Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu rwaruka basaba bagenzi babo kutishinga abanyeporitike (...)
Bamwe mu rwaruka basaba bagenzi babo kutishinga abanyeporitike gusa
mardi 1er Ndamukiza 2014
Bamwe mu misore isanzwe ikora umwuga wo kubaza mu gisagara ca Bujumbura, ihamagarira urwaruka rugenzi rwabo gukura amaboko mu mpuzu, bakareka gukurikirana abanyepolitike bamwe bamwe barugira igikoresho.
Léonidas Nahimana na Clément Ndayishimiye n’imisore ibiri isanzwe ikora umwuga wo kubaza. Umwe afise imyaka 19 uwundi afise imyaka 21. Abo basore uko ari babiri basanzwe bava mu ntara za ruguru, kandi bakavuga ko basanzwe bava mu miryango ikenye, ariko ubu bakaba bapanze muri komine kamenge. Kugira bashobore kubaho rero bahisemwo gukora umwuga wo kubaza.

Bava muri komine kamenge igihe c’isaha 12 z’igitondo bagataha izindi cumi na zibiri z’umugoroba. Bamenyesha ko iyo bagira bakorere akabati umuntu, amafaranga angana ibihumbi amajana umunani niyo barihisha, uwugakoze ahembwa amafaranga ibihumbi 160 y’amarundi . Ni ukuvuga ko bobo bajejwe kugaharura kagasa neza, baca baronka amafranga 25000 canke 30000 mu mahera y’amarundi kw’ikomande imwe imwe. Batumenyesha ko kugira baronke ayandi ma komande baca banyarutsa cane ayo baba bahawe.
Ariko rero ivyo babaza vyose ntibifise igiciro kimwe, kuko bivana n’ubwiza c’ivyo bakoze hamwe n’udusharizo tuba turi ko. Iyo misore rero itumenyesha ko bivanye n’amafaranga baronka bashobora kwibeshaho hano mu gisagara mbere bakagurira utuvuta abakunzi babo canke abavyeyi babo. Ariko rero bavuga ko bababazwa n’urwaruka rwirirwa ruhendwa n’abanyeporitike, urundi narwo rukihebera ibiyayuramutwe. Bavuga bati : ’’Mbega urwo rwaruka rwirirwa rurahendwa n’abanyeporitike rwibaza ko bizorushikana he, narirya iyo abanyeporitike bashitse kuvyo bagomba baca bibagira urwo rwaruka.
Iyo misore ibiri irangiza isaba urwaruka rugenzi rwabo, gukura amaboko mu mpuzu , izo nguvu bafise zikazikoresha mu bikorwa vy’iterambere rirama. Basaba abaronse uburyo bwo kwiga kwijukira amashure, Reta nayo iheze ikore ibishoboka mu gufasha abariko bariga.

Floxella Karire
Messages
1er Ndamukiza 2014, 22:15, par Emange rwaruka!
Komere rwaruka