Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba iyubahirizwa ry’ingingo ya sentare y’ubahiriza ibwirizwa (...)
Basaba iyubahirizwa ry’ingingo ya sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro
mercredi 6 Rusama 2015
Ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemanze ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza kudaciye kubiri n’amategeko, imyiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo yarikwiye guhagarara, nk’uko bivugwa n’abakenguzamateka bituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Nk’uko vyashikirijwe n’umwe mu bakenguzamateka 14 bari bandikiye Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro bayisaba gutanga umuco ku kibazo c’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, baramenyesha ko baronse inyishu. Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro yaramenyesheje ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bidaciye kubiri n’amategeko.
Reverien Ndikuriyo yavuze kw’izina ry’abo bakenguzamateka, yaramenyesheje ko Sentare y’ubahiriza ibwiriza shingiro yisunze ingingo za 96 na 302 y’ibwirizwa shingiro kuko arizo abanyagihugu batumva kumwe, iyo sentare yaciye izitangako umuco aho yemeje ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bidateye ku biri n’ibwirizwa nshingiro ya Repubulika y’Uburundi yo ku wa 18 Ntwarante 2005.
Abo bakenguzamateka baboneyeho akaryo ko gusaba abarundi bose ko bokubahiriza iyo ngingo ya Sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro, ndetse n’imyiyerekano yariko iraba mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati zoca zihagarara.
Aho mu kamenya ko imigambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegetsi n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bo bamenyesha ko ingingo yatanzwe na sentare y’ubuhariza ibwirizwa shingiro ataco isiguye.
Ku bwa Leonidas Hatungimana, umwe mubahoze mu mugambwe CNDD-FDD yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, amenyesha ko inzego zamemye zihenda kandi ko abarundi bafise uburenganzira bwo kwiyamiriza uwo wese ashaka guhonyanga amategeko.
Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE rimwe mu mashirahamwe atarekwa ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aremeza neza ko ingingo ya sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro ataco isiguye. Ku bwiwe sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro bayitura iyo umugwi ujejwe gutegura amatora wanse kwakira i dossiye y’uwushaka kuzitoza, aho niho baca bitura iyo sentare kugira itange umuco. Pacifique Nininahazwe aramenyesha kandi ko batarota bahesha, Petero Nkurunziza atemeye gusokora mu matora kuko ukwitoza kwiwe guhonyanga amategeko.
Aho mukamenya ko iyo sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro yafashe iyo ngingo mu gihe icegera c’uwuyirongoye wewe yari yamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda kuko yariko agirwako iterabwoba ,bamusaba ko yemeze iyo ngingo, nawe abona ko iciye ku biri na mategeko
Alida S.
Messages
6 Rusama 2015, 11:49, par muco
C’est ce que vous croyez? Mwe mwagiye kumwemeza ngo abaserukire, munyuma muca muja kumwitwarira muri cour constitutionnelle? Canke mwitwariye CENI kuko yanse kwakira candidature yiwe? Ico tuzi n’uko imanza ziciwe hakoresheje iterabwoba ataco ziba zimaze, donc zidashobora kwubahirizwa.
6 Rusama 2015, 12:35, par manzi
umugabo nkuyu avuga ko Nkurunziza yosubira kwitoza ari nka so yopfuma apfa urabona ukuntadedemba mbaho mategeko avuga yubahirizwa nayahe kombona ariwe yarakwiye kuyuvahuriza none ariwe ariko arayahonyanga. nosense!!!! bazofata aba taxi velo babagira abakenguzamateka hama ubabaze ivyamategeko
6 Rusama 2015, 12:58, par muco2
Oya ntibitwariye CENI ahubwo bashaka ko urwo rwego rwo rwonyene rujejwe gusigura ingingo ziri muri constitution rutanga umuco ko CNDD-FDD hari amakosa yakoze mu gutanga umu candidat. Aho ho umuntu yoca yibaza impavu hari abagiye mwibaraba. Bo bashingiye kuki?
6 Rusama 2015, 14:14, par MUMU
Uwo Reverien wewe ntavyiwe jewe ndamuzi bihagije abo bamenyereye gusesa amaraso...........bunva ibiri kuba ataco bibabwiye ibintu vyose bavuga ntibigira amatwi namaguru les signatuures zabo zose zisaaaaaaaaaaaa Bose ni baceceke akari inyuma karahinda
6 Rusama 2015, 14:50, par I
Sentare yubahiriza ibwirizwashingiro yarangije gucurubanza, nukuvuga uwowese yokomeza kutubahiriza ivyo iyosentare yavuze niwazoba atubahiriza amategeko. NUKUVUGA KUGERUBU NUBWOYOBA UMUNTAVUYEHE VYOBAGORA KUMUSIGURIRA ICABATUMYE BAGUMA MURAYO MABARABARA KUGERUBU BIROROSHE KUBITA ABAGUMUTSI KUKO NTA MEANS YIGITUMA BOBABARIMWIBARABARA.
6 Rusama 2015, 15:12, par manirakiza
Mbega murajanarwo ngo harabaye mwo iterabwoba...Twese turazi gusoma amategeko ivyo cours constitutionnelle yavuze nivyo .Ahubwo iyo baja kuvyanka twavuga ko ari akandi bashaka.Art 96 irarekuriye Peter kwitoza we pacifique reka kuroha abandi mumabarabara.We umenye ko uzoja muri la Haye ou uzokwicwa nabo bantu bagenda babura ababo dans des manifestations idiotes
Sinon twebwe akazi kacu kahagaze kandi ni kubera wewe.On doit payer les banques ...Ayo mahera baguhaye ngo utere umudugararu i bujumbura uriko unigura abarundi ubicisha inzara.Gatoyi mwahagaritse ama camions i jenda azana ibidandazwa bivuye kure..Ko wigira umuntu wimbabazi zirya camions ugira ziba zivuye kuhahira Peter Nkurunziza?Reactions zacu ziri tres contraires a la tienne..Uriko utwica uriko utwambura waruzi ko les retards entre jenda et bujumbura zirihwa na les commercants....Ja mubiganiro muhungu ahandi tusgusubirako
6 Rusama 2015, 22:14, par Mateso Kobero
HARIHO ABAVUGA BAKIVUGISHA’ UWUBIZINIJEWE NUGAYE IDUKARYANJE KUBERA AKAKAGUMA UBUNARISIGARANYE ABAZAMU NABAJEJWE UMUTEKANO UBUNKABA MBARIZWA MUNTARA YA MUYINGA AHITWA KOBERO, ARIKOBURIMUSI NDARONKA MSGS ZIVUYE KUBAZAMU NOKUBABANYI NABAJEJWE UMUTEKANO EKANABOMUNTARO BAMBARIRAKO IDUJARYANJE RICUNGEREWE KUBURYO NTOGIRA UBWOBA NABUTO. EGONIVYONARINSANZWE MFISE IVYONKORERA NGAHA MUYINGA KOBERO ARIKO SINAHABA, ARIKO ICANTANGAJE NABANTUBAKO ! YABABOMUMASHIRAHAMWE YIGENGA YABANABANYAMIMBWE NABAJEJWE INTWARO COKIMWE NABAJEJWE UMUTEKANO, BOSEBAHURIZA KUKINTUCITWA COKWIRINDA IMIGUMUKO MUNTARAYABO, MBERE IYUGEZE AHITWA KOBERE WOMENGO NI BUJUMBURA YIMUKIYEYO! UWAVUZEKO AMAHORO NUMUTEKANO ARIBWOBUTUNZI NITERAMBERE NTIYABESHE. ARIKO BARARINDIRANYE IGISHIKACISHI NGWAGASANDUGU KAMATORA’ IRYORERO NIBANGARYABO.