IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Banki ya Afrika ijejwe iterambere yiyemeje gukomeza imigenderanire (...)

Banki ya Afrika ijejwe iterambere yiyemeje gukomeza imigenderanire n’Uburundi

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Umukuru wa banki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD : Banque Africaine de Développement), Donald Kaberuka, mu mubonano yagiranye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, yarasubiriye kwemeza ko iyo banki arongoye izobandanya ishigikira Uburundi mu bikorwa vy’ugusanura igihugu.

Donald Kaberuka, umukuru wa banki ya Afrika ijejwe iterambere yamenyesheje ko urwego arongoye rusanzwe rufise ibikorwa vyinshi vy’iterambere rwiteguriye kurangura mu Burundi, cane ugusanura inyubakwa n’amabarabara.
Donald Kaberuka asigura ko buguruye n’ubuserukizi bw’iyo banki mu Burundi, kugira bashobore kurangura ibikorwa bihaye bitagoranye.

JPEG - 25.2 ko
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza (i bubamfu), ari kumwe na Donald Kaberuka, umukuru wa banki ya Afrika ijejwe iterambere (i buryo)

Mu kwezi kwa Rusama umwaka w’2013, banki ya Afrika ijejwe iterambere yariyemeje gushigikira ibikorwa vy’ukurwiza ingomero z’umuyagankuba. Uwo mugambi wafashwe mu mugongo ku buryo bw’amafaranga agera ku miriyoni 9,594 z’amadorare. Donald Kaberuka akamenyesha ko yipfuza imigenderanire n’ugufashanya vyokomera muri kazoza, hagati y’Uburundi na banki ya Afrika ijejwe iterambere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.