IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Barahiye bararengwa ko batava ku biro vy’umuhuza w’abarundi batishuwe

Barahiye bararengwa ko batava ku biro vy’umuhuza w’abarundi batishuwe

jeudi 24 Mukakaro 2014

Imiryango y’abantu bagera ku majana ane bo mu Gatunguru bugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi, basaba kuronswa imfashanyo Reta y’Uburundi yabemereye kubaha.

Abanyagihugu bagizwe n’abagabo, abana, abatamakazi n’abakanyezi muribo harimwo n’abibungenze, bamaze indwi zirenga zibiri bugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi basaba Reta imfashanyo yabemereye. Inyuma y’aho abanyagihugu bo mu Gatunguru bashikiwe n’ikiza c’imvura mu kwezi kwa Ruhuhuma, kikabatwara ivyabo vyose, abatari bake baciye bata izabo, baca begeranirizwa mu masite, aho abagira neza bashobora kubafashiriza, nk’ukubaronsa ivyo baba barafungura. Naho Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kubarihira inzu amezi atatu, abo banyagihugu bo bavuga ko bishwe n’inzara kuko ataco bagisigaranye bafungura, n’intete bari bararonse akaba atazo bagisigaranye.

Ahishakiye Amedée, yaserukiye abaje kwugariza ibiro vy’umuhuza w’abarundi, avuga ko bafashe ingingo yo kuza kuraba umuhuza kugira bamwisabire ivyo Reta y’Uburundi yari yarabemereye bakiri mu masite gushika n’ubu batararonswa. Naho hari ababagiriza ko baje gusaba amaparasera, Amedée avuga ko baje gusaba ivyo bari baremerewe nk’umutahe wo kwiyungunganya, indya z’amezi atatu, ivyombo vyo mu nzu. Kubwabo, bakabona ko Reta iriko ibafata nk’imicafu n’ikibazo cabo bakavuga ko kiriko kiratereranwa.

Abo banyagihugu bugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi basaba ko ikibazo cabo cirwa mu maguru masha kuko n’abana batanguye kurwara, muribo habaka hari abafashwe n’indwara zo gucibwamwo na marariya kubw’ukubura utuzu twa sugumwe n’ico bashira ku munwa, kuko ata n’umugira neza arabagarukirako aho bari ku biro vy’umuhuza. Abavyeyi bakaba baciye bafata ingingo yo kuja mu mabaraba gusegereza abahita kugira baronke n’amazi yo kunywa.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, ubushikiranganji bwo gushigikiranira buvuga ko ikibazo cabo banyagihugu kiriko kirirwa, bukabasaba ko basubira mu masite baje bavamwo, kugira abe ariho babasanza ivyo basaba. Aho ni mu gihe abo banyagihugu bo bavuga ko imfashanyo basavye bategerezwa kuzironkera ku biro vy’umuhuza w’abarundi.

Tubibutse ko abo banyagihugu baje kwugariza ibiro vy’umuhuza ari abaje bava mu masite ane ariyo, site ya mbere ya Kinama, imbere y’iyo komine, site ya kabiri ya Kinama, iya gatatu ni Gatunguru, iya kane ni site ya Buyengero paroisse.

Mwomenya kandi ko barahiye bararengwa kutazovaho bataronse indya baje gusaba, bagasaba Reta y’Uburundi kubasigurira ukungene ikibazo cabo kitaratorerwa inyishu kandi kimaze igihe kizwi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ubwose reta irabangenza gute ntibazi ko nivyo bobaha ntaco vyobamarira gusa naho reta ikenye nipfe yo kwikubita aganshi irabe mangene yo bafasha kuko bahuye nivyago bikomeye.cane kwi isi yose.

  • Ubwose reta irabangenza gute ntibazi ko nivyo bobaha ntaco vyobamarira gusa naho reta ikenye nipfe yo kwikubita aganshi irabe mangene yo bafasha kuko bahuye nivyago bikomeye.cane kwi isi yose.

  • Birababaje ejo uzosanga bavuga ngo mudutore ko menya ko hatanzwe imfashanyo nyishi zavuye hanze bazishize he none zaraheze biteye ikigongwe.mwihangane..

  • Nyamba batazi reta barira iyariyo bazopfirahohama babahambekuko ntampuhweiyo reta ifise icizi ntukwankiriza abenegihugu . Nayabagomba gufashwa nibarindire izondazabo bagabo bagifukamye munda zibanze zuzure . Hama ngira bazovyiyunvira .

  • Mwabatorera iki?reka rero bashire mungiro ivyo babemereye.erega nivyo nyene.uwo nawe avuga ko rets ikenye ,ko abari muri yo bafise ubuzima co kimwe nabari muri reta ya USA.

  • Muhutu ewe muhutu nibiki ga muhutu bikubako??muhutu koma induru ??!!muhutu reka gukoma induru ntanumwe akwuva umubanyiwawe yarimutse ????ahooooo jewe umuhutu biragoye umututsi yagiye hee???mpfume ndamuganyira?????yaaaaa jewe umuhutu nakuye umututsi shiraho umuhutu none yahindutse umuzungu ??nikirundi yabariye ko yacibagiye??none ubu ndatora nde, kugira ankureko uyu muhutu wumuzungu!?????%@yaaaaa ntaco reka ndondere mutusi tubiganire ahuko ntwangwa numuzungu

  • ariko muzogeza ryari mwa mpemazuzuyemwe kuniga abene gihugu ¿¡
    mufata ubutunzi bw’igihugu mwiseherako mwikikiriza mukikombororezako n’udusigarira bene barundi batibitse umukanda mu nda muti muzobarabira izanyu ni zasendwa!
    abo mwanka gufasha harimwo ba burundi bw’ejo buce mukinagira ngo mushaka amajwi ni mwayabura mwongere muyibe ngo ntibabona!ni mutabafasha imivumo yabo muzoyibona nubwo hohera igihe kirekire idibamire ko mwahawe na Bacemwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.