IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Audifax Ndabitoreye: Inteko mvamakungu nizo zikwiye kuza gukingira (...)

Audifax Ndabitoreye: Inteko mvamakungu nizo zikwiye kuza gukingira abarundi

mardi 28 Ndamukiza 2015

Inyifato mbi y’igiporisi ndetse n’iyugagwa ry’ama radio nka RPA(Ijwi ry’abanyagihugu) birerekana neza ko intwaro ya Petero Nkurunziza itagishoboye kumva mu majambo gusa, ahubwo bakwiye kumva ko inteko z’amakungu arizo zikwiye kuza gukingira abarundi.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Audifax Ndabitoreye, arongoye ishirahamwe’’Imbono Charisma’’, ndetse akaba n’umwe mu bamaze kumenyesha ko azitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, avuga ko babonanye na batari bake mu baserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, aho agatanga akarorero k’uwuserukira Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi ndetse n’Uburusiya. Muri uwo mubonano, uwo aserukira ishirahamwe’’Imbono Charisma’’ yamenyesheje ko bari bafise ubutumwa bwo gusaba ko, hoza ingabo mvamakungu zoza gucungera umutekano w’abanyagihugu.

Ku bwiwe, intwaro ya Petero Nkurunziza siyo abantu bagishobora ku bwira mu majambo gusa kuko atako bari bagize kugira biyamirize ko Petero Nkurunziza yo kwitoza ku kiringo kigira gatatu, ariko ko impanuro bamuhaye atashoboye kuzumvira, kandi baravye inyifato itari nziza y’igiporisi, aho barashe amasasu abari mu myiyerekano, arinaco gituma bafashe inzira yo gusaba ko hoza ingabo mvamakungu ngo baza gufasha gucungera umutekano.

Audifax Ndabitoreye akaba yaronse akaryo ko gusubira guhamagarira abanyagihugu kubandanya imyiyerekano kugira biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kuko rizoba rihonyanze ibwirizwa shingiro ndetse n’amasezerano y’ Arusha.

Tubibutse ko uno munsi ugira gatatu hatanguye imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura kugira biyamirize ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aho ni inyuma yaho umugambwe wa CNDD-FDD utangiye izina rya Petero Nkurunziza kugira azobaserukire mu matora yimirije. Aho mwomenya ko abantu bagera kuri 5 bamaze gusiga ubuzima muri iyo myiyerekano abagera kuri 157 bamaze guhagarikwa n’igiporisi.


Alida S.

Messages

  • Mbe abarundi muzokwerekana ico mumaze ryari?mukurasa gusa?gerageza turabasavye mwige kuganira mutorere inyishu ibibazo vyanyu ntaco mwama mwifata nkumwana atarakura. That’s childish. Imisi yose ngo AMAKUNGU!

  • Ndasavye ONU idukureko uyu mugabo Nkurunziza inganda zitariyongera kuko ntarota ahindura ingingo yafashe yo kumara abashigikiye amateka y’igihugu.

  • Je Nibaza Kwamakungu Atanezwe Abarundi None Umukuru W Igihugu Ashobora Kurenga Amasezerano Ukamengo Niw Mana.Bakwiye Kwiga Ukunt Bogondoza Umukuru Wigihugu Hakurikijw Umwumvikano.Biratangaj Kubona Mumugambw Aba dd Bose Memererayo Bakinira Inyungu Zabagomba Kwigarurira Igihugu Cacu.Ubu Ntibizoshoboka Nagato.Basirikare Bacu Abanyamerika Babigisha Kuba Abaja?Gipolisi Mwigishijwe Kuba Ibikoresho Vyabagomba Kwigira Ibigirwa Mana?Ndatangara Cane Gose

  • Odifaxe ahubwo sinzi nukuntu yatanze candidature yiwe, mbe inteko mpuzamakungu ziza gukora iki? abarundi bananiwe? we wumva woba umukuru wigihugu umeze uko? Abarundi ntimubaho, ubona we umaze iki aho kuraba ukuntu wohagarika iyo myiyerekano uguma uroha ugwaruka mwibarabara? we ko utajayo habuze iki?

  • WIBAGIYEIVYOWAKOZE,94.95.96,waruzikoarikobicabigenda,jahiyo

  • uwo mugesera ivyo yakoze nivyo agomba kugarukana nateswe ate aho baturira abantu mumapine haari kera abarundi tutarakanura hama ngwashaka kuba president nareke kuza arahenda urwaruka mbe kwatamwana iwe turabona ashira imbere?

  • Twoshaka twotekereza kuko ayo makungu nayo ahanzwe n’ibibazo: amerika yinjiye mu bihe vy’amatora mukaba muzi yuko imyiyamamazo yabo imara umwaka urenga; abafaransa nabo nyene nuko amatora nejo bundi, none ngo amakungu!? Nitwahitamwo kumarana bazoba bariko barorera kuko umwitwarariko wabo suwo umwirabure w’umurundi. Ni tuve hasi dutsimbataze ibikorwa, turwanye ubukene niwo mwansi wa mbere dufise. Demokrasi idashigikiwe n’iterambere ntahandi ijana atari mu kajagari.

  • baraza tuzobazimana kuvyo bazoba bazanye baze batwenga turotwenga baze bagwana nimuri somali baturuye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.