IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe gukurikirana urubanza rw’uwa 1 (...)

Bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe gukurikirana urubanza rw’uwa 1 Mukakaro

mardi 1er Mukakaro 2014

Isabukuru yo kwibuka uwa 1 Mukakaro iriko irahimbazwa mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no mu gihugu cose, naho bamwe mu bamenyeshamakuru bankiwe gukurikirana urwo rubanza, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Kuva igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo co kuri uyui wa 1 Mukakaro, abamenyeshamakuru bakaba bariko barakurikirana ukwo urwo rubanza ruriko ruragenda mu bibanza bitandukanye. Ariko bamwe bakaba bajuragizwa, ndetse baranabuzwa kwinjira ahariko habera urwo rubanza. Uretse ko basabwe kubanza gushika mu kigo c’intwazangabo kugira baronswe impusha, nazo nyene ntizabonetse. Igihe bamwe mu bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IGIHE hamwe n’abandi bashika muri ico kigo c’intwazangabo, hakaba haboneka imyidogo ya bamwe mu banyagihugu bavuga ko bategerezwa kuja kgira defile y’uyu munsi, ariko babuze uburenganzira,ndetse batariko baranumvirizwa.

Icagiye gutangaza abantu batandukanye akaba ari uwari ajejwe kwakira abaza kurondera izo mpusha aho mu kigo c’intwazangabo, vyamugora kwumviriza abamwitura. Uretse ko bamwe yabishurana akagaye, abandi bo ntiyanabumviriza.


Aristide Nizigire

Messages

  • nimwaba muvuga ivyo badashaka wagira ntibababuza. mugabo nta nzu ihisha umwotsi iriko irasha.

  • Harihobeshi bavyifuza gushika mwakiryakibanza arikobitabakundiye kobahashika kandurevye abantu babamwiyi micungararo bose nabandi bavuye hiryanohino tutibagiye nincutizuburundi zarizihari kubwishi ntibarigukwirwa mwakiryakibanza, Kiretseko ahamuburundi hamaze kwibonekezako harihababonako basumbandi mugihe hagize akantu katamugendera neza urwamo rugarukira kw’Isi yose ! Ubworero mugombakuvugako mugomba kuja kurega uburundi muri ONU!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! Nagombakubabwirako nomuma Commune ahibirori vyabereye abataribake vyabagoye kubikurikirana harinabowasanga barihejuru mubiti abandi buriye hejuru kumamodoka nahandihashoboka, mushakarero gutangamakuru yabantuvyagoye gukurikirana ibirori bizobatwara umwaka kiretse nimwaba muvugirabamwe abandintimubavugite! arikivyonavyo twocatuvyita ikimenyane!.

  • Mwebwe kumwuga wokumenyesha amakuru mwawuhinduye,uwa politique mwunva mwokwizegwa gute???.raba muhindura igendo,naho Atari mwese ,abo babatukisha bakirigwa barashikiriza ayamuhe,bagatanga amakuru aca umutima abanyagihugu mebegeze kure,ivyogushigikirana mumakosa mubihebe,murabe ko mutazizegwa na bose,akarorero,nkamuhozi,kiranvu,musobozi,abamenyeshamakuru uwibubanza Eroge,rumonge,namakamba,bose bikinira politique ntamwuga wokumenyesh’amakuru bakora.

  • ukubuza aba menyesha kuru kw’injira ntaco bizobazanira kuko tuzotegerezwa ku bimenya kuko n’uwendeye nyina mu rutara yaramenyekanye.reta n’imenye ko les medians ari troisième pouvoir ku bahoza ntibigikunda

  • uwiyita Mama ni abe yandika bike bike, asanga adashaka kubisoma wenyene. pfuma wandika kenshi,ariko wandike bikebike.

  • NDASHIMYE IYINKURU KUKO IBANDANYA YEREKANA UKWIKUKIRA KWUBURUNDI, KO ABARUNDI BENE IJAMBO KWARIBO BAFATA INGINGO!!!!!! JEWE KUBANKIRA NUMVA BABAGIRIYE NEZA, KUKO ARIMWE MWAMA MUVUGA, MWONGERA MUKOKEZA KO MUTARIKUKIRA!!!!!!!!! BIVYERETSE KO IGIHUGU KIRIMWO ABAGABO. NAYO NAMWE NIMWIBANDANIRIZE KWIGUMIRA MUBUKORONI!!!!!! HAHAHAHA HIHIHIHI

  • rutovu urakoze ko tubibona kumwe, nanje ndabagabisha ko mumwiyamamazo intumwa zabo tuzirindiranye igidhika kubibuga vyukwiyamamaza!!!!!!!! tuzobabaza baheze batwishure!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.