Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofasha kugarukana umutekano mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 1er Kigarama 2015 saa 09:42
Yasomwe : 127512
0 0

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofatwa kugira umutekano ugaruke mu Burundi. Muri izo ngingo zitatu, Ban Ki Moon yatoyemwo imwe abona yofasha bivanye n’umwanya wa poritike Uburundi burimwo.
Inama y’umutekano ya ONU yashikirijwe kuri uwu wa mbere ingingo zitatu Ban Ki Moon abonamwo umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi. Ban Ki Moon avuga ko inama y’umutekano ya ONU yohitamwo ko horungikwa mu Burundi inteko za ONU zijejwe (...)

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yashikirije ingingo zitatu zofatwa kugira umutekano ugaruke mu Burundi. Muri izo ngingo zitatu, Ban Ki Moon yatoyemwo imwe abona yofasha bivanye n’umwanya wa poritike Uburundi burimwo.

Inama y’umutekano ya ONU yashikirijwe kuri uwu wa mbere ingingo zitatu Ban Ki Moon abonamwo umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.
Ban Ki Moon avuga ko inama y’umutekano ya ONU yohitamwo ko horungikwa mu Burundi inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano, kurungika umurwi udasanzwe wa poritike wo gufasha gutanguza ibiganiro hamwe n’ugucungera iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, canke ko horungikwa umurwi w’abakozi ba ONU wo gufasha umuhanuzi adasanzwe wa ONU Jamal Benomar gushigikira ibiganiro vya poritike no guhanura Reta y’Uburundi mu bijanye n’ugukomeza umutekano.

JPEG - 57.6 ko
Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Kubwa Ban Ki Moon, bivanye n’uko abona ivya poritike n’umutekano vyifashe mu Burundi muri iki gihe, ingingo igira gatatu niyo abona yofasha, iyo nayo ikaba ijanye n’irungikwa ry’umurwi w’abakozi ba ONU bajejwe gufasha gutegura ibiganiro hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU afise amakenga ko ubwicanyi bushobora gukwira igihugu cose c’Uburundi, bivuye ku ntureka ico gihugu kirimwo kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane.


Kumenyekanisha

1
MURUTA 23-02-2016 à 18:26

ahubwo amakungo yatevye umunyagihu aragowe atapfuye nizara apfa numutekano muke ayo niya masasu yaburi musi nama bobe

2
LARISSA 12-12-2015 à 14:11

Amahanga ntacyo azadufasha tuzifash’ubwacu n’Imana yacu

3
egide 6-12-2015 à 02:34

ahubwo ONU yari yatebeje iyo ikarungika uwo murwi ukafasha mubiganiro amaraso yasesetse muburundi ntiyari guseseka. abantu bapfuy muburundi nibeshi bazira ukwihorana kwabanyepolitike. ahubwo ONU ninyaragase mumaguru masha.

4
baragomwa 5-12-2015 à 08:10

uyu arogoye oni kobashira ibere inteko ziza muburudi ababiziza ibikwanisho ntibizo bicijira

5
baragomwa 5-12-2015 à 08:10

uyu arogoye oni kobashira ibere inteko ziza muburudi ababiziza ibikwanisho ntibizo bicijira

6
KWIZERA ASMAAN 4-12-2015 à 18:58

Ewe Burundi Warushe,kuki Hoza Izo Ngabo Za ONU? EGO NIZIZE MUGANI VYANSE NTIBAZOTAHA AMAHORO BANADUFASHE BAFUKUZE UWO MUZI MUBI UTERIVYO VYOSE

7
Japhet NDAYISHIMIYE 2-12-2015 à 22:57

Muburundi turakumbuye amahoro,umuntu wese abona kwafise ico yoterera mukugarukana amahoro ntaruhuke adashize mwagatoke kiwe kandi bizomugira umugabo kuko bampema yuzuye bobo ntamutekano wabene gihugu banezwa,nahanyu gukora bakunzi buburundi

8
MANIRAKIZA 2-12-2015 à 20:53

Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi

9
MANIRAKIZA 2-12-2015 à 20:52

Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi

10
MANIRAKIZA 2-12-2015 à 20:50

Uburundi ntanteko bwasavye ahubwo ashaka kurungika inteko zogufasha ba cyrille gutembagaza ubutegetsi

11
M 2-12-2015 à 17:05

Babatabara huuu!? vugango babahambe ubundi witurize babuzingufu zokubatabarase?

12
mukwe 1er-12-2015 à 21:48

ndashimiye ban kimoon nashire hamwe na obama badutabare abarundi twirirwa twicwa atacamira, tuzira ko tutemera ikiringo ca 3 cankurunziz yihaye kunguvu.nongera nsab k abobavyey bazazay tugow batokwibagir kwugurur am radio yingeng namashirahamw yigenga.

13
Abdul Kalim 1er-12-2015 à 21:11

on nirungike abobasirikare kuku banyangoma bokwicwa niyireta kuku nkurunziza bamurogeye kwigungira kubutegetsi

14
Nkurikiye ,jean Claud 1er-12-2015 à 18:48

Ese Uni ,nen Ko Ishinzwe Amahoro Kwisi ,abantu Baguma ,bicwa Burimusi ,nn ,ahoyavugiye Ntiyoza, Igakiza Abarundi,obama ,kiza Abarundi ,bageze Ahatemba

15
Nkurikiye ,jean Claud 1er-12-2015 à 18:46

Ese Uni ,nen Ko Ishinzwe Amahoro Kwisi ,abantu Baguma ,bicwa Burimusi ,nn ,ahoyavugiye Ntiyoza, Igakiza Abarundi,obama ,kiza Abarundi ,bageze Ahatemba

16
gilbert 1er-12-2015 à 17:05

Ivyavuga ban ki moon,ndamushimira cane kuko ashaka gusabira ikigongwe abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabanyagihugu,rero abarundi turakwiye kumenya ko umutekano wacu nibibazo vyacu artwe tubitorera umuti,abangaye nabo amakungu agiye kubasabira ikigongwe bitwaje intekomvamakungu

17
Kamikazi 1er-12-2015 à 16:06

Mu vyukuri uyu mutama nanume. Ingorane arayizi nareke guca ku ruhande.

18
Jeorje 1er-12-2015 à 16:01

Ahubwo igikuru nuko mwotahura umukino wubu janja piter arikwa kina Namakungu mukubereka ko vyose vyera De! Kandi Abarundi benshi Bariko baratikira ,abandi bivugwa muri cave ya permanace ya sndd_fdd Nyabuna tabaranya Ufatingingo Iribushigwe mungiro vuba.Ataraajambo.

19
Celestin 1er-12-2015 à 15:21

Ariko Ntibaze Gucanishamwo Abarundi!Nibaze Bashire Aho Bene Gihugu Batobato Bashimye

20
Germain nikwigize junior. 1er-12-2015 à 13:49

Onu nibikore imbonerakure zitaramara abantu.

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha