Ban Ki Moon agiye kurungika umuhanuzi wiwe adasanzwe kuganira na Reta y’Uburundi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 17 Kigarama 2015 saa 05:27
Yasomwe : 30654
0 0

Imbere y’uko haba inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu,umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon yavuze ko Uburundi buri hafi gushika mu bihe vy’intambara ifatiye ku ndyane za politike.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko intambara ishobora kwaduka mu Burundi ,ishobora kugira ingaruka mbi ku karere kose.
Ban Ki-Moon yavuze ko ubwicanyi bumaze iminsi bubera mu Burundi buteye ubwoba kandi ko yiteguye kurungika umuhanuzi wiwe (...)

Imbere y’uko haba inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu,umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon yavuze ko Uburundi buri hafi gushika mu bihe vy’intambara ifatiye ku ndyane za politike.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko intambara ishobora kwaduka mu Burundi ,ishobora kugira ingaruka mbi ku karere kose.

Ban Ki-Moon yavuze ko ubwicanyi bumaze iminsi bubera mu Burundi buteye ubwoba kandi ko yiteguye kurungika umuhanuzi wiwe adasanzwe mu biganiro bidasanzwe hamwe na Reta y’Uburundi.

Umutekano muke watanguye kwibonekeza mu Burundi ,mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015,kuva bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza ngo arongore Uburundi.

Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,yavuze ko ONU itariko irakora mu maguru masha ngo itorere inyishu ikibazo kiri mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
turarushe 18-12-2015 à 08:00

uwo mu ban ki moon aho yavugiye amajambo ataja mungiro turaziko ari umushinwa atarukundo adufitiye n,ahore ivyiwe turabizi ashigikiye reta ihari nico gituma akwega amaguru kukibazo c,uburundi

2
Gilbert 18-12-2015 à 07:24

Je kubwanje mbona uwo muhanuzi adasanzwe wa Ban Ki-Moon bikwiye kwaza kuvugana na Leta y’uburundi. Nakare inama isumba ingimba.

3
Gilbert NYANDWI 17-12-2015 à 21:57

Impanuro zamye zifasha beshi kuva kera na rindi. Impanuro zoba izidahengamira kuri bamwe canke kubandi.

4
JUNIOR 17-12-2015 à 21:40

AHUBWOPITA ARAKWIYEKWISURAKOKUVYOSENIWEABIGIRA AHUBWONINUMWICANYI

5
Tuzokira 17-12-2015 à 21:10

Natabaranye Amurungike Nawe Turabe Ngira Haricovamwo

6
MAHORO ET RUKUNDO. 17-12-2015 à 20:16

MBEGA ONU KIVUGA NGO INTAMBARA ISHOBORA KWADUKA,NIHO IKIBIBONA AKARORERO IBITERO VYABAYE KUMAKAMBI ABANTU INDIRI BISHWE,IVYO VYOSE BIRIKO BIGIRWA NA 3EME MANDAT.AHUBWO ONU NIFATE INGINGO IYO MANDAT BIYIHEBE KUKO AMASEZERANO YI ARUSHA YARAHONYANZWE MURAKOZE.

7
MAHORO ET RUKUNDO. 17-12-2015 à 20:15

MBEGA ONU KIVUGA NGO INTAMBARA ISHOBORA KWADUKA,NIHO IKIBIBONA AKARORERO IBITERO VYABAYE KUMAKAMBI ABANTU INDIRI BISHWE,IVYO VYOSE BIRIKO BIGIRWA NA 3EME MANDAT.AHUBWO ONU NIFATE INGINGO IYO MANDAT BIYIHEBE KUKO AMASEZERANO YI ARUSHA YARAHONYANZWE MURAKOZE.

8
Egide 17-12-2015 à 19:48

non uwo mu ban ki-moon wew akoresha akarimi atavyerekanish ibikorwa narek kudusamaza abarundi twaraciy ubwenge. araza yumvikanish nzoba ndaba uko biri buzogende..

9
mwene burundi 17-12-2015 à 18:27

MUZISHINGA KUVUGA MUTRYO TWANDURUKE DUHERA KUKO AMAJAMBO ATAHAHURIYE NIBIKORWA

10
kamaro 17-12-2015 à 18:10

uyu mutama jendamukunda kuko agenzamake, birya vyogukanga reta we ntubimubaze. arabonako abazungu bariko bararenganya reta yuburundi mukuisaba amananiza ngo niganire na CNARED kandi itaremera kwariyo ihungabanyumutekano mugisagara, CNARED nibanze yemereko ariyo ituma ziryankozi zibibi guhungabanyumutekano.....

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha