IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu borozi baranegura ingene itangwa ry’ibitungwa ritunganije

Bamwe mu borozi baranegura ingene itangwa ry’ibitungwa ritunganije

mercredi 4 Kigarama 2013

Zimwe mu ntumbero ziryo tangwa ry’ibitungwa akaba ari ukwo vyorwizwa, bigakwiragizwa mu borozi kugira bize bifashe abanyagihugu mu kwiteza imbere kuri abo bose babironse. Ivyo bitungwa navyo akaba ari nk’inka, impene, ingurube canke intama.

Ariko rero, n’ubwo uwo mugambi warujanye no kwiteza imbere, bamwe mu barimyi-borozi basanzwe bari mu mashirahamwe, baranegura itangwa ry’ivyo bitungwa. Bavuga ko ata mategeko akurikizwa mu kubitanga. Manirakiza Anatole, n’umurimyi-mworozi wo muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, avuga ko gushika n’ubu hakiri utunenge mu gutanga ibitungwa. “Iyo hageze kubitanga, akenshi ababitanga biherako canke hakaronka abatari bashikiriwe kuronka kubironka, ico gihe hagaca baha indyane z’ababironse n’abatabironse barenganijwe”. Ku bwa Manirakiza abagenywe gutanga ivyo ibitungwa, bari bakwiye kureka kuraba nkunzi mu gutanga ibitungwa. Yaba ku bitungwa bitobito canke binini binini hakwiye kwisungwa amategeko mu kubitanga.

Itangwa ry’ibitungwa ridatunganijwe neza, rikaba rinegurwa kandi no mu runani rw’abarimyi bo mu Burundi, FOPABU (Forum des Organisations des Producteurs et Agriculteurs du Burundi) rikorera mu ntara ya Ngozi. Paul Manirakiza asanzwe arongoye urwo runani, avuga ko itangwa ry’ibitungwa binini binini na bitobito ryari rikwiye gutangwa ku mugaragaro.

Abarimyi-borozi basaba ko amashirahamwe asanzwe abashigikira mu kwiteza imbere yokurikirana itangwa ry’ibitungwa kugira akarenganyo ntigasubire kwibonekeza mu Burundi. Ku bw’abo, bakabona ko horwizwa itangwa ry’ibitungwa bitobito vyo birwira n’ingonga nk’impene, kurusha guhera kw’itangwa ry’ibitungwa binini binini.


Mariella Bukuru

Messages

  • Bahaye inka utashoboye kuyitunga izobaho !!!Yemwe aba dd bo ntibaje mu mpera za projet bazosanga ari ubusa comme resultat ariko nta soni bibatera!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.