IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Abapfasoni babaye kirumara mu nkino zo mu Burundi

Abapfasoni babaye kirumara mu nkino zo mu Burundi

mardi 20 Rusama 2014

Umupfasoni Lydia Nsekera ari mu bagize ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA) aherutse gutorwa kurongora igisata c’abapfasoni n’inkino mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ikino (CIO), yarakiriye iwe bamwe mu bakenyezi bigeze kuba baritera bakarisama mu nkino zitandutanye. Bamwe muri bo baracigisha igisata c’inkino ku masomero bigishako.

Kuri uwo wa gatandatu w’igenekerezo rya 18 Rusama, umupfasoni Lydia Nsekera yarakiriye bamwe mu bakenyezi bigeze kuba abanonotsi mu Burundi, abandi babaye rurangiranwa mu nkino izi canke ziriya. Izo nararibonye mu nkino, bamwe muribo n’ubu baragasazanye kuko usanga batanga ivyigwa vyo kwinonora imitsi aho basanzwe bigisha canke no mu bundi buzi hagarukamwo ivyo kwinonora imitsi.

Bamwe muri bo ni aba bakwirikira :

1) Umupfasoni Devote Barajenguye afise hafi imyaka 60 avuka muri komine Rusaka intara ya Mwaro. Yize kaminuza mu gisata co kwinonora imitsi (IEPS), ubu yigisha ivyo kwinonora imitsi kw’ishuri ryisumbuye Lycée Gikungu. Asanzwe ari no mw’ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi (Comité National Olympique).

2) Azwi kw’izina rya Kami, afise imyaka 41, ni intwazangabo yitwa Niyokindi Marie Ange yavukiye muri Komine Nyakabiga. Yahoze akina urukino rwa karaté, yaranabaye umunyabigega mw’ishirahamwe rya rugby mu Burundi, ubu naho ni icegera c’uwujejwe inkino mu gisirikare c’Uburundi. Arubatse afise abana 4.

3) Madeleine Ndikumagenge ni umushingamateka yahoze arongoye umurwi w’umupira w’amaboko New Colombe akaba n’ubu ari muri uwo murwi. Afise urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’inkino (IEPS) muri kaminuza y’Uburundi. Yarigishije kw’ishuri yisumbuye Lycée Vugizo aho yari n’umumenyereza w’urukino rwa Volley ball.

4) Umupfasoni Aurelie Niyoyabikoze, yavukiye mu ntara ya Muyinga, afise imyaka 39. Ni umuhagarikizi kandi n’umucamanza mu rukino rwa Judo.

5) Sylvie Hatungimana ni umukenyezi wa mbere mu Burundi yatanguye kwiga mu gisata c’inkino (IEPS) muri kaminuza y’Uburundi. Ubu afise imyaka 57 kandi kwinonora imitsi aracabibasha. Yigisha muri kaminuza y’Uburundi.

6) Phydia Inamahoro, afise imyaka 42, nta mukobwa n’umwe w’umurundikazi aramwegereza ku mwanya yagize ku metero 100 (100m). Avuka i Buhiga mu ntara ya Karuzi, yarigeze no kuba asimba urukiramende (Saut en hauteur). Muri kino gihe ni umumenyereza mw’ishuri ryo kwinonora imitsi ryo mu gisagara ca Bujumbura.

7) Umupfasoni Daphrose akina urukino rwa taekwondo rumwe bakina umenga baraguruka. Afise umukandara w’uryatsi rubisi (Ceinture Verte).


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.