Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack Obama yamenyesheje ikintu kimuraje ishinge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Barack Obama yamenyesheje ikintu kimuraje ishinge

Barack Obama yamenyesheje ikintu kimuraje ishinge

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Barack Obama ,umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika yamenyesheje kuri uwu wa kabiri ko kimwe mu bintu bimuraje ishinge, ari umunsi abana biwe bazogenda kwiga muri kaminuza, ntaze arababona minsi yose.

Barack Obama, nk’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’amerika bisanzwe bizwi ko afise ama dosiye menshi akomeye amuraje ishinge, nk’uko bimeze no ku bandi ba perezida bo kw’isi.Mugabo ivyo yavuze vyatangaje abantu batari bake.

Barack Obama yavuze ko ikintu kimwe kimuraje ishinge ari igihe abana biwe babiri bazogenda kwiga muri kaminuza, batazoba bakibana ngo azoze arababona iminsi yose. Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yongera avuga ko avyiyumviriye arira hafi umunsi wose, kandi aba ababaye cane, ibintu adashobora gusigura, kubona abana biwe baba bamutaye bagiye kwiga kure yiwe.

Obama yasavye ababishoboye kumufasha muri ivyo bihe bizoba bigoye kuri we, bamusengere mbere aranashimira ku bantu bamusengeye, kandi bamubaye hafi na cane cane umugore wiwe Michelle Obama, igihe yabona abana biwe batanguye gukura no kugenda gutemberera ama kaminuza bazokwigako, ikintu cabaye ikibazo gikomeye kuri we.

Mwomenya ko imfura ya Barack Obama, Malia afise imyaka 16, ari mu guheza amashure yisumbuye, azomuha uburenganzira bwo kwiga kaminuza. Sasha, umwana mutoyi wa Barack Obama afise imyaka 14 wewe akaba azotangura kaminuza se wiwe atakiri umukuru w’igihugu, ivyo bigashobora gutuma Obama yimukira mu gisagara kirimwo kaminuza abana biwe bigamwo.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.