Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba gufashwa kuko imvura ibarembeje aho bahungiye
Basaba gufashwa kuko imvura ibarembeje aho bahungiye
lundi 20 Gitugutu 2014
Inzara, imvura ku mugongo nivyo bibangamiye abanyagihugu bavuye ku Mutambara muri komine ya Rumonge, ubu basanzwe bahungiye ku biro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara.

Abo banyagihugu bakaba bataye izabo baza i Bujumbura, inyuma y’abo bamenyeshereje ko hari umurwi w’abantu bahawe amabati,nabo barabima kandi yari agenewe abo bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya. Abo banyagihugu rero basaba amabati n’amatongo,bakavuga ko batacizeye umushikiranganji w’ugufatana munda Korotirida Niragira,kuko ivyo ababwira adaheza ngo abishire mu ngiro.
Basaba umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara kubafasha ikibazo cabo kigatorerwa umuti. Umwe mubaserukira abo banyagihugu bari ku biro vy’umuhuza akaba asaba abagiraneza ko bobagarukirako, kuko ikigoyi kibarembeje, imibu eka na zimwe mu ndwara z’ugucibwamwo zikaba zatanguye gufata abana bakiri bato.

Aristide Nizigire
Messages
20 Gitugutu 2014, 23:21, par isaka
ab bant ntibarir busema nibabatunganiriz umunt mukur nkumudhkiranganj yoshobor kwibeshr?oya nibz kwatrukwikawush n’impamv z’akz
21 Gitugutu 2014, 07:11, par vyisi
Nagira nsabe leta yubururundi na nyeneicubahiro Peter NKURIZIZA ko borekakuja barabwira ibihugu vyyaduhaye indaro Ngo bitwirukane muburundi amahoro. Yariraye kandi nabahhungutse mudashobora kubaha aho baba please please we beg you don’t dare to say it is shame to you. Thanks
10 Nzero 2015, 07:14, par ni isaka
nonesi baba fasha gute retayahagarikimvuranangwa