IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abanyagihugu basaba abategetsi gukurikiza iragi rya (...)

Bujumbura: Abanyagihugu basaba abategetsi gukurikiza iragi rya Rwagasore

lundi 14 Gitugutu 2013

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura twashoboye kuyaga nabo, basaba abategetsi barongoye inzego zose, kwubahiriza umuntu wese mu bikorwa vyiwe, haba mu budandaji, mu bikorwa vya politike nk’uko Rwagasore yavyipfuza, ndetse nk’uko yagiye arabimenyesha mu majambo yagenda arashikiriza.

Ivyo bakaba babivuze mu gihe bamwe bemeza ko baburagizwa mu bikorwa vyabo, kandi ababarongoye bazi neza ko ubuzima bwo mu gisagara bugoye, ataco uhereje iminwe wokwicwa na kigoyi, canke ukaja mu busuma n’ubundi bubegito. Bamwe mu bapfasoni badandariza ivyamwa mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bakaba batubariye ko bababazwa cane n’ukuntu batagira aho badandariza, bakama bariko barasiganwa n’abajejwe umutekano, kandi Uburundi ari igihugu cabo, bafise nabonyene uburenganzira bw’ukudandaza nk’abandi. Abo bapfasoni bakaba babandanije batumenyesha ko ijambo Rwagasore yasize araze abarundi ryokurikizwa vyukuri, rikaja mu ngiro, rikareka kwama rivuzwa ku wa 13 Gitugutu hamwe no ku munsi mukuru w’ukwikukira, ariko abarongoye abandi bagafata akanya ko kurizirikanako, kuko abo bapfasoni bemeza ko bakubagurwa cane, mu gihe baba bariko bararondera ico abana bofungura, kandi bazi ko bari mu gihugu bategerezwa kwigenga.

Eka no mubazi Rwagasore, bamenyesha ko ikigongwe n’urukundo uyo muganwa yari afitiye abataco bafise, vyagiye akagirire. Mariko Ndabaneze, amenyesha ko ivyo vyoba vyatumwe n’intambara Uburundi bwagiye buracamwo. Ndabaneze asaba abategetsi bose ko indyane canke ukundi kwinubana kwibonekeza mu gihugu c’Uburundi vyohagarara, maze igihugu kikaba ica bose, ntihabe nyagupfa na nyagukira, umwe wese akubahirizwa mu bikorwa vyiwe.


Aristide N, Floxella K.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.