Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bakozi b’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ntibaherutse kubona (...)
Bamwe mu bakozi b’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ntibaherutse kubona umushahara
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Bamwe mu bakozi bo mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bakwije ukwezi kugira kabiri badahabwa imishahara yabo. Abo bakozi bavuga ko batabona ingene bazorungika abana ku mashure mu mwaka w’ishure wimirije gutangura, aho akaba ari mu gihe kandi bemeza ko bibagora gutunga imiryango yabo.
Abo bakozi batarahembwa kuva mu kwezi kw’indwi bavuga ko amafaranga abandanya kwinjira mu bigega vy’igisagara ca Bujumbura ukuri kwamye nk’uko vyahora, ariko bakanegura ko itunganwa ry’ayo mafaranga ririmwo igipfungu. Bamwe muri abo bakozi bakavuga mbere ko hari amafaranga yinjira mu bigega vy’igisagara ca Bujumbura, ariko mu nyuma agakoreshwa mu bikorwa atagenewe, nk’iminsi mikuru y’igihugu, ayahabwa umugambwe uri ku butegetsi, canke igendereza. Ikindi abo bakozi banegura, ni abantu babandanya guhabwa akazi ku bwinshi, batanzwe n’umugambwe uri ku butegetsi, n’akazi bahawe ntibake gahari.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buremera ko hari abakozi baheraniwe ibirarane mu mishahara yabo, muri ubwo buyobozi bakavuga ko bariko bararaba uko ico kibazo cotorerwa inyishu.
Muri ubwo buyobozi baranegura ariko abakozi bagirizwa ko batoza amakori n’amatagisi y’igisagara ca Bujumbura, ariko ayo mafaranga ntashikanwe mu bigega.
IGIHE
Messages
30 Myandagaro 2016, 10:37, par nduwarugira eric
ewe burundi uratwengeje,none umuntu aheranigwa gute kandi aba yarakoze,hama ngw’abatozakori ntibayashikana aho yagenewe?none bagakurikiranwa!!!
30 Myandagaro 2016, 12:42, par zembede
nivyo kuri yi nkuru batanze kuki batozi kori ntibarishi kane
30 Myandagaro 2016, 14:18, par jimmy
EWE BURUNDI IRASIGAYE INYUMA MWITERAMBERE ,NKURUNZIZA TUZOHORA TUKWIBUKA KO WATUJANYE MUNZARA MUMASASE NONE URANSE NO KUDUHA UTWIWACU IMANA IZOGUSUBIRIZE MUNKOKO
30 Myandagaro 2016, 22:29, par Musaga
Ndabira amazu yo muri 62 yubatswe na Micombero niyo bagikoreramo,asha n’uwanka urukwavu yemera ko ruzi kwiruka genda Rwanda waradusize, akamaramaza DD izosiga ni hatari ndaq
31 Myandagaro 2016, 05:11, par Budangwa Mariya
@Musaga
Mbega k’ uvug’aba DD ngo ntibubatse ngw’amazu nayo muri 62 banz’utwereke ayo Bagaza na Buyoya bubatse hanyum’uhez’ubazaze ay’aba DD.Abarundi muratey’ikigongwe mbega wewe umuganda wawe n’uwuhe kugirang’igihugu giter’imbere? Mbega ntiwokwigira mw’ijuru mu Rwanda; aho bukera ariko nzaramba irabamara nuko ihitana ba ntaho nikora babuzwa kurim’ibibatunga.
31 Myandagaro 2016, 08:06, par Musaga
@Budangwa Marie,u Rwanda ntukaruvuge, rureke rugeze kure cane gose,ku bwa Bagaza na Buyoya wigeze ubona baturira Isoko n’imirima? le minimum twari dufise isuku,DD imaze 10ans zirenga n’isuku yarabananiye muga birumvikana umwanda wa mbere ni mu bwonko
31 Myandagaro 2016, 09:44, par Lambert
Nanga ko ibintu byanyu muzanamo u Rwanda, ego u Rwanda si paradizo ariko ntago bakora amafuti nkayo yanyu aho Mairie nka Buja inanirwa guhemba abakozi kandi baba bitanze ngo ishobore kwinjiza amahera naho kuvuga ngo abatoza amakori ntibayabagezaho ni uko mutari serious mu kazi kanyu ni gute umuntu wahaye akazi atuzuza inshingano ze ukamurekera ku kazi?
31 Myandagaro 2016, 16:08, par jean
indagara ntizikijabuka none amahera yabuze. ayo mairie ibona iyaha abategetsi baba mu kinyegero babundabunda ngo babone imfungugwa n ibiyeri nka kumwe kwa Hitler. n’akamaramaza
1er Nyakanga 2016, 18:26, par alia
haaahaaa abategetsi buburundi murigitangaza ikivuzwe ku burundi inyishu ni twarikukiye none uko kwi kukira nuko umukozi akora ntahembwe ?murateyisoni
3 Nyakanga 2016, 06:50, par nduwabik Francois
bakwiy. kurabukunt bobitorerumuti ntakindi numva cokogwa atarico