IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba ko isoko yabo yokingirwa ntize itokombere nk’isoko nkuru ya (...)

Basaba ko isoko yabo yokingirwa ntize itokombere nk’isoko nkuru ya Bujumbura

vendredi 24 Nzero 2014

Abadandariza mw’isoko yo mu Ruvumera bamenyesha ko bafise amakenga y’aho badandariza mu gihe amabarabara yaga, bigatuma umunsi iyo soko yofatwa n’umuriro bizogorana ko kizimyamwoto izimya.

Ivyo abo badandaza bakabivuga baravye ukwo amasoko amwe amwe yo mu gihugu aza arasha, ibiriyo bigatokombererayo. Abo badandaza rero bakaba bateye akamo kugira iyo soko ibe irakingirwa hakiri kare. Bavuga ko utubarabara twaga cane, ku buryo kizimyamwoto itoronka aho ica, kugira izimye.

Abadandariza aho mu Ruvumera bakaba benshi ari abahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura itarasha ngo itokombere, aho bavuga ko bahahamutse baravye uko bacikiye amaboko muri iyo soko. Bakabandanya basaba ko isoko yo kuri COTEBU yonyarutswa kugira batangure kuyikoreramwo, nk’uko vyashikirijwe na Reta, bakimara kuburira utwabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, kugira barabe ko kunyundanyundira aho mu Ruvumera vyohera.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.