IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon asaba impande zishamiranye mu Burundi kwigumya

Ban Ki Moon asaba impande zishamiranye mu Burundi kwigumya

samedi 12 Kigarama 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon aratera ivyatsi ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare mu gisagara ca Bujumbura mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,bikozwe n’imirwi y’abantu bataramenyekana.

Mw’itangazo yasohoye inyuma y’ivyo bitero ,Ban Ki-Moon saba abarongoye imirwi igira ibitero hamwe n’abategetsi b’igihugu kwigumya kugira ntibitume amabi yiyongera mu gihugu.Amenyesha ko abari inyuma y’amabi akorwa bazobibazwa umwe wese ku gatwe kiwe.

Muri iryo tangazo umunyamabanga mukuru wa ONU asaba impande zose kwubahiriza Reta ishingiye ku mategeko,agasba abategetsi guterera kugira haboneke icuka ciza cotuma haba ibiganiro bibabye mu muco kandi vyitabwe n’impande zose.

Mu kurangiza,Ban Ki-Moon amenyesha ko ashigikiye utwigoro twose dufise intumbero yo gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi biciye mu mwumvikano.


IGIHE

Messages

  • Mbe iyo uburundi butewe baca bavuga ngo bayage naba Nyangoma?kandi batemera ko aribo batera uburundi?abo bateye kumakambi ko Nyangoma atavuga ko ari abiwe ariko akaguma asaba ibiganiro mugihe bateye?
    Nimurabe kure izo oolitic zishaje zuyo nabandi bose ba pacific nabandi nabandi
    Ikibazo Niki,reta igiye kuganira nishirahamwe rigizwe n,amashirahamwe ategamiye inyungu za politic kugira bashike kuki kandi bo atanyungu nimwe bafisemwo bakwiye kuvugira bose ariko bakaba bari m,uruhande rwabatavuga rumwe na leta?
    Abo n,abasuma Murakoze mwihangane nari maze iminsi ntari kurubuga abanzi jewe nkunda kubaza

  • nimutureke twimaranire uwuzorushwa azota yomoke tutagejeje kubantu 5000 ntituzohagarika kuko nyakubahawa NKURUNZIZA niyo maraso yipfuza ngo ashimwe anahabwe umudari wubutware numwami w’isi dragon

  • Izo nbonerakure zihanga amakanbi ataryo zishoboye reka zihabonere.dusemerera ngo bariko baraziha inkoho none raba iryotwavuga biriko biribonekeza mugisagara cabujunbura cane cane Munyakabiga;Mucitoke;Mutakura;Musaga;Ngagara;Jabe Inbonerakure zaho zari zariye amavubi ariko abajejwe umutekano baryifashemwo neza cane.Pôle Santa baze

  • On en a ASSEZ DE ces DÉCLARATIONS pendant que le génocide continue.

  • NIBUMVIKANE BAREKE KUBESHA NGO NTABA SHINZWEUM UTEKANO BAPFUYE NGOHAPFUYE AABATEYE Nimwemere Ikigegamugisangile mureke Kurya Mwenyene

  • Muvyukuri Nkurunziza Adatanz Ubutegetsi Ntamahoro Guhanwa Nibisanzwe . Icotuzi Nukobazohana Baherey Hejuru Umunyamafuti Arazwi

  • yemwebarundi mbegamuraziko umuntuyaremwen imana abobarasa nibareke kononakiremwamuntu ayomaraso bamenye ko imana izoyababaza soma itanguriro 4:9-13

  • Muribuka imbanuro nigeze kubaha, nti nyabuna mwa misore reka kwita kurisongoye, nababwiye y’uko aba Fdd batazopfa baneshejwe kuri kanyeshamba. Murabaza umushingantahe Petero Buyoya ingwano hagati y’abakomagu biwe n’intagoheka za Fdd, intambara yabereye ahantu hitwa i Mwura. Kuva ico gihe yaciye yemera ibiganiro. Canke mubaze Al Shabab ayo yabonye. Ni mwikubite agashi.

  • ico niyumvira kuriyo nkuru ndashima ko leta zunzubumwe z amerika bama bitanga mu kuhanura ariko ikibazo kigaruka cane niki none ni kubera iki umukuru wigihugu aguma avuga ngo nta ntambara izosubira kandi ata musi wijana atabitero canke atabantu bapfuye hariyindi ntambara iruta iyo? murakoze.

  • uwo Ban ki moon kuva amenyeko muburundi hari intambara sivuba abamaze gupfa inyuma yaho avyumviye nisinzi non habuze bangahe bopfa kugira igitigiri cogutabara gikwire? kubera atari mubazungu ntasobora kurungika abogutabara..canke ntabafis yorungika gutabara? emusingantahe Ban ki moon rungika abatabara uburundi imifyimba yabantu bamaze kuhagwa atanico bazira nebeni nkibisoboka nejo wobarungitse

  • CNDD-FDD mwibuke ko mwashitse ku butegetsi mutagifatishije umuheto, mwitonde kuko iryo bara ry’icago abapolice banyu baraye bakoze mu Nyakabiga, Jabe, Musaga n’ahandi muzobibazwa kandi ntibizokwijana, Imana izobakubita intahe mu gahanga, abasore n’abagabo barenga ijana bapfuye bishwe umusi umwe !!, ni agahomerabunwa. Ugutwara vyabananiye, hereza abandi mukiri beza! N’ay’ahandi ho tugiye kubicarira tubavume murakavumwa!!

  • Jewe Mbabajwe Nabantu Bariko Barapfa Ataco Bazira Bariko Bakorera Abanyeporitike Gusa Mbega Abo Babatuma Nikuberaki Batobagira Imbere Bakaraba Kwiyomitwe Batayimena Mbega Bokwanka Botuma Abahe Nkubu Ko Bapfuye Bobo Ntibakomeye Nibaza Tubungabunge Igihugu Cacu Twoye Kujananyabahuru Iyo Myaka Itanu Simyishi Nabobagishikire Ariko Badatowe Nabenegihugu Ntabarogitwara Murakoze

  • Uyu munyamabanga mukuru wa ONU ndakunda cane, ariko hariho akantu atanze mumpanuro ahaye abategetsi canke abajejwe umutekano mu Burundi kavuga kubijanye nabateye amakambi yigisirikare cu Burundi , mbeyobayashatse kuvugako mugihe abajejwe umutekano batewe BOKWIGUMYA NTIBIVUNE UMWANSI maze umwansi ikikomereza amarembe wamugani wabagande? Akakantu ko KWIGUMYA igihe abasirikare batewe sinatahuye icogasigura?

  • Uyo bani kim ameze nkaba chinois bemera peter turarushe nayo matangazo yiwe mbe ivyo biganiro yama yavuze ntabasoda bo duha ningoga araruhisha nawene.

  • Imana Yacu Se W’ Umwami Wacu Yesu Kristo Kwer Nihangaz Uburund Nabarund Nayahand Birakomey Kuk Nabo Bivugira Ayo Bagomvy Uhoraho Arababona Iciza Rer Umuntu Yovugamake Hak Ata Ururimi Agahava Acumura No Kuyamuremy Kuk Ivyo Vyose Yo Irabiz. Kand S’uk Atavyishoboye.

  • abakiriho nimuze dushimire Imana twonger dufukamike amav yacu kugira Imana idutabare naho twamaz kugera ahatemba

  • Mutama Ban kimoon umenye ko aho uri uzohava atariho uzokwama kandi ibi vyose umenye ko uzobibazwa rindira

  • La Paix ,chose Important Dans La Vie Courant.

  • ban ki nye izongabo avuga siwe uzikuriyese kuki atazohehereza arabisabande kandi ashinzwe ibibazo byintambara bigaragara ko UN ariyumucuruzi uharanirinyunguze atiriya bibumbiyehamwe nkuko babyita izasenyuke ahubwo
    ntirengera abari gupfa kubera inyungu byabaye nahano turabizi ntabumuntu
    ejo nihagira uhagarika ubwicanyi UN izahita izana imishinga itangire ivugeko batari baziko abantu bari gupfa buriya nibwo burya bateguramo aho bashira imishinga yabo baracuruza abapfuye ibazenawe

  • Biragoye Cyane Ko uburundi Bukira Kukwabarhanze Yabwo Kandi Bagowe Nibenshi Cyane Kandibagowe Igikogwa Nicyimana YAburemyd Dusenge Cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.