IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bigeme barahohoterwa mu buryo butandukanye n’abakoresha (...)

Bamwe mu bigeme barahohoterwa mu buryo butandukanye n’abakoresha babo

vendredi 7 Ntwarante 2014

Abigeme bakora mu mazu barafise ingorane zitari nke. Hambavu yo kutagira amategeko abagenga nta masezerano bafise hagati yabo n’abakoresha babo, bakora amasaha menshi bataruhuka, agashahara k’intica ntikize, barwaye ntibavuzwa, barahohoterwa n’abakoresha babo, bivugwa n’umushingwamanza Cassien Yamuremye arongoye ishirahamwe APDS (association pour l’association du droit social) risanzwe ryishinze guharanira agateka k’abakozi n’akazi.

Mu gihe buca duhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 , twashimye kumenya uko abigeme n’abakenyezi bakora mu mazu babayeho n’ingorane bakunda guhura mu kazi kabo. Abakozi bo mu nzu rero, baserukira umurwi munini cane w’abakozi. Hari abarera abana , abakinjika , abakora mu mabutike , abaragira intungwa, abarera abantu bakuze ,abarera abagendana ubumuga, n’abandi n’abandi. Abo bose n’umuce w’abakozi bakora batagira amategeko abagenga, vyumvikana ko bahura n’ingorane zitari nke nk’uko vyemezwa na Cassien Yamuremye arongoye ishirahamwe APDS riharanira agateka k’abakozi n’akazi .

Mu kiganiro uwurongoye iryo shirahamwe APDS Cassien Yamuremye yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, aremeza ko abigeme bakora mu mazu bafise ingorane zitari nke. Hambavu yo kutagira amasezerano hagati yabo n’abakoresha babo bakora amasaha menshi bataruhuka, agashahara k’ intica ntikize , barwaye ntibavuzwe, barirukanwa batagira iyo baja kandi batanategujwe. Abo bakozi nyene usanga hari igihe bataronswa akaruhuko. Abo bigeme nyene barahohoterwa ku mubiri no ku mutima ariko bagatinya kwitwara. Hari n’abana usanga bakoreshwa batarakwiza imyaka nk’uko cassien yamuremye abandanya avuga. Uwo muce rero w’abakozi bo mu mazu, uratinya kwitura ubutungane kuko batinya ubushobozi bw’abakoresha babo. Mu gihe afise amasezerano, aba afise ibimugenga, ico akora, akazi azokora n’icajejwe, umushahara azohembwa, n’ibindi n’ibindi.

Mw’ishirahamwe APDS basaba abo bigeme n’abakenyezi kubitura igihe cose bahuye n’ingorane kuko muri iryo shirahamwe basaznwe babafasha . Mu gihe yahohotewe , mw’sihiraahmwe APDS amenyesha ko bamufasha kumwereka ingene yitura ubutungane, naho aja kwivuza mu gihe bikenewe kumuburanira bakamufasha, mu gihe adafise uburyo. Asaba abasanzwe baharanira agateka k’abakenyezi, guhagurukira ico kibazo kugira ivyo bintu bihagarare.

Muri APDS, basaba Reta kunganisha uwo murwi w’abakozi n’abandi bakozi, kugira nabo baronke amategeko abagenga, kandi ayo mategeko agashirwa mu kirundi kuko benshi batize gusoma no kwandika. Reta kandi, yorwanya abana bakoreshwa bakiri bato, n’ayandi mabi yose akorerwa uwo murwi w’abakozi. Cassien Yamuremye abandanya asaba Reta, gutera igikumu ku mategeko mpuzamakungu agenga abakozi n’akazi.


Floxella Karire

Messages

  • Muraba neza muvyo musaba,bishitse mugasaba amategeko abo nabo mu kazi kabo hazoharurwa vyinshi.Canke twisunze imishahara turonka tuzopfu dufata amadeni tugure ivyuma bizotuma twikorera ivyo bakora!Mwe murondeye kubavugira twahora dushiramwo nokubafasha muzoca mubaha ako kazi.Be mureka gufata amategeko mukuye i buraya ngo muce muyazana i Burundi hataragera?Murashira benshi mw’ibarabara ntakibuza!None ubwo buryo buhabwa mukuzana ivyo buzotunga abo twaha akazi?I buraya uko babayeho haracasigaye ikindi kinjana kugira dushike aho muvuga!

  • Aho wosanga umugore wiwe atamutunganiriza kashaka abo agumura.Nyamba wabuze ico ukora uriko urondera kubinyegeza inyuma uronke imfashanyo.Wewe ko wumva bahembwa make kandi bikubabaje aba bakoresha bahembwa angahe ko utarabavugira ko wigize umuhanga.barya kwa gusa,....hama bagahembwa nawe ngo harivo uzanye.

  • Reka kuba muhuguza, mushiraho amategeko, mbega Leta yananiwe ayagenga abigisha izoshobora ayaboboyi nabayaya!

  • nibazako abarundi tutarashikira iyontambwe yoguahiraho amategeko agenga abodukoresha mumazu nimishara yabo, kuko biroyeho nibake bobishobora kuvyubahiriza kandi abobura nababaha akokazi boba benshi par contre abahohotegwa mwobashoboza kubaburanira nivyo nakare igihugu kigengwa namategeko, nukubahiriza agateka kabeneco! murimake harimwo ivyiyumviro, bifashe nibidafashe. kubisanzwe abarundi turafise icodutandukaniyeko nabandi cankibindi bihugu kuko umukozi turamuraza tukamugaburira, bisigurako turabagwaneza. tufatana munda muritwinshi Yuri nkabavukanyi. eka niyo agwaye uramwitaho kuko abaruwawe. ariko bamwebamwe birabagora .nta regle sans exception. nimureke rero kujanyirana, abarundi biracagendeka, mubukenebwacu. nitwaterimbere tuzobishikako vyose. uyomukuru wiryoshirahamwe nagende gahoro, ntasange ariko agumura abiyarajejwe guharanira ubuzima Bwabo.

  • jewe nfise amakenga yiki kinyamakuru, kuko harimwo ibishikirizwamwo , bitabereye abazi ivyahitiye canke vyatubayeko ubwicanyi bwagahomera munwa, bisanibuguma bikoreshwa mumvugo zabamwebamwe cane cane murikigihe politike yameze nkiyihungabanwa, bigatuma haca hahinduka bamwe bagize leta kuko abandi baribatanzimihoho, nibindi... ikibabaje nuko tuziko uburundi buaanzwe buzwi kubwicanyi, ariko twahagarariwe namakungu kugira dusubize hamwe twubake, turongowe nabotwitoreye, igihe rero bam we banditse ngo tuzosohora inkoho, ngosinkakera mwatwica tutazikurasa, abandingo mugiramudutemagure , bikavugwa mukabireka bikarengana, mwatanze urubuga rwababiba amacakubiri ninteguro yintambara!!!. imana ntaniwe gusiribanga izonzira zose. nimureke kwwrekana abinjiwemwo nimigera yamacakubiri , kukobibandanije bihagurutsa imitima itaribikeneye atakamaro babifisemwo kuko gusa busima ibiteganywa gukorekera muribo. umwewese aca amera amagabo? none ntimuriko murafasha nkikinyamakuru icotuma dusubira mwihumbi? ntanahamwe ubwoko bumara ubundi, mug a tubitegwa minda arikumwewese azokwikorera umusaraba wiwe. ntamvuridahita. nimwanke abimonogoza mureke ivyiyumviro bifasha. blessd

  • @Pasteur wagiye hors sujet.Be mubanza musome ivyanditse hoho?Muribi harintambara yavuzwemwo?Ntaho mutaniye nabiyita ba mama na Giramahoro bafise imvugo zivuga intambara naho hoba handitswe ibindi!!

  • harabavuga intambara batayizi nabandi bayizi bakangwa nigihagararo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.