IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki-Moon asaba abarundi gusubira kwisunga amasezerano ya (...)

Ban Ki-Moon asaba abarundi gusubira kwisunga amasezerano ya Arusha

lundi 31 Myandagaro 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon, asaba Abarundi gusubira kwisunga amasezerano y’i Arusha, biciye mu biganiro, ukwumvikana n’ugutorera inyishu amatati biciye mu mahoro.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU ryo kuwa 28 Myandagaro 29 Myandagaro 2015,igihe Uburundi bwibuka imyaka 15 iheze hatewe umukono ku masezerano ya Arusha,Ban Ki-Moon amenyesha ko mu mezi atanu aheze amasezerano ya Arusha yabangamiwe.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba abayobozi b’impande zose za politike kwerekana ubutwari n’ukubona kure, mu gusubira mu biganiro n’abo batavuga rumwe, bakarengera ibibazo vya politike bibatandukanya.

Ban Ki-Moon amenyesha ko, uko ivyo izo mpande zidahuriyeko bishobora kuba bingana kwose, ari bito umuntu abigereranije n’ugusubira mu bwicanyi.

Ukwezi kumwe inyuma yuko amasezerano ya Arusha ateweko igikumu, umuhuza mu mugambi w’amahoro mu Burundi, Nelson Mandela, yavugiye mw’ishirahamwe ONU, ko Uburundi bwinjiye mu kiringo gishasha c’akahise kabwo. Yamenyesheje ko abazohungabanya amasezerano ya Arusha bazobibazwa imbere y’amateka.

Umunyamabanga amukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon, yasubiyemwo ubwo butumwa bwa Mandela. Yerekanye umwizero ko abategetsi b’impande zose za politike, harimwo abari mu buhungiro, bazokwerekana ukwiyemeza kwabo, ku vyerekeye kwubakira ku mahoro n’umutekano amasezerano ya Arusha yazanye mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Arusha ivugako nubwo abarundi boshavuzanya kizirakikaziririzwa gufata ikirwanisho nonendebera abatemera umukuruwigihugu Nkurunziza birirwa bariha inkumbi, ivyinivyo umunyamabanga mukuru wa ONU avuzeko arukurenga amasezerano ya Arusha.

  • Arusha ivuga kwicara mukaganira arikontivuga kujakwica abenegihugu.

  • Abarundi barasaze kubera kwica

  • Haaaaaa!!!! Naho Musemerera Twebwe Turabona Ko Uburundi Buzogarugwa N’ Uhoraho Kuko Uko Tubona Amarundi Dutekewe Nubwoba Nubukene Ewe Mana Garukira Uburundi

  • Ibiganiro Ntaco Bishikako Kuko Uwufata Ingingo Ni Uwiteka

  • Wewe wiyita AVEC uri mubantu baneye ubwenge basiga ibicurane mumutwe,none reka ndakubaze imbonerakure inkoho bari bahawe zarizo gukora iki ubona ko munganya ubwenge mwese. Ntabwo warumugambwe wabibahaye, munyuma sivyo vyagarutse muza murabinigisha abantu wagipfapfa we,nyakurwa mwiwese.

  • uwomushingantahe yiyunvira nkumushingantahe imana imuhe umugisha ariko ahabigeze nimana niyo ikwiye kuba hagati ok thehand of gad be on you

  • @ Scott, mwavumwe igihe mwabishomba nako igihemwabirungika muburundi maze ukomuvyinziza mugihugu mugakomeza mwijijisha muvugango imbonerakure ngobarazihaye ibirwanisho rekatubakoreshenabi ubwobufranga mwirirwamuratanga ngonutwokugura ibirwanisho vyokwica abarundi mugume mudukorera mwongera mudutanga muzokwisange mwavunikiyubusa nomubikorwa vyomunzuzanyu muzojwisange murinyuma vyakaburarugero anyuma mutangurengo iyinamenya.

  • @ Scott, intambara yamasasu ugombuyihebe utangure iyogutukana? Ahotuzocatuguhebera.

  • Babwir Izo Ntumva!Ugutw Kwihen Kwumva Kwokeje.

  • Ni mukundane nkuko Imana yadukunze!

  • Itegeko ni itegeko ryubahirizwa nk’itegeko utaravye ngo uyu ni kanaka.Isezrrano naryo nyene co kimwe,.Iyo vwiyemeje isezerano runaka utaryubahirijevni wewe ribanza gufata ubwa mbere.Nico gituma imbere yo kugira ikiganiro icarico cose Nkurunziza yobanza kwigishwa itegekobn’isezerano akabimenya,akerekwa ikizira icarico,akamenya ko amaraso y’umuntuvari meranda kuri nyeneyo,ikizira n’umuvumo kuwuyasheshe ata mpamvu nka Nkurunzi.Ibiganiro vy’amahoro vyoba yakinjuye kandi nta majambobyovugwa menshi atari kwumvikana ingene hojaho leta yizewe na bose igaca yihuta kwaka ibirwanisho imbonero,gutegura amatora nyayo,nkuru atarimwo.Dusavyevko amategeko yokurikizwa kugira n’abandi bazogire ico bubaha.

  • Onu Nayo Irazikubesha Kuva Ahomwavugiye Ntimuhura’ Ataco Mushoboye Nimuhor, Hama Uwuzosigara Niwe Azoba Muburundi.(Ariko Biratangaje Kubona Uburundi Igihugu Canyuma Kwisi Arico Kibananira Gufatira Ingigo!Onu Ikebuke)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.