Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu banyarwanda birukanwa muri Tanzaniya baja mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu banyarwanda birukanwa muri Tanzaniya baja mu Burundi

Bamwe mu banyarwanda birukanwa muri Tanzaniya baja mu Burundi

mardi 27 Myandagaro 2013

Bamwe mu Banyarwanda baheruka kwirukanwa na Tanzaniya bahisemwo kuja mu Burundi hako boja iwabo mu Rwanda.

Buramatari w’intara ya Muyinga, mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, Ildephonse Ntawunkunda, yamenyesheje BBC ko muri komine Giteranyi, abanyarwanda bahashikiye, bakavuga ko bikunze boshima kuguma mu Burundi.

Buramatari Ntawunkunda ariko avuga ko abashikiye muri komine Murama, bavuga ko bashaka kubandanya mu Rwanda.
Abo bose ubu baciye bajanwa ku biro bikuru vy’intara kugira bidondore bamenye neza abo aribo, hanyuma bazoshikirizwe abajejwe intwaro mu Rwanda.

Muri Komine Giteranyi, hamaze gushika abashika cumi na bane, nayo muri komine Murama bashika cumi n’umunani.
Abajejwe intwaro ku ruhande rw’Uburundi bariko baraganira na bagenzi babo b’Urwanda kugira barabe ukuntu abo bantu botahukanwa.

Leta ya Tanzania iheruka gufata ingingo yo kwirukana abanyamahanga bose baba ku butaka bwa Tanzania badakwije ivyangombwa.
Abanyarwanda barenga ibihumbi bitandatu n’abarundi barenga ibihumbi bine, baramaze kuva muri Tanzania, co kimwe n’inka nyinshi cane.

JPEG - 28.2 ko
Impunzi z’abanyarwanda ziva muri Tanzaniya mu mwaka w’1996 (photo : BBC)

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.