Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bagorikunda:" Abarenga amajana indwi baramaze gufatwa" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bagorikunda:" Abarenga amajana indwi baramaze gufatwa"

Bagorikunda:" Abarenga amajana indwi baramaze gufatwa"

vendredi 18 Nyakanga 2015

Umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda amenyesha ko abarenga amajana indwi aribo bamaze gufatwa bagirizwa kuba baragize uruhara mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015.

Muri kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015, Valentin Bagorikunda yavuze ko naho abo bamaze gufatwa hari abandi benshi bakironderwa.

Muri ico kiganiro catunganijwe mu ntumbero yo gutanga incamake y’icegeranyo ku matohoza yakozwe ku myiyerekano,umushikirizamanza wa Republika yavuze ko mu bamaze gufatwa harimwo abagiye mu myiyerekano, abagerageje gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,abitwaje ibirwanisho bateye mu buraruko bw’igihugu,hamwe n’abakora ubwicanyi mu gisagara ca Bujumbura.

Valentin Bagorikunda yavuze ko abatarafatwa bariko baronderwa mu gihugu bahungiyemwo,ariko ku bamaze gufatwa yavuze ko ata rubanza na rumwe rurahera.

Ico cegeranyo cashikirijwe mu ncamake,cerekana ko ku rutonde rw’abaronderwa harimwo abarongoye imigambwe myinshi itavuga rumwe na Reta, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe na bamwe mu bagerageje gutembagaza ubutegetsi bahungiye hanze.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.