IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Basavye amatohoza ku basirikare kugira imyimenyerezo ibandanye

Basavye amatohoza ku basirikare kugira imyimenyerezo ibandanye

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi buremeza ko abanyamahanga bahora bari mu Burundi gutanga imyimenyerezo ku basirikare batakihabarizwa.

Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa kane, ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’ Amerika mu Burundi buremeza ko abanyamahanga bahora batanga inyigisho ku basirikare ba barundi, mu mugambi’’ ACOTA’’ batakiri ku butaka bw’Uburundi. Muri urwo rwandiko, bamenyesha ko bariko bararaba ko mu basirikare baronswa iyo myimenyerezo b’abarundi, hatoba harimwo abagirizwa kuba barahungabanije agateka kazina muntu, ari naco catumye abo banyamahanga basubira inyuma.

Ubuserukiriza bwa Reta zunzubumwe z’Amerika, burizeza ko inyuma y’ayo matohoza, abo banyamahanga bazogaruka kubandanya bamenyereza abasirikare ba barundi barungikwa mu bikogwa vyo kugarukana amahoro.

Muri iryo tangazo baramenyesha kandi ko atabakozi babo bariko barahunga Uburundi kubera umutekano muke uvugwa mu gihugu, ariko ko babandanya gukurikiranira hafi ibiba mu gihugu ni vyaba ngombwa, abanyamerika bari mu Burundi bazoza baramenyeshwa amakuru y’uko ibintu vyifashe.

Tubibutse kw’ivyo bishikirijwe inyuma y’amakuru yatanzwe ko abanyamahanga baturuka mu bihugu vya Amerika n’Ubufaransa boba bahagaritse ivyigwa bahora batanga ku basirikare ba barundi, bavuga ko bagiye mu karuhuko ariko amakuru twaronse amenyesha ko bahunze umutekano muke urangwa mu gihugu.

Umuvugizi w’igisirikare, Colonel Gaspard Baratuze, arondewe n’ikinyamakuru IGIHE, yarabeshuje ayo makuru ko bagiye bahunga umutekano muke, aho yatumenyesheje ko bisunze akamo k’abanegihugu basaba ko umutekano wocungengwa mu kiringo c’amatora, urwego rwo kwivunabansi rwaciye rufata ingingo yo gusubiza abasirikare ku birindiro vy’abo bahozeko muri 2010, gushika amatora arangire.

Ku bwiwe ico nico catumye abo banyamahanga bafata akaruhuko, ariko akizeza ko ivyigwa bizobandanya inyuma y’amatora.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.