IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bagorikunda: "Reta imaze guhomba amafaranga 51138872 y’amarundi kuva (...)

Bagorikunda: "Reta imaze guhomba amafaranga 51138872 y’amarundi kuva imyiyerekano itanguye"

jeudi 17 Nyakanga 2015

Umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda amenyesha ko kuva imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza itanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane,igihugu kimaze guhomba amafaranga angana imiliyaridi 51 imiriyoni 138 n’ibihumbi 872 vy’amarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,ashikiriza incamake y’icegerenyo cakozwe n’umurwi yashinze ngo ugire amatohoza ku myiyerekano yabaye,Valentin Bagorikunda yavuze ko abari mu myiyerekano bakoresheje abana bongera babaha ibiyayura mutwe.

Muri ico kiganiro Valenti Bagorikunda yavuze ko hakoreshejwe amafaranga menshi,ayo nayo yavuye mu mashirahamwe amwe adaharanira inyungu za politike,mu migambwe hamwe no mu bandi bantu bikorera ivyabo.

Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko bamwe mu bagize imyiyerekano bamaze guhagarikwa kandi nabandi bahungiye hanze y’igihugu bariko bararonderwa,kugira bashikanwe imbere y’ubutungane.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015,inyuma yaho umugambwe CNDD FDD umenyeshereje ko Petero Nkurunziza ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta n’amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike,bagumye bamenyesha ko ukwitoza kwa Petero Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu kutubahirije ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ubutungane bwu Burundi bucira inkonda! Mumenye ko mwebwe mwese mukorana nawe mumufasha kwica bene Burundi muri cokimwe nawe. Mumenye ko ayo mahera muharura ataruta ubuzima bwu Muntu. Harura rero Abantu mumaze kwica uko bangana? Vyose muzobibazwa umusi umwe. Dufise Imana ataco inyegejwe na kimwe!!

  • Njubu wumvirije ibivyanditse ngaha ugacawukanka ukumviriza ivyo uyumushingwamanza mukuru wuburundi yavugiyekuri radio BBC ucubona uwanditse iyinyandiko yihatiriye kugushaka gutekenika kandibutari bukunde. Muncamake nkuko uyumwanditsinyene abivuze muvuavuzwe numushingwamanza uyumwanditsi ntiyarikwibagira gushirangaha nakiryagitigiri cabantu bafunzwe cokimwe niryaeyamirwi babatondetsemwo ariko yose ihuriye mucitwa abashatse gutembagaza ubutegetsi le 13/05/2015 (imyigaragamvyo, guterakudeta, umurwiwateye ufise ibirwanisho Cibitoke na Kayanza, abakomeje kwica abantu biboneka kwarabashizwe kurutonde kugirabazicwe)

  • Mbe mwashizemwo ayo mwakoresheje amatora yanyu mwayeguye kunguvu

    .basha ndababwire!ibyo mukora byose rindire gato.itavyaye inyana izovyara ishuri

  • Igihe: kosora amakosa mw’iyo nkuru. Turu muri 2015, imyiyerekano yatanguye le 26/04/2015 ntabwo ari 2016!

    Ivyononekaye abarundi nimwihangane. Abagize imyiyerekano nabo sibo gusa bafise ivyo bakurikiranwako, ahubwo raba icatumye baja mw’ibarabara! Umuzi wa vyose ni mandat ya3. Nibahere gufata rero ku bagize reta y’Uburundi, bahereye kuri Nkurunziza, hakurikire abarongoye ugipolisi bishe abari mumyiyerekano iharanira uburenganzira bwabo, barangije baje mu bagize imyiyerekano uko bitategerezwa kumbure bakica abantu.
    Ubwo nibwo buzoba ari ubutungane. Bitabaye gutyo, bitebe bitebuke izo muriko muracira abandi mweho muzocirwa izirushirije!
    Hindura ingendo bigishoboka!

  • uruhombo rwose hamw n,indishi y,akababaro ku babuz ababo n,ivyabo ndetse n,ibindi bigiye guhomba muriyi minsi kuk peter adapfuy,kazungu na bunyoni nayo abandi bo n,ibisanzwe ntawuzohagarika!!!ivyo vyose ni peter azobiriha yame natagira tombora ngo apfe agiy kubiriha

  • ubgo bgiso kikanuza ako kagabo mukubesha huuu!! ngo muriko murabakurikirana gwa hiyo.

  • None ico gihombo caturutse he ? Muri ya masase naza roquets mwarasaga abenegihugu aho kuyakoresha mubarinda! Ntanisoni ukaja ahabona ukavuga amambo nkayo.

    Muvyanke muvyemereye hewe u burundi nta reta ifise ahubwo ni ibisuma biriko birasahura iguhugu

  • TURASAVYE,AYOMAFARNGA NIMENSHI,NTITWOYAHEBA ABAHAMAGAJE.IMYIYEREKANO NIBAYARIHE,VYANSENAHO MUBAFAT,MUBICE

  • Ntaco numva novuga kuko iyo mugabo arangwaje umutima.nibutse ko yanyigishije muri kaminuza ar,umushingantahe twari tuzi ko arincabwenge .cndd fdd izohumanya benshi. Aho yubahuka guvuga amahera leta imaze guhomba kuva imyiyerekano itanguye ntavuge inzirakarengane uburundi bumaze kubura mana ijambo ryagiye he. Rema ntuzobura ayurya n,amaraso y,abana babarundi azogutosha.

  • Mana Garukir Uburundi Bagorikundaw Urahengamye.

  • AYO MAHERA ARARENZE URUGERO AHUBWO ICIHUTIRWA NI UKWUGURURA AMARADIYO, KUJA MU BIGANIRO BITEGURA AMATORA MEZA N’INTWARO MFATAKIBANZA,KWAKA IBIGWANISHO ABATABIFITIYE UBURENGANZIRA, GUHUNGURA ABAHUNZE NO GUFUTA IYO MAREMENTANYA NGO NI AMATOHOZA.

  • none niyo yafashaga abiyamamazaga?

  • none niyo yafashaga abiyamamazaga?

  • N’uwigishijwe n’uyo yarahuye na bushoro. Pole Ndumiwe warahatswe. Uyo atagira ethique yokwigisha muri kaminuza?

  • Bullshit!!!
    Ahubwo nimutubwire ayo mumaze kwiba ari mu ma comptes yanyu àl’étranger ingene angana.

  • mutama, uwurya amakoma ntiyumva agakoma, mbega kangahe imbere yuko imyiyerekano itangura abayiteguye barekanye impamvu kandi bakanavuga ko irinze iba ibizokwononekara vyose bizobazwa Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD-FDD kuko batigeze bashira mu gaciro amasezerano ya arusha yaduhaye agahengwe, igihe bitangura muti ni agaca gatoyi cane 0.01% ubwo ntimwumva ko mwihinyuza, mbaye uwuraho ngira mwaciye mwikika mukiza murisahiriza muca mubiharura mu vyahononekariye! ariko rero nk’uwubahanura nihweje amashule mwize n’amabanga mujejwe, umuntu yohava yibaza akamaro ko kwiga ntushobore gutandukanya icatsi n’ururo.
    mwa bantu mukorera umuntu aho gukorera Igihugu cabibarutse Imana yabahaye mission yo gukorera, muramenya neza ko votre concience ariyo izobagiriza kuko aho nimwe mwihemukira ubwambere imbere yo guhemukira ukuri hanyuma abo mwanka bakagwa mu mporero. ikibabaje nuko muguma mwita ubucamanza bwanyu ngo ni "UBUTUNGANE" ico muragihindura n’ibindi murabihindura kurya mwanse ubushingantahe kandi mukabigendera 10/10 murazoraba n’ubutungane mureke kubwibeshera muzoba mubaye honette kandi n’Imana irashima abantu bifata uko bari. muri abacamanza pé. ariko murarabe muhindure kuko ico nkurunziza azoba kizobazwa abari kumuhanura ntibabikore aribo mwebwe.

  • At Edrissa, wotubwira mumategeko agenga uburundi nacanecane mwibwirizwa nshingiro ryu Burundi ahavuga kubijanye nabitoza kurwego rwumukuru wigihugu ko mugihe habonetsemwo uwikekwako adakwije ibisabwako arukuja kuvyura akduruvayo?

  • na bado mutama ayo murya ni menshi muyarira mumaraso menshi y abanyagihugu umusi igihugu kizobadahwa muzorya ayo muneye ndabarahiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.