Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashimiwe n’umukuru w’igihugu kuwa 1 Mukakaro
Abashimiwe n’umukuru w’igihugu kuwa 1 Mukakaro
mercredi 2 Mukakaro 2014
Mu birori vyo kwigina imyaka 52 iheze Uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze ubushimwe ku barundi n’abanyamahanga bakoze birashimwa. Muri abo, hakaba hari abashimiwe ku butwari bagize, abandi kuba bari mubatigeze bavuga nabi Uburundi, hamwe n’abitangiye abandi.

Muri abo bashimiwe, uwa mbere akaba ari Bihome. Uyo yemeye kwigura umwami Mwezi Gisabo, igihe yariko araronderwa n’abadagi. Yaremeye yambara inyambarabami, yigira Mwezi Gisabo, gutyo yemera gupfa mu kibanza c’umwami kugira akize igihugu ntikibure umwami.
Umupfasoni Laurence Ndadaye, nawe nyene akaba yararonse agashimwe. Umupfasoni w’uwiguze intwaro rusangi mu Burundi Ndadaye Melchior akaba yarashimiwe ku kwihangana yagumanye, ndetse gushika kuri iyi saha atigeze avuga nabi Uburundi. Uyo mupfasoni rero akaba yabuze umushingantahe wiwe ku wa 21 Gitugutu umwaka w’1993 agandaguwe. Umushingantahe wiwe niwe mukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu.
Abandi bashimiwe akaba ari umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, Mamadou Ba, umupfasoni Christine Ntahe, Colonel Pontient Hakizimana na Major Gerard Hamenyimana, bakoze birashimwa mu gihugu ca Somaliya, umuporisi Desire Hobonimana, Zephilin Manirakiza, umunyeshure Edmond Harabandi hamwe n’abanyamahanga babiri b’abakozi b’Imana.

Aristide Nizigire
Messages
2 Mukakaro 2014, 08:57, par René
Ubushimwe bwatanzwe neza nta mahinyu mbonamwo cette fois-ci. bravo Pita.
2 Mukakaro 2014, 12:04, par NTACO NTEMANGA!
Numusi ndabuze ico mpinyura!Hakoze ukuri!Nibaze ko yamanyanga yaheranye na 52 ans
2 Mukakaro 2014, 15:21, par MANZI
Na KAZUNGU yarakwiye kuronka agashimwe kuko nawene arikuvyifatamwo neza muri CONGO be nigisirikare ciwe!!!!!!
2 Mukakaro 2014, 17:59, par Mama
Nkimara kwumva ko katanzwe ubushimwe ntarasoma ababuhawe abaribo naciyenishiramwo ko umuhuza wabarundi Mohamed Rukara ataza kuburamwo, ngizendacasoma canke ndumviriza nasanze umuhuza wacu Mohamed Rukarara arimwo’ nanjekumutima nti; kabisa. kuvarero ahonagakurikiraniye uko umukuruwigihugu ashimira abakozeneza bikomeza kumpimbara cane umukuru wigihugu cacu arashoboye arakaramba kungoma. Hanyuma iyonibutse urukundo nakunda Ndadaye nkumva umufashawiwe afashweneza nigihugu bintera kunezerwa.
2 Mukakaro 2014, 18:15, par Sivyubu
ndamaramaye namba muka Ndadaye ashimwe ubu kuvumugabo apfa karabasovye abiyita abagabo.
3 Mukakaro 2014, 07:35, par philbert
Turanezerewe kukungene umukuru w’igihugu cacu atigera yibagira mu kwibuka umutambukanyi wa nyakubahwa Ndadaye naho abahaciye bose batigeze bamwibuka na gato.
3 Mukakaro 2014, 09:10, par ntiwihebure
Uhmmmmm, voila!!!!!!!!
Nuko iyo ikaba ingingo. Ntimukihebure! Nyenicubahiro, nihaba hari ivyiza yakoze, n’ico... Umupfasoni Laurance kweli! Ngiyo rero inziraguhemuka y’ukuri, atari bimwe vya nyakuri, ahubwo ngira bifatiye kukunyakura. N’ubugumyabanga ngira umuntu ntiyobushira kure.