbatira umutekano na cane cane ko ari ikomine iri ku rubibe n’ikindi gihugu, ndetse tukabibutsa ko iyo komine iri ku rubibe rwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.