Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Ban Ki-Moon na Obama bamenyesha ko hakenewe ibiganiro vyihutirwa mu Burundi
Yanditswe taliki ya 17-12-2015 - isaha 08:15' na Van Naris Mugisha

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon na Barack Obama umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko hakenewe ibiganiro bihuza impande zose mu Burundi n’inzego mpuzamakungu mu maguru masha mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vya politike mu Burundi.

Mu kiganiro bagiranye kuri Telefone kuwa mbere igenekerezo rya 14 Kigarama 2015,Ban Ki-Moon na Barack Obama bavuze ko ikibazo kiri mu Burundi kimaze kujana abarundi ibihumbi mu kaga.

Naho igihugu c’Ubuganda gihagarikiye ibiganiro casavye amafaranga atari make kugira gitnguze ibiganiro,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryaremeye gutanga amafaranga yofasha ariko rica risaba ko vyoba ibiganiro bitorera inyishu vy’ukuri ibibazo vya politike bir mu Burundi.

Ibihugu bitari bike biramaze gusaba ko hoba ibiganiro bihuza impande zose mu ntumbero yo kugarukana umutekano mu gihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

vyobavyiza wendatwatekana tugacaturondera amahoro

17.12.2015 à 20:29
regis

Nukuri Ishirahamw Rya Buraya Ryoba Rigiz Ico rimara hamw ryotanga ubwo buryo kuk abandu aho tugez turatuntuy birenz uko vyorwa. hama obama naw na ban ki -moon nibarek kurwiz amajambo gusa atabikorwa vyabo turiko turabona

17.12.2015 à 19:56
Egide

Ivyo biganiro bizogirira akamaro abazoba bakiriho.Nayo abishwe n’abiciwe nta kamaro. Ewe Burundi wagorwa ! Muri za Kajaga no muri Tanzania vyarabaye ariko abahutu n’abatutsi biciwe Bose kandi kuko aburundi baragowe

17.12.2015 à 15:10
nkundwa

Kwataco muvuze ku Rwanda ? Mwibaza ko ivyorukoreye uburundi nabarundi babwoko mugihe atanakimwe mwobivugako kobizijina ivyacu nkabarundi bizohera ariko hatagize ikivurwa hagati yu Burundi nu Rwanda bigakorwa kurwego mpuzamakungu twebwe nkabarundi tuzogerageza ukodushoboye kwose mpakaturusubirije mundumane ndabibabwiye banyakwubahwa twebwe abarundi duteba kuraka ariko ?

17.12.2015 à 14:51
Schwarzenegger

Reka satan yikorere nayo onu na makungu twarababonye hama umu jeune wese yanka peter ja mubandi urwane canke uhunge kuko satan arakwica Mana tabara !

17.12.2015 à 14:10
BIZI

Nibabikore turabe !Kuko amajambo twarayaze.

17.12.2015 à 11:51
Hitimana François

Nibabikore turabe !Kuko amajambo twarayaze.

17.12.2015 à 11:48
Hitimana François

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.