Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba abanyeporitike gushira imbere ibiganiro
Basaba abanyeporitike gushira imbere ibiganiro
mercredi 4 Kigarama 2013
Abanyeporitike ni bashire imbere ibiganiro aho kuja mw’ibarabara, kuko ingaruka mbi zoba nyishi, bimenyeshwa n’urunani rw’amashirahamwe yishinze guharanira amatora yigenga, adatera induru kandi ateza imbere intwaro rusangi COPELAD (coalition des organisations engages pour la promotion des elections libres).

Iryo shirahamwe rikaba ryatunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Kigarama, ku vyerekeye imyiyerekano yateguwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta ku munsi wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama uyu mwaka. Uwuserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe Muyabaga Venuste agira ati: ’’turazi aho imyiyerekano muri kahise yatugejeje, ubu twari dukwiye guha ikibanza ibiganiro, imyiyerekano ikwiye kuba mu gihe izindi nzira zose zanse’’
Muri iryo shirahamwe COPELAD basaba abanyeporitike bafise utungongono kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro kwitura inama nshingamateka yo ifise ico kibazo mu minwe, nayo iheze ibikorereko ku neza y’abarundi bose. Agira ati: ’’ Abanyeporitike ni bareke kwirengagiza ko, iyo itegeko rigenga amatora rihindutse n’ibwirizwa nshingiro rigomba guhinduka.’’
Yarangije asaba abanyeporitike bari ku butegetsi canke bipfuza kubushikira, gushira imbere inama n’ingingo bagahagararira ayo masezerano igihugu c’Uburundi caronse bitoroshe. Abanyagihugu nabo ni birengagize abariko baronderera inda zabo, barindire umunsi wo guca urubanza mu gihe c’amatora.
Floxella Karire